Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ADC Ikibiri na CNDD-FDD guhuza kwabo kuri kure nk’ukwezi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > ADC Ikibiri na CNDD-FDD guhuza kwabo kuri kure nk’ukwezi

ADC Ikibiri na CNDD-FDD guhuza kwabo kuri kure nk’ukwezi

jeudi 16 Rusama 2013

Mu kiganiro giheruka guhuza abanyepolitike babiri ku mboneshahure Renaissance kuri uyu wa 15 Rusama 2013, vyaragaragaye ko guhuza hagati y’umugambwe uri kubutegetsi n’imigambwe ihurikiye mu runani ADC Ikibiri biri kure nk’ukwezi.

Muri ico kiganiro citabwe n’umushingamateka Festusi Ntanyungu asanzwe arongoye ihuriro ry’imigambwe akaba kandi ari mu mugambwe CNDD-FDD hamwe n’umushingantahe Chauvineau mugwengezo umuvugizi w’urunani ADC ikibiri akaba kandi asanzwe arongoye umugambwe UPD Zigamibanga, ishami rimwe mu mashami abiri agize uyo mugambwe, camaze iminota mirongo itandatu, barashoboye kwemeranya bose ko amatora yo mu mwaka 2015 abwirijwe gutunganywa neza n’aho intambamyi zozo zihora zibonekeza hagati y’ukwutumvikana hagati y’iyo migambwe.

Ntanyungu avuga ko amatora ariko arategurwa k’umugaragaro kandi neza ku buryo at’akangonongono kazibonekeza muri ayo matora, Ariko ivyo bikaba bihakanwa na Chauvineau Mugwengezo avugira ADC Ikibiri.

Mugwengezo rero yererekana intambamyi nyinshi zihura n’abari mu migambwe ataho yegamiye mu vya politike bahurikiye mu runani Ikibiri. Yavuze ko kubuzwa kugira amanama ku rugero rumwe n’umugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD aho bashatse n’igihe babishakiye, bibababaza cane kuko n’iyo bagize ngo bararonse uruhusha, Imbonerakure zo mu mugambwe uri kubutegetsi ziba zamaze kuhashika kugira zibaburagize.

Mugwengezo atanga akarorero k’umugambwe Sahwanya Frodebu wateguye kugirana inama n’abayoboke b’umugambwe wabo mu ntara ya Bubanza haraheze indwi imwe, maze bakaburagizwa n’urwaruka rw’imbonerakure rwaje mu kivunga rwitwaje imipanga kugira batere ubwoba abari bamaze gushika mu ngoro y’amakoraniro, mu gihe no muntara ya Bujumbura, benshi bita Bujumbura Rural naho nyene vyagenze uko.

Kuri ivyo vyagirizwa abari mu mugambwe uri kubutegetsi, Festusi Ntanyungu avuga ko amategeko ategerezwa gukurikizwa kandi imigambwe ihurikiye mu runani Ikibiri ikamenyera n’ayo nyene gukurikiza amategeko.

Mugwengezo amenyesha ko amategeko umugambwe uri kubutegetsi ushaka kwisunga ari amategeko abuze umwidegemvyo abanyagihugu.

ADC Ikibiri ibandanya imenyesha ko umugambwe uri k’ubutegetsi ubafata nk’abansi b’igihugu, mu gihe bari bakwiriye gufatwa nk’abandi banyagihugu bose bafise ico boterera mu bijanye n’iterambere ry’igihugu.

Kubijanye n’ingene amatora yo mu mwaka w’2015 yoba meza kuruta ayo mu mwaka w’2005 hamwe n’ayo mu mwaka w’2010, Ntanyungu yamenyesheje ko amategeko azogenga ayo matora yomenywa na bose na cane cane abatsinzwe.

Mugwengezo we yagumye agaruka k’ukuntu imigambwe igize urunani Ikibibri itoguma ifatwa nk’urunani ruhurikiyemwo abashingantahe n’abapfasoni barwanya Leta, ahubwo ko ari abantu bari ng’aho mu gufasha gukura igihugu aho kigeze ubu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.