Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abashingamateka ba CNDD FDD n’uwurongoye UPRONA ntibacana uwaka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Abashingamateka ba CNDD FDD n’uwurongoye UPRONA ntibacana uwaka

Abashingamateka ba CNDD FDD n’uwurongoye UPRONA ntibacana uwaka

lundi 13 Nzero 2014

Umurwi w’abashingamateka bo mu mugambwe CNDD FDD wamiriye kure imvugo y’umukuru w’umugambwe UPRONA, Karori Nditije, aho bagiriza uwo arongoye umugambwe w’Abadasigana UPRONA ko asigaye afise umugambi utaramenyekana, mu kurondera gucanishamwo abarundi ku bijanye n’ibikorwa vy’umurwi CNTB ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo.

Mu gihe umukuru w’igihugu aherutse gutera umukono ko tegeko rishinga sentare idasanzwe ijejwe ibibazo vy’amatongo n’ayandi matungo, umugambwe UPRONA wabaye mu mirwi y’abashikirije ko badashigikiye ububasha bwahawe iyo sentare. Umukuru w’umugambwe w’Abadasigana UPRONA, umushingamateka Karori Nditije yaramenyesheje ko adashigikiye ubwo bubasha budasanzwe bwahawe umurwi CNTB (Commission Nationale des Terres et autres Biens). Karori Nditije yashikirije ko n’aho Reta itategekanije indishi y’akababaro ku bari mu matongo n’amatungo baguze batazi ko ari amanyagano, amasezerano ya Arusha yemeza ko ico kigega cari gikwiye kubaho.

"Ugushumbusha abaguze abinyagano batabizi kwoba ari ugutera impigi abarondera kwihagira ivy’abandi."

Umurwi w’abashimgamateka b’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi uriyamiriza ivyo bishikirizwa na Karori Nditije, bakamenyesha ko ibivugwa n’umukuru w’umugambwe UPRONA bitagira ifatiro. Félicien Nduwuburundi, umukuru w’umurwi w’abashingamateka ba CNDD FDD amenyesha ko ku biraba ikigega co gushumbusha, ingingo za 8 na 9 z’ikigabane ca 4 c’amasezerano y’amahoro no gusubiza hamwe y’i Arusha zerekana ko ico kigega coshingwa kugira gifashe abateshejwe ivyabo n’intambara. Abashingamateka ba CNDD FDD babona ko ugushumbusha umuntu ari ukumuronsa ico yifashisha gisubirira ivyo yatakaje kubera amakuba yamushikiye. Nk’uko vyasiguwe na Félicien Nduwuburundi mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, abashingamateka ba CNDD FDD ntibatahura ingene Reta yotekerera abinjiye muvy’abandi, kuko kwoba ari ugutera impigi abarondera kwihagira ivy’abandi.

JPEG - 1.7 Mo
Félicien Nduwuburundi, umukuru w’umurwi w’abashingamateka ba CNDD FDD

Aboshumbushwa ni abanyazwe na Reta gusa

N’aho abashingamateka ba CNDD FDD batemera ko uwaguze itongo atazi ko ari iryanyazwe yoshumbushwa, baremera ko uwanyazwe na Reta wenyene ariwe ashobora gushumbushwa. Umushingamateka Félicien Nduwuburundi agira ati : "Mu gihe Reta yoba yakuye umuntu mu vyiwe, batabanje kumuronsa umuzibukiro nk’uko amategeko abisaba, bikagaragara neza ko ata kubesha kurimwo, uwo muntu yokwitura inzego zibifatiye ububasha. Aho niho honyene Reta ishobora kuzoshinga itegeko rijanye no gushiraho ikigega co gushumbusha abo bantu, ariko umurwi CNTB siwo umuha inshumbusho.

CNDD FDD na UPRONA boba bagira bacanemwo?

Muri iryo tangazo rigizwe n’impapuro 12 ryasohowe n’umukuru w’umurwi w’abashingamateka ba CNDD FDD, vyabonetse ko bameze nk’abakarira umukuru w’umugambwe UPRONA bamwagiriza kurangwa n’akagaye mu mvugo, ukwifatira mu gahanga inzego za Reta n’abazirongoye. Agashavu kaduze gushika aho Karori Nditije yagirizwa kuba ariko abesha abanyagihugu kugira bazomutore mu mwaka w’2015, kandi ko yama ariko avumereza ingwano n’akajagari bisa n’ukuzibura imbugita mu gikomere catewe n’imyaka yose abarundi bamaze mu ntwaro y’umugambwe umwe ariwo UPRONA uramutswa Karori Nditije. N’aho biri uko, muri iryo tangazo ryose, nta na hamwe abo bashingamateka ba CNDD FDD bagirije umugambwe UPRONA, ahubwo babandanya basigura ko Karori Nditije ariwe yinyegeza kw’izina ryiwe inyuma y’umugambwe arongoye mu gushikiriza amajambo afise intumbero itaramenyekana.

Egide Nduwimana

Messages

  • Nta gihugu gitwarwa n’abagabo babiri. Ni hamwe abanyepolitike bama bihindukije mu majambo, ico UPRONA yamaze mu Burundi ntawukiyobewe. Nditije Charles imvugo yiwe yokurwanya CNTB n’uko abanyaze ivy’abandi boshumbushwa, sinumva ico agomba gushika ko. Ahubw’ababibona neza, kimwe na Ngendakumana Leonce, barimenye inda. CNDD-FDD yari ikwiye ahubwo kwiruhutsa kuko yaronse abantu babiyamamariza.

