Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abashingamateka b’abarundi bakurikiranira hafi amasezerano ya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Abashingamateka b’abarundi bakurikiranira hafi amasezerano ya (...)

Abashingamateka b’abarundi bakurikiranira hafi amasezerano ya kampala

lundi 25 Ntwarante 2013

Mu ruganda rwateguwe n’ikigo UNHCR kuwa gatatu igenekerezo rya 20 Ntwarante 2013 ku baserukira abanyagihugu kugira bigire hamwe ibiri mw’itegeko rijanye no gukingira no gufasha impunzi ziri mu gihugu, abashingamateka bashikirije ko biteguriye kwemeza ayo masezerano.

Umushingamateka Norbert Ndihokubwayo, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, yamenyesheje ko inama nshingamateka na nkenguzamateka bitwararitse ibibazo impunzi zigira. Yibukije ko izo mpunzi zikwiriye gufashwa kuko benshi muri bo baba mu bukene bwinshi .Izo mpunzi ziba zahawe ubuhungiro na Leta canke n’abanyagihugu, ivyo bigatuma rimwe na rimwe haduka amatati y’amatongo canke ukutumvikana n’inzego.

Umushingamateka Ndihokubwayo ashikiriza ko iyo izo mpunzi ziba zironka ivya nkenerwa bibayabaye nk’amashure, amavuriro nk’abandi barundi bose, ubuzima mu makambi y’impunzi bwokwisununura ndetse no mu bijanye n’amazi meza.

Kubw’umushingamateka André Ndayizamba, ishirwa mu ngiro ry’izo ngingo nk’uko zanditswe mu nteguro y’ayo masezerano, ni inyishu ku bibazo impunzi zihura navyo.
Bizofasha abasanzwe bafasha impunzi n’abakora muri ico gisata kuzitunganiriza. Umushingamateka Ndayizamba aranegura inyifato y’indongozi zimwe zimwe yo gushaka gutahukana impunzi ku nguvu.

Abo bategetsi bompi baribukije ko umukuru w’igihugu yamaze gutera umukono kuri ayo masezerano ya Kampala. Hasigaye ko inama nshingamateka na nkenguzamateka bayemeza.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.