Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ADDPEA : "Abageze mu zabukuru barakwiye kuronswa amategeko abagenga" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > ADDPEA : "Abageze mu zabukuru barakwiye kuronswa amategeko abagenga"

ADDPEA : "Abageze mu zabukuru barakwiye kuronswa amategeko abagenga"

mercredi 2 Gitugutu 2013

Gukumirwa, kwinubwa, kurenganywa, kubura abashingwamanza bababuranira, kutaronka akaryo ko gutora mu matora, ni bimwe mu ngorane abageze mu zabukuru bagifise. Aho ni mu gihe ku myaka bafise hari hageze ku bitabwaho gusumba nka kurya kw’abana bato kuko ubuzima bwabo bubangamirwa cane.

Nkuko vyama bigenda uko umwaka utashe, umunsi mpuzamakungu wahariwe abageze mu zabukuru urahimbazwa kw’isi yose. No ku munsi w’ejo hahise, Uburundi bwarifadikanije n’ibindi bihugu mukuwuhimbaza.

Mu Burundi, ibirori vyo guhimbaza uwo munsi mpuzamakungu watunganijwe n’ishirahamwe ADDPA (Association pour la Defense des Droits des Personnes âgées) mu ntara ya Gitega. Hari hatumiwe abageze mu zabukuru bagera ku majana ane bavuye mu mihingo yose y’intara ya Gitega no mu micungararo yaho.
Ivyo birori kandi vy’uwo munsi vyari vyitabwe n’abatumire batandukanye, nk’abashingamateka babiri batowe mu ntara ya Gitega, umuhanuzi wa buramatari w’intara, uwaserukiye umwungere wa Diyoseze ya Gitega, abari mu nama nkuru y’abashingantahe, uwaserukiye urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivya politike (FORSC), abakozi ba ONPR(Office Nationale pour la protection des Retraités),abihebeyimana, n’abandi batumire.

Uwashikirije ijambo ry’uwo munsi yarashimiye cane ishirahamwe ADDPEA kubikorwa ridahengeshanya gukora mu gushigikira abageze mu zabukuru. Yahamagariye abantu bose, ku rwego rw’igihugu, kurushirizaho kwitaho abo begeze mu zabukuru na cane cane mu kubumviriza atakubakumira. Muvyashikirijwe, haravuzwe ikibazo c’uko abageze mu zabukuru bataronswa akaryo ko gutora mu gihe c’amatora. Kubw’ivyo, basavye ko batokumirwa, ko nabo bobaronsa ayo mahirwe kugira batore nk’abandi, mbere baronswe n’amaradiyo yo kuza barakurikiranira hafi ibintu batarinze kubaza.

JPEG - 29.4 ko
Furera Elysée Ndihokubwayo, arongoye ishirahamwe ADDPEA

Furera Elysée Ndihokubwayo, arongoye ishirahamwe ryiyemeje gukingira agateka k’abageze mu zabukuru (ADDPEA), agira ati : « Abantu bageze mu zabukuru, n’abantu babangamirwa n’amagara make. Barugarijwe cane n’ubukene, ubunyakamwe butuma mbere benshi baca bapfa kare. Ikindi naco, n’abantu bakunda guhura n’ingorane zitari nke zijanye n’ubutungane. Nk’akarorero, ku kibazo kijanye n’amatati y’amatongo, abageze mu zabukuru, barakunda kurenganywa kuko baba batazi amategeko abagenga, bakabura mbere n’abababuranira ».

Asaba Leta ko hoshingwa amategeko agenga abageze mu zabukuru kugira ntibasubire kurenganywa, kubaronsa abashingwamanza bababuranira mu gihe barenganijwe. Amavuriro abaronsa imiti, mbere nabo nyene bashobore kuvurwa ku buntu nkuko vyakozwe ku bana batarashikana imyaka itanu na rirya nabo nyene baba bameze nk’abana mu kurwaragurika.

Ikindi Furera Elysée asaba, nuko mu bibazo biraje inshinga Leta y’Uburundi, hokwigwa ikibazo c’abahunguka bageze mu zabukuru baba batakicibuka iyo baturuka. Kubera, iyo bahungutse, haca hagaruka kandi ca kibazo c’amatongo yigarurirwa agifise ba nyeneyo.

Mwomenya ko hano mu Burundi hakiri ikibazo c’ibibanza vyakirirwamwo abageze mu zabukuru na rirya ikibanza cemewe n’amategeko gushika ubu ari kimwe gusa mu gihugu. Ico naco akaba ari c’abene Tereza. Ikigo cakira abagera kuri 54 baba basabiwe n’abihebeyimana baho.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.