  • Jewe numirwa kumusi kumusi nibibera muri ikigihugu cacu. Ni hamwe nyene umuntu ataronka akanya ko kubaza uwubijejwe mugabo nobaza uwo NDUWUBURUNDI Félicien nti mbega aho mufata Karori kandi afise abaserukira, wewe ivyo uriko uravuga ubivuga kugatwe kawe canke kaba Shingamateka bose baba DD? Bamumenya gutandukanya ibintu. Kenshi iyo umuntu abajijwe ikibazo kikamunanira kwishura arondera abatako amakosa. Niko baraye babigize abo ba DD. Nayo ivyitegeko baraye basigne mumisi 3 gusa, biteye ubwoba nagahinda. Mtakindi rigamije ataruguteranya abarundi nokurondera amajwi bitwaje ko bakoze ibikomeye babikorera abahutu. Mugabo ico bibagiye n’isahurwa ryamatungo yigihugu bariko baragira, nabo bariko barasubizwa muvyabo ntibagira icugufungura, abana biga amashure ataja ntaze, ukwivuza n’ingorane ...Kimwe nuko uko tuzi amasezerano ya ARUSHA, umurwi wo kuvugana ukuri no kunwanisha abarundi niwo wari kubanza kujaho kugira ukuri kumenyekane, uwasahuye asubizwe ivyiwe, uwaguze ibirimwo ingorane atavyazi ashumbushwe n’ikigega kibigenewe. Mugabo twumvirije amajambo bamaze imisi bashikiriza kumaradiyo, birerekana neza ko amasezerano yiyarusha bariko barayahanagura, bafata ivyo bagomba nkuwo murwi wa CNTB akaba arivyo bashiraho hanyuma ivyo batagomba bakavyihoza. Mbe aho uwo Félicien avuga ngo bazoshumbushwa uwanyazwe na Leta, ninde mungorane tuzi uburundi bwagize vyagenze uko?nibareke kurondera inyishu z’ibibazo bidahari, nibarondere umuti w’ibibazo bihari kandi bikomeye kuko ntawuzoheba ivyo yabiri akuya imyaka irenga 30 ngo nuko ababijejwe bagomba kumurenganya. Abo ba DD barazi icabatwaye mw’ishamba...

  • jewe hariho abantu bansetsa... Cdd-Fdd iramutswa igihugu kuko aribo beshi muntwaro ..iyontwaro ivugwa barayigwaniye mbese hari nabo usanga hari nibice vyimibiri vyahitwanywe ningwano..abarundi bahunze igihugu kuva 1972.. kugeza 2003hari beshi muribo baburiye abo bavukana kurugamba hari abagiye kurugamba babitumwe nishavu nimibereho yo mubuhungiro kubera akarenganyo kari mugihugu bigatuma bamana agahinda bafata umuheto baragwana ..nubwo batatsinze ariko batwara igihugu nka 65% ntakintu nakimwe kinezera uwagwanye haba mugufata umuheto canke mukuba maneko canke mugufasha urugamba kubudyo bw’imfungungwa nibindi atari ugusubiza muvyabo ababiteshejwe nokugira i teka kuko ahanini arico bagwaniye.kuba iritegeko dya CNB riciyemwo nintsinzi kubahunguka aribo ahanini barugwanye basaba gusubira muvyabo nokugira iteka mugihugu cabo ntakintu rerop Cdd-Fdd yari kubitura uretse gukora ukwo ishoboye muvyo bagwaniye nibura hakagira ibija mungiro.ijambo dya Uprona ngo akarambaraye ..ntaho kazova kuko ubu ingwano ntishoboka nacanecane iyamatongo kuko hariho abonyene bihagiye amatongo batazi nokuyarima bakurigwana icupa kumunwa riva muvyo banyaze abandi nuwutahunze ngo anyagwe itongo ntibishobora kumuhimbara bityo rero akarambaraye abazokazana kazorambarara kuribo.igitego ca 1 cdd-fdd iracinjije hasigaye ikigira 2 naco nicinjira bazoba batsinze impaga.giramahoro

  • Emwe uwo mukuru wumugambwe UPRONA nagombe yihorero kuko ariko ariha amenyo yabatwenzi. Turiko turumviriza iyo mvugo yiwe agomba guha agashimwe abantu basahuye les biens d’autrui. Ahubwo kubwanje, abo bantu bigaruriye amatungo atari rwabo, bari bakwiye kuriha amahera (les frais de loyer) akwiranye niyo myaka bamaze bidibamiye mumazu batubatse.

  • Jewe ntangazwa nukuntu umuntu ashobora kumara imyaka 40 mubuhungiro ahungutse agasanga inzu yiwe irimwo uwayihagiye, bagaca bavuga uwu musangwa ko bomushumbusha! ahubwa bogira amatohoza basanze yaranyaze bakamusora bagasubiza mwenevyo! Nayo CNTB nikore ivyijejwe, ariko ntihenga.urakoze

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.