Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abigeme bafise uruhara ntangere mu kurwanya amabi bakorerwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Abigeme bafise uruhara ntangere mu kurwanya amabi bakorerwa

Abigeme bafise uruhara ntangere mu kurwanya amabi bakorerwa

lundi 28 Gitugutu 2013

Mu ntumbero yo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe umukobwa, igice ca kabiri mu civugo co guteza imbere umwigeme, ishirahamwe ryishinze guteza imbere umwigeme w’umurundikazi, APFB (Association pour la Promotion de Fille Burundaise) ryatunganije uruganda ku banyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi n’ayigenga kugira bahanahana ivyiyumviro ku ruhara rw’umwigeme mu kurwanya amabi akorerwa.

Mu vyirwa vyakozwe, ku mabi abigeme bo ku mashure matomato n’ayisumbuye bahura nayo, harimwo ugufatwa ku nguvu, uguhohoterwa, ukudandazwa mu bushurashuzi, gutwara inda bakiri ku ntebe y’ishure, kwubaka izabo batarakwiza imyaka isabwa n’amategeko, guheba amashure, mbere no kuri bamwe kubw’ingeso mbi bafise bakandura n’umugera.

Joseph Ndayisaba, umuhinga yatanze icigwa kubari muri urwo ruganda, yagize ati : "Ibiharuro vy’abigeme bahohoterwa bagafatwa ku nguvu bakiri mu mashure matomato n’ayisumbuye bigenda vyiyongera ku mwaka ku mwaka, bigeze ubu mu bihumbi."
Muri ico cirwa yatanze, bimwe mu bituma ivyo biharuro biguma vyiyongera, harimwo ukudahana abo baba bakoreye amabi abigeme, amategeko adakurikizwa avuga ukungene uwafashwe yahohoteye abigeme yohanwa, abajejwe indero ku mashure batitaho indero y’abanyeshure, abavyeyi b’abo bana badaha indero nziza abana babo, canke bataronka uburyo bwo kubarera uko vyari bikwiye kumera, abanyeshure ubwabo bagifise ibishobisho vyo guhuza ibitsina, ukudandazwa kw’abanyeshure, hamwe n’ukutamenya agaciro abo bigeme ubwabo bafise, ntibaheze birinda abo baza babahenda.

Kubwa Joseph Ndayisaba, ivyokorwa kugira ivyo bitigiri bigabanuke, n’uko abigeme ubwabo bohaguruka ubwa mbere bakarwanya amabi bakorerwa, abatwara amashure botesha ababikora, mw’ishure ryose hoshingwa uwujejwe kuraba indero y’abamyeshure. Abajejwe igisata c’amashure n’abo ku rwego rwo hejuru boshinga ingingo ruhasha kuri abo bose bazofatwa bakoreye amabi abigeme, bakaraba mbere ko n’izo ngingo zikurikizwa.

Naho ku ruhande rw’ishirihamwe ryishinze guteza imbere umwigeme w’umurundikazi, Larissa Gahimbare avuga ko abigeme babandanya bigishwa ukungene bakwiye kuvuga « oya » mu kwanka abo bose boba baje kubicira ubuzima, maze bakwarwanira agateka kabo. "Umwigeme arakwiye kumenya agaciro afise, akareka kwemera ivyo bamubwiye vyose. Akwiye kuraba icomuteza imbere gusa, ibimwicira ubuzima akavyamira kure yivuye inyuma.

Mwokwibuka ko urwo ruganda rwo kwigisha abo bigeme bari muma kaminuza yo mu Burundi rwabaye uno munsi igenekerezo rya 28 Gitugutu 2013 rwatunganijwe n’ishirahamwe APFB (Association pour la Promotion de la Fille Burundaise). Urwo ruganda ruje rwuhira urwaheruka kuba rwari rwatunganijwe ku banyeshure bo mumashure matomato. Abo banyeshure bahawe inyigisho zo kwikingira amabi bakorerwa. Izo nyigisho zose ziriko zitunganwa mu kwezi kwahariwe guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe umwigeme wama uhimbazwa uko umwaka utashe igenekerezo rya 11 Gitugutu.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.