Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Abashingamateka 4 nibo CNDD FDD ibura kugira ihindure ibwirizwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > "Abashingamateka 4 nibo CNDD FDD ibura kugira ihindure ibwirizwa (...)

"Abashingamateka 4 nibo CNDD FDD ibura kugira ihindure ibwirizwa nshingiro"

mardi 12 Munyonyo 2013

Mu gihe abanyamigambwe batandukanye n’amashirahamwe ataho yegamiye muvya poritike agize iminsi ashikiriza amakenga ku bijanye n’ihinduka rya zimwe mu ngingo zigize ibwirizwa nshingiro, umukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu nyakuri iragi rya Ndadaye asaba abashingamateka batari muri CNDD FDD, kutazokwemeza ihinduka ry’izo ngingo hatabanje kuba umwumvikano hagati y’abo bose. Yohani Minani amenyesha ko uwo muri FRODEBU Nyakuri azoritora ko azofatirwa ibihano bishobora gushika n’ukwirukanwa mu mugambwe

Muganga Yohani Minani arongoye uyo mugambwe akaba avuga ko, imbere y’uko hahindurwa zimwe muri izo ngingo, abanyapolitike bobanza bagakoranira hamwe, bakaziga bose, kuko ibwirizwa nshingiro riraba abarundi bose, ntiriraba umugambwe umwe, iryo nyene rikaba rigiye mu ngiro ritegerezwa kwisungwa n’abaritoye eka n’abataritoye, mu gihe abashingamateka basabwa n’amategeko baba baryemeje.

JPEG - 85.2 ko
Yohani Minani, umukuru w’umugambwe FRODEBU Nyakuri

Kugira izo ngingo zije mu ngiro, abashingamateka basabwa n’amategeko kugira bemeze iryo bwirizwa nshingiro rishasha, umugambwe uri ku butegetsi ntukwije abashingamateka boryemeza. Uyo mushingamateka arongoye umugambwe Frodebu Nyakuri avuga ko umugambwe CNDD FDD ibura abashingamateka bane kugira, izo ngingo zemezwe. Ayo majwi nayo kugira aboneke akaba yoyasaba abari mu mugambwe w’Abadasigana Uprona, Frodebu Nyakuri canke abari mu murwi w’abatwa, ariko nabo akaba ari batatu.

Asaba abagumyabanga ba CNDD FDD ko boreka gushuhagiza ibijanye n’uguhindura ibwirizwa nshingiro, ariko nyabuna bikabanza guca mu mwumvikano w’abanyeporitike bose, bakarabira hamwe ingingo zohinduka izo ari zo, n’igituma, mu gihe nawe nyene, yemeza ko hariho ingingo zimwe zimwe zohinduka.

Ku ruhande rw’amashirahamwe adaharanira ivyicari vya poritike, bamenyesha ko uko biri kwose ibwirizwa shingiro ridashobora guhindurwa abandi bose batagishijwe inama. Pacifique Nininahazwe, arongoye urunani FOCODE (Forum pour la Conscience et le Développement) amenyesha ko yihweje ingingo zose zitegekanijwe guhindurwa, izigera ku bice mirongo itatu nk’ijana arizo zigiye guhindurwa. Pacifique Nininahazwe ntabona kumwe ivyavuzwe na Firipo Nzobonariba ko muri iyo nteguro ata ntumbero irimwo yo kwongera ikiringo co gutwara umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Kubwa Pacifique Nininahazwe, bamaze guhindura agace k’amajana atatu na kabiri kavuga uko umukuru w’igihugu yatowe, bakavuga ko igihe yatorwa ubwa mbere mu mwaka w’2005 batabiharura kuko yoba yatowe n’abashingamateka, bica vyumvikana ko intumbero ari iyo kwemeza ko yosubira kwitoza mu mwaka w’2015, bagasigura ko agira atorwe n’abanyagihugu.

JPEG - 30.2 ko
Pacifique Nininahazwe arongoye FOCODE

Mu gihe bishoboka ko iryo bwirizwa shingiro rishobora kurungikirwa abanyagihugu kugira baryemeze canke barihakane, bivuye ko abandi banyamigambwe bari mu nama nshingamateka boba bariko baranka ko batazoritora, uwo arongoye ishirahamwe FOCODE amenyesha ko biciye mu ruganda rwatangujwe n’urunani FORSC ( Forum pour le Renforcement de la Societé Civile), bazotunganya inyigisho ku banyagihugu babereke ibiriko birahindurwa kugira iyo nteguro niyarungikirwa abo banyagihugu bazomenye ivyo bemeza n’ivyo bahakana.


Aristide Nizigire na Egide Nduwimana

Messages

  • Erega umutwe umwe ntiwigira inama none bazotinda bavyikorane bonyene burya vyobavyiza bagiyehamwe bakicarana bose bakabiganira

  • Uburundi nubw Abarundi ntago arubwa CNDD-FDD,nibemere bicarehamwe nabandi babyumvikaneho,mbegako bagirubwoba twavugako bakenye politike,barebe neza ibyobategura kuko ntidukeneye indyane zaburigihe zidutwarabacu nivyacu,Umukuru wigihugu yibuke Bibiliya yamasoma kandi yigishabandi ico Imana yakorera Abami batwara nabi.

  • Uburundi nubw Abarundi ntago arubwa CNDD-FDD,nibemere bicarehamwe nabandi babyumvikaneho,mbegako bagirubwoba twavugako bakenye politike,barebe neza ibyobategura kuko ntidukeneye indyane zaburigihe zidutwarabacu nivyacu,Umukuru wigihugu yibuke Bibiliya yamasoma kandi yigishabandi ico Imana yakorera Abami batwara nabi.

  • Ntabwo bajugumira nibemere kwunvikana nabandi kuku uburundi nubwiwacu abanyagihugu subwa CNDD-FDD.

  • CNDD FDD ntaco mutinya nimuje hamwe nabandi muvyumvikanire hamwe kuko ntimubuhindure mwenyene ninkumuntu apfuye adahambwa numuryango wiwe gusa erega ibwirizwa shingiro niry’Abarundi bose sirya CNDD FDD yonyene aho pay attation!!!ndarivuze ndagiyeee...

  • Aba dd ntaco bibabwira ko atari inzira guhemuka ni imbunuza zikwije!!!

  • Aba dd ntaco bibabwira ko atari inzira guhemuka ni imbunuza zikwije!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.