Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abayobozi b’amabohero n’ibitaro bahamagarirwa kwigenga ubuntu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Abayobozi b’amabohero n’ibitaro bahamagarirwa kwigenga ubuntu

Abayobozi b’amabohero n’ibitaro bahamagarirwa kwigenga ubuntu

dimanche 15 Ruheshi 2014

Ishirahamwe riharanira uburongozi bwiza EPL rirasaba abarongoye amabohero n’ibitaro gutwara neza bigenga ubuntu. Ako kamo gaterwa n’iryo shirahamwe inyuma yaho havurwa abanyororo bashika kuri 4 bamaze kwitaba Imana biturutse kukudahabwa uruhusha rwo kuja kwivuza batarasinzikara.

Ku bimaze iminsi bivugwa ko abanyororo bankirwa uruhusha rwo kwivuza gushika aho bitaba Imana kubera uguteba kwivuza kutabavuyeko, ishirahamwe riharanira uburongozi bwiza EPL (Espoir pour la Promotion du Leadership) risaba abatwara amabohero kwikubita agashi.

Nk’uko uwurongoye ishirahamwe EPL, Pascal IRARIHA abivuga, umuntu naho aba ari mw’ibohero, amategeko y’igihugu na mpuzamakungu aramurekurira kugumana agateka kiwe. Ivyo rero na cane cane mu bijanye n’ukwivuza.

Pascal IRARIHA atera akamo abarongoye amabohero hamwe n’ibitaro ko bokwigenga ubuntu. Yongera kubahamagarira kutisuka mu vya poritike mu kazi kabo. Ku baganga, umukuru w’ishirahamwe EPL, aributsa ko bo bafise n’indahiro barahira imbere yo kwinjira mu mwuga wabo.

Ishirahamwe riharanira uburongozi bwiza EPL, hampande yo gukebura abarongoye amabohero n’ibitaro gutwara neza bigenga ubuntu, riratanga ubutumwa kubaba babuze ababo. Pascal IRARIHA asaba iyo miryango iba yabuze ababo biturutse ku rwangara rw’abayoboye amabohero canke ibitaro ko bokwitura ubutungane. Aha, arongerako ko naho ubutungane muri ino minsi busa n’ubutigenga, ko iyo miryango yotegura ama dosiye. Pascal IRARIHA ati: “ejo canke hirya y’ejo…ubutungane buzotinda bukore”.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.