Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abiyamamaza, umurindi si nk’uwa mbere - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Abiyamamaza, umurindi si nk’uwa mbere

Abiyamamaza, umurindi si nk’uwa mbere

samedi 20 Ruheshi 2015

Amatora y’abashingamateka hamwe n’abahanuzi b’amakomine ariko arategurwa kuri uyu wa 29 Ruheshi, imwe mu migambwe ibandanya kuyiyamamariza, ariko mu bundi buryo.

Mu mugambwe FNL wemewe n’ubutegetsi, Jacques Bigirimana awurongoye, akaba yabariye abanyagihugu bo mu Ruyigi ko, hamwe botora ubwato bwabo, buca bakira umukungungu, akaba yabemereye kuzobubakira ibarabara rya kijambere. Jacques Bigirimana kandi, akaba yavuze ko bari biteguye bihagije ku matora ya mbere y’abashingamateka n’abahanuzi b’amakomine, naho ayo yaciye yungururizwa ku rindi sango, ndetse akamenyesha ko hakoreshejwe uburyo bwinshi, ari naco gituma muri iki kiringo ca kabiri, umugambwe arongoye uriko ubonana n’abarongoye abandi, co kimwe n’ukwiyamamaza ku nzu ku nzu, mu kwitegurira amatora yo kuri uyu wa 29 Ruheshi.

Ku rubuga imigambwe yiyamamaza ntiboneka ku bwinshi. Mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, naho nyene baremeza ko abiyamamaza batari ku murindi nk’ubwa mbere. Edouard Nduwimana umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, avuga ko abantu barushe kubera imyiyamamazo ya mbere, n’uburyo bwakoreshejwe muri iyo myiyamamazo bwari bwinshi.


IGIHE

Messages

  • Igihe soyez precis kuko turakeneye ukuri: tubwire amazina y’imigambwe iboneka kuri terrain.Mutubwiye CNDDFDD-FNL Jacques-UPRONA Gaston-COPA??? tuba tubizi.Baza plutot opposition twumve ico bavuga gutyo abanywanyi bamenye ingene bitegure kuko leta yavuzeko bariko bariyamamaza muga ntabo tubona kand hasigaye indwi imwe!!!??turakeneye inkuru itomoye apana propagande

  • uwo bigirimana nahende abanya ruyigi nyene ngira bo bomwumva ariko Imana ihora ihoze amatongo yabandi yariye yo mukanyosha akongera akiba umugambwe ashigikiwe na duwarudo,aramanza ace amabarabara mukamesa no mugikoto iyavuka areke kubesha abo muruyugi:iyo buba ubwumwe bwarikindi!

  • Nahende abandi. nayo abarundi twaraciye ubwenge, be na edward amanyanga yabo azoteba aje ahabona

  • Uwobigirimana baramuhenze akokicandaro kogufatumugabwe wamuzehe.bakawuha umuntawzi buryabarundi tubonanimugire nkomuburundibwose afisemwobahe?ninvugoziwe uwonimbon.rkur pee

  • Uwobigirimana baramuhenze akokicandaro kogufatumugabwe wamuzehe.bakawuha umuntatawzi buryabarundi tubonanimugire nkomuburundibwose afisemwobahe?ninvugoziwe uwonimbo n.rakure pee

  • Uwobigirimana baramuhenze akokicandaro kogufatumugabwe wamuzehe.bakawuha umuntatawzi buryabarundi tubonanimugire nkomuburundibwose afisemwobahe?ninvugoziwe uwonimbo n.rakure pee

  • EMWE BIGIRIMANA NAW NIGITANGAZA NGO AZOKORA AMABARABARA YA KIJAMBER!HUUU ARABANZA YUBAK IWABO AREKE IWACU MU RUYIGI.JACQUES BANZ UVUGAN NABAGNZAW MUDUH AMAHORO.

  • bigirimana igikoresho tekereza ntabamwanyi ugira namba ni zelo

  • Baratakaje umwanya n’amahera: baguze ibirwanisho, bakoresha amahera yokwiyamaza! Uko n’ukwiyahura! Teshwa mute, ntibishoboka ko mukomeza guhambirira amaboko i mugongo abene Burundi.
    Farawo, haragezeko
    Abisirayeli tujabuka ikiyaga gitukura, nawe ningabo zawe mutwarwe n’ikiyaga! Tuve inyuma ntupfe! Uraba wumva Nkurunziza niwe ubarirwa!
    Akataretse kaba gasema!

    abisirayeli tujabuka mwe

  • Baratakaje umwanya n’amahera: baguze ibirwanisho, bakoresha amahera yokwiyamaza! Uko n’ukwiyahura! Teshwa mute, ntibishoboka ko mukomeza guhambirira amaboko i mugongo abene Burundi.
    Farawo, haragezeko
    Abisirayeli tujabuka ikiyaga gitukura, nawe ningabo zawe mutwarwe n’ikiyaga! Tuve inyuma ntupfe! Uraba wumva Nkurunziza niwe ubarirwa!
    Akataretse kaba gasema!

    abisirayeli tujabuka mwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.