Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Agathon Rwasa amenyesha ko atatumiwe mu nama ya ADC Ikibiri - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Agathon Rwasa amenyesha ko atatumiwe mu nama ya ADC Ikibiri

Agathon Rwasa amenyesha ko atatumiwe mu nama ya ADC Ikibiri

lundi 25 Munyonyo 2013

Agathon Rwasa avuga ko ariwe akirongoye umugambwe FNL, amenyesha ko atigeze atumirwa mu nama abarongoye imigambwe ihurikiye mu runani ADC Ikibiri bagize, inama yavugiwemwo ibitari bike harimwo ugutanga umwe kugira aze abaserukire mu matora yo mu mwaka w’2015, no guhamagarira abanywanyi babo kuja mu mabarabara hamwe Reta yoshikana iminsi 14 itarikubita agashi ku bijanye n’ihinduka ry’ibwirizwa nshingiro.

Rwasa avuga ko ivy’iyo nama nawe nyene yavyumvise ku nsamirizi, aca abandanya amenyesha ko hamwe muri ADC bobona ko igikuru ari ukwo boza baramuha icegeranyo c’ibikorwa baba bagize adatumiwe atakundi, azobifata ukwo nyeme, ariko akamenyesha ko ikimuraje ishinga kuruta ibindi ari ukwo umugambwe wiwe avuga ko washwanyaguritse wosubira nk’uko wari umeze, maze umugambwe FNL ukitaba amatora yo mu mwaka w’2015 akajagari kawurangwamwo kaheze.

Igisigaye kukaba ari ukumenya namba Agathon Rwasa azemera ingingo zaraye zisomwe n’umupfasoni Alice Nzomukunda yahoze ari icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu akiri mu mugambwe CNDD FDD, ubu akaba arongoye Urunani rw’imvugakuri ADR. Muri izo ngingo yasomye ku bw’urunani ADC Ikibiri asanzwe arimwo, uyo mupfasoni akaba yavuze ko urunani ADC Ikibiri ruzotanga uwuzoruserukira umwe, rutange urutonde rumwe rw’abazitoza kuba abashingamateka n’abandi, rugahamagarira abipfuza kuja muri izo nzego zose kwo imiryango yuguruye. Ikindi muri urwo runani bavuga , ni ukwo bagiye gukora ibishoboka vyose, intwaro ya CNDD FDD igaherana n’ibi biringo bibiri imaze ku butegetsi.

Mu runani ADC Ikibiri bakaba bavuga ko Agathon Rwasa azoronswa icegeranyo c’ivyo bashitseko muri ayo masezerano, ni ukuvuga ivyateweko umukono n’abakuru b’imigambwe yose ihurikiye mu runani ADC Ikibiri.


Aristide Nizigire

Messages

  • ADC ntimutinye nagato, komera, rwasa nawe ntimumukumire kandi turazi ko mwese, twese turuhijwe n’ubusuma, ubwicanyi...rwasa wacu turizeye ko ko nawe buca asinya, kuko nyamwigendako ntarimira impeshi

  • Uyu yasinye ,aba ntibarasinya ….Ivyo ntibidusamaze ngo Nduwimana aronke aho aduca ,igikuru muri vyose nukuja mwibarabara tukaba inkinzo y’ibwirizwashingiro ryacu aba Cndd fdd ntibagire ibwirizwashingiro iryabo .Ico co kuja mwibarabara nico kiza ubwambere.Mudutere akamo gusa ,amabarabara ya Bujumbura turayuzura yose nkumusenyi wa Tanganyika.

  • Rwasa akava hamwe n’abandi arasezera Politique atacamira!Ahubwo naje hamwe n’abandi asabeko batsinze azoba Umukuru w’inama Nshingamateka!Bamuhe n’urwandiko!Sinon arasezera atacamira!Kandi araziko atahejeje amashule akwiye kuza arifadikanya n’abandi!

  • musaramureka cndd-fdd izobatwaravyankavyakunda nayokwiyumvirako adc izopfaitwayigihugu ninkukwifuzaimpundunk’imbwa!mugiyemwibarabaranaho tuzoberekaingeneintamazambarwa!

  • Nashaka ndababwire hari abantu baba bandika ibintu bitanezereza:hari umuntu yitwa ngo ni Shirira:yandi ngo tuzobereka niba batazi uko intama zambarwa:nibabe bitonda kandi ico mwomenya biragoye gusega uwo wimye kndi ngo ntanvura irwa idahita...abo mubigira nabo barabibona ntimugire ngo muzobamara bose:hanyuma ico noterera ADC bakore bitonze Imana irababona ngo ntawabaye umuhizi ataciye mubikomeye:Mutama Agaton nawe irambire

  • abo muri ADC-ikibiri vyabananiye peee!!mbega inguvu basigaranye muri politike nizo guhamagarira abantu babo bake bafise ngo baje mw’ibarabara kwicarayo?ehe ushima politike yabananiye,muntara 17 bakindira ibujumbura gusa hashashe,muzindi ntara ntibajayo,ikindi naco ehe Agathon Rwasa yabavuyemwo,we ntibasubira kumusuka nko muri 2010 agata ikibanza yari yaronse mumatora,ikindi imigambwe 8 irimuri ADC-ikibiri irabanako atanguvu ifise kugira itsinde CDD-FDD arinaco gituma iriko yiginga iyindi migambwe yoyifasha politike.Abo muri ADC-ikibiri pole saana mwihangane politike ntiyoroshe.

