Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abigeme n’abagore baripfuza gutorana co kimwe na basaza babo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Abigeme n’abagore baripfuza gutorana co kimwe na basaza babo

Abigeme n’abagore baripfuza gutorana co kimwe na basaza babo

jeudi 6 Ntwarante 2014

Abakenyezi benshi ntibabona kumwe ikibazo c’ukunganisha ibitsina ariko barahuriza hamwe ko hari hakwiye ishirwa mu ngiro ry’itegeko ribaha uburenganzira bwo gutorana co kimwe n’abasaza babo.

Bamwe mu bapfasoni baganiriye n’ikinyamakuru IGIHE baridoga ko haheze imyaka myinshi cane Reta zama zirengagiza gushiraho amategeko ajanye no gutorana ku bakenyezi n’abigeme. Umupfasoni Ndayishimiye C. yaganiriye n’ikinyamakuru IGIHE we avuga ko ivyo ukunganisha ibitsina ataco vyoba bivuze mu gihe hatabayeho ugutorana ku bigeme n’abakenyezi. N’aho kuja muri poritike ari kimwe mu bituma umukenyezi w’umurundikazi aronka aho avugira naho afatira ingingo, ariko ntibikwiye kuko mu gihe ata buryo afise, azokwama ahohoterwa. Uwo mupfasoni asaba abavyeyi ko n’aho iryo tegeko ritarashirwa mu ngiro, ko boza baribuka ko abana bose bangana kugira n’abigeme batorane nka basaza babo.

Mariya chantal Nahimana, umudandaza nawe avuga ko ku bwiwe vyari bikwiye ko umwigeme atorana co kimwe na musaza wiwe. Ariko ivyo kunganisha ibitsina wewe abibona ko bigoye, kuko abagabo bataremwe co kimwe n’abakenyezi, mbere n’imico iratuma bidashoboka. Agira ati : "Mu buzima bwa ruguru biragoye ko habaho ukungana hagati y’abagabo n’abagore. Aratanga uturorero, aho avuga ko nko mu mico y’ikirundi ata mukenyezi yurira inzu ariko arasakara, canke yurire igiti ariko arasenya. Abona ko ku bize bishoboka, kuko akazi gakorwa n’umugabo gashobora n’ugukorwa n’umukenyezi nk’uko abandanya abimenyesha. Uwo mupfasoni we aratandukanye n’abandi, kuko avuga ko vyari bikwiye ahubwo ko bokwunganirana mu bisata vyose yaba mu ndero y’abana, mu rudandazwa, hako boshaka kuja ku rugero rumwe.

Umwe mu bakenyezi basanzwe baharanira agateka k’abandi bakenyezi, Béatrice Nyamoya aremeza ko mu gihe amategeko ajanye no gutorana ku bakenyezi yoshirwa mu ngiro, ko vyofasha gusumvya. Umukenyezi yohatorera akoyokwe, kuko umwanya wose azomara adafise uburyo, azokwama ari inyuma. Nk’uko Béatrice Nyamoya abandanya abimenyesha, akenshi usanga abo bakenyezi batagira n’ico bagwatiriza yaba mu dushirahamwe two kuguranana canke amabanki bisigura ko bigoye ko batera imbere.

JPEG - 52.3 ko
Béatrice Nyamoya

Ku bijanye n’umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi wama uhimbazwa uko umwaka utashe ku genekerezo rya 8 Ntwarante, abo bakenyezi barawushima, bakavuga ko ari akaryo keza ko kuganira bagahanahana ivyiyumviro ku vyerekeye amabi akorerwa abandi bakenyezi bagenzi babo, hamwe n’ingene boyirinda. Ni akaryo kandi ko kwibutsanya n’abagabo ko batoza barabahotera bitwaje ko babasumvya inguvu.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.