Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abashingamateka n’abakenguzamateka b’abakenyezi barahagurukiye amabi akorerwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Abashingamateka n’abakenguzamateka b’abakenyezi barahagurukiye amabi akorerwa (...)

Abashingamateka n’abakenguzamateka b’abakenyezi barahagurukiye amabi akorerwa abagore

lundi 10 Kigarama 2012

Ishirahamwe rihuza abakenyezi b’abashingamateka n’abakenguzamateka rivuga ko ribabajwe n’ingene abatware bo hasi ku mitumba badafasha mu kurwanya amabi akorerwa abakenyezi mu kibano. Rivuga ko rigiye guhimiriza abatware bose kugira bafashe muri ico gikorwa.

Babishize mw’itangazo bashize ahabona, ryahawe amaradiyo n’ibinyamakuru. Abo bakenyezi batowe n’abanyagihugu bidogera abatware bo ku mitumba, abarongoye amazone na ba musitanteri ko ata gushaka bashiramwo mu kurwanya amabi afatiye ku gitsina ashikira abagore.

Berahino Gloriose umushingamateka arongoye iryo shirahamwe avuga ati ’’Iyo umugore yaraye akubiswe mu kibano umukuru w’umutumba arabimenya ariko bica biherera aho, bakabihoyahoya kakaba akamizwe n’ingoma. Kenshi na kenshi mbere, abo barongoye imitumba ntibabivuga mu vyegeranyo baha musitanteri kugira nawe afate ingingo n’ibihano’’.

Avuga kandi ko amabi akunda kwibonekeza ku bagore ari ugukubitwa, gufatwa ku nguvu ku bigeme,kwirukanwa atamategeko akurikijwe, aho usanga umugabo ashora mw’isoko umwimbu wose umugore ntabimenye kandi ariwe yabirimye, guturubikwa n’ibindi.
Asaba abarongoye imitumba kutaba sindabibazwa kuko biri mu bihungabanya agateka k’abatwarwa. Risaba Reta kandi guhimiriza abatware bo hasi kugira bamenye ingene amabi akorwa n’ingene boyarwanya. Iryo shirahamwe rimenyesha ko rigiye gutunganya amanama ku rwego rw’igihugu kugira abantu bose bamenye kurwanya amabi akorerwa cane cane abagore n’abigeme.

Abo bashingamateka n’anbakenguzamateka bahamagarira ubutungane guhana hisunzwe amategeko umuntu wese yokwagirwa n’icaha co gukora vya mfurambi hamwe n’ayandi mabi akorerwa abakenyezi.

Ivyo babishikirije mu minsi 16 yahariwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi, uyu mwaka icivugo kikaba cari ‘’amahoro mu miryango aratandukira n’igihugu’’.

kw’ifoto : Bamwe mubashingamateka b’abakenyezi


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.