Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abatumire muri “Burundi Night” i Kigali bariko barashika - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > Abatumire muri “Burundi Night” i Kigali bariko barashika

Abatumire muri “Burundi Night” i Kigali bariko barashika

lundi 28 Gitugutu 2013

Abarundi baba mu gihugu c’Urwanda barimirije guhurira mu giteramo kibahuza ku munsi wa gatanu igenekerezo rya mbere Munyonyo. Abatumire bazoryosha ibirori muri uwo mugoroba wahariwe abarundi baba muri ico guhugu bamwe bamwe baza bamaze gushika i Kigali. Abatumire baja bariko barashika i Kigali. Big Fizzo, umwe mu batumire, aza yashitse.

Mu Rwanda, mu gihugu kibanyi n’Uburundi, harimirije igiteramo kizohuza abarundi baba muri ico gihugu. Ku munsi wa gatanu itarike 1 Munyonyo akaba ariho hazoba ico giteramo i Remera mw’ihoteri "Sport View Hotel". Uwo mugoroba uzoba uhariwe abarundi baba mu Rwanda ukazoba ugizwe n’ibirori vyo kwiginana hamwe n’ukwerekana umuco w’ikirundi ku batawuzi.

JPEG - 63.1 ko
Fizzo ashitse i Kigali mu Rwanda

Abatumire bazoremesha bakongera baryosha ibirori vy’uwo munsi baja batanguye gushika i Kigali ku murwa mukuru w’igihugu c’Urwanda. Aha twovuga nk’umuririmvyi Big Fizzo yashitse kw’umunsi wa gatanu avuye mu gihugu c’Ubufaransa. Abandi batumiwe kuryosha ibirori mu kwereka akaranga k’ikirundi harimwo umurwi ndanga karanga “Abagumyabanga” biteguye kuhamvya umuji wa Kigali. Uwo murwi ndangakaranga ukazojana n’abatimbo bazovuza umuririsho muri Burundi Night.

Haruhande y’ukwerekana akaranga k’ikirundi, muri “Burundi Night” hateguwe ndetse no kuzoba hari ibifungurwa bikunze gutegurwa mu Burundi.aha twovuga imikeke, indagara n’ivyo bijana. Uwo mugoroba ukaba wateguwe n’ishirahamwe ADIBUR rihurikiyemwo abarundi baba mu gihugu c’Urwanda.


INGABIRE Luc-Noel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.