  • Rwasa sumwana arazi ivyo ariko arakora,harya aba Fnl nibo bazoba buzuye amabarabara .Rwasa agomba akine umupira nkuwa Uprona na Cndd fdd .Rwasa ndazi neza ko ari kumwe na ADC IKIBIRI mbe mubona haraho bari guterana amajambo ahaaaa,barikumwe nyene

  • Haraho mbabaye kubona haraho usanga Rwasa mengo yikanga ko abomukibiri bomwigizayo! Canke akabonako atabaye mukibiri yobataye agaciro muvyukuri rekandababwire ibintu bibiri vyokorwa naba FNL Umugambwe urikubutegetsi ukagirubwoba nimigambwe yomukibiri akacicugango ivyacubirarangiye kandi FNL gutsindamatora ntivyobabikiri indoto nimuvyumverero: Aba FNL bose kwikuramwo kuvugango uwotwemera kwabumukuru wa FNL nuyu canke nurya aboroheje nabahambaye bakishirimwo gusubirana bakibumbira murukundo rwa FNL atarurukundo rwa Rwasa canke rwa Yakobo bosebakabonako bakeneraniye habuzemwumwe bobabatakaje inguvu za FNL mazebagatangariza abarundi namakungu kobiyunzevyukuri. 2 Bakongera bagatangariza abarundi namakungu ko hariho ibitagendaneza muri reta iriho uyumusi atikandi ADC ikibiri abarundi mumenyenezako ntahogishobora kuzobashikana mugaca muregerangahonyene mugukora protique ya FNL mazemukirebera abaribasanzwe mumigambwe irikubutegetsi nabo muri ADC ukuntubisukira muri FNL ntacobuza muri 2015 itsinzi itaba cash! nayonimwagumwa mwayomafuti ya ADC nayamajwi mwaronka muri 2010 ntayomuzoronka kandi kugerunomusi nubwomwoteranya iyomigambwe yomuri ADC ntakibuza DD itobesura Iconokwibutsa Rwasa nukoyogabanura kwishinga abavugango reta iguma ibacamwo ibice ahubwo nasubizinyuma abwenge yibuke uwamubwiye ngo tuvemumatora uwoniwemwasi wa FNL gusumba uwatanaboneka mwitako abacamwo ibice.

  • NONE MWEBWE ABANYIGIHUGU MWOGUMA KUMIRIMO YANYU,MUKARIMA,MUKORORA KIJAMBERE MUKAREKA ABA BANYE POLITIQUES KUKO KWISI YOSE NTA MU POLITICIEN ARIHO AZAKUGIRIRA IVYO USHAKA KUKO SIWE WAMURUNGITSE GUKINA POLITIQUE NIWE YIRUNGITSEYO KUGIRA AKIZE UMURYANGO WIWE NONE WEWE MUTOYA UBITAMBIKIZAMWO WUNGUKE IKI?

  • Uko biri kose nta Rwasa ndota mpa ijwi ryanje, ni nk’uko na Pita atazopfa ndamutoye. Mwihangane si jewe. Ni mwebwe.

  • Emwe ivyo imigambwe biragoye ni mureke abo vyega bivugire ariko ahari amajwi menshi murahazi,singombwa mute amajambo

  • Emwe ivyo imigambwe biragoye ni mureke abo vyega bivugire ariko ahari amajwi menshi murahazi,singombwa mute amajambo

  • MbegaAgato abanyamurenge yahonyeje mugatumba azobagenza gute?

  • Twebwe abanywanyi b’Ugambwe FNL tuyoboka Kizigenza wacu L’homme Fort AGATHON GWASA tukavuga ko tumwemera tukemera n’uburongozibwiwe n’a mategeko agenga Umugambwe wacu wa FNL twe tukavuga duti mumwanya Uburongozi bw ’Umugambwe wa FNL bwofata ingingo kuri ibi canke biriya ntakibuza tuzozishira mungiro kuko twubaha Indongozi zacu tukubaha n’Amategeko agenga Umugambwe wacu wa FNL murumva rero haracarikare kumenya ibi canke biriya
    Ikindi naco ngo Abanyamurege mbega abapfuye m’UBURUNDI n’Abanyamurenge gusa? none Abarundi na Abarundikazi bapfuye tuze tubabaze nde? Aba FNL bapfuye n’ubu bagipfa tuze tubabaze nde? Umukuru w ’Igihugu yapfiriye Mugihugu kibanyi we tuzetumubaze nde? Murumvarero ibibazo biri MUBURUNDI sabanyamurenge gusa n’abandi n’abandi bari navyo
    Barayamaze bati UWUSHAKA KUKURYA NTABURA IMBOGA AGUKOZA
    KANDI UWUGUTUKA NTAGUTORERA
    Ico nobabwira co Umuntu wese azi kahise k’UMUGAMBWE WA FNL ukiri PALIPEHUTU FNL guhera mwishingwa ryawo ibiriko biba ubu ntivyomuca intege
    Ndangije mvuga nti
    UMWANA YANKWA NIWE AKURA
    KANDI AGATI GATERETSWE N’IMANA NTIGAHENUGWA N’UMUYAGA
    N’idusangwe FNL Amizero y ’Abarundi bose

  • reka dusenge ivya politique tubirekere abazungu kuko ntaco tuzoshikako batabishatse

  • Tekereza basha mwemere CNDD-FDD ibatware, ibubakire amashure abana banyu bayigemwo kubuntu, yubake ibitaro abagore banyu babivyariremwa kubuntu, n’abana bavyawe kubuntu bace bavurwa kubuntu gushika kumyaka 5, kumyaka itandatu baje mwishure bige kubuntu, bashitse mu wa gatandatu bose bimuke muwindwi bige gushika muwicenda maze uwubona adashoboye kubandanya abone kuja kugira imigambi yiwe, vyumvikana ko mumyaka 20 abarundi bose bazoba arincabwenge, bashoboye kwishingira imigambi ibateza imbere. CNDD-FDD HONYORA KWIVORA !!!!!!!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.