Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Aho bukera barasubira muri yegereyegere - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Aho bukera barasubira muri yegereyegere

Aho bukera barasubira muri yegereyegere

lundi 17 Munyonyo 2014

Abanyeshure bo mu gisata ca gatatu c’ubuvuzi, baragabisha ko guhera kuri uno wa kabiri, bagiye gusubira muri yegereyegere bari bahagaritse mu kwezi kwa Myandagaro, nk’uko biri mu rwandiko bandikiye umuyobozi wa kaminuza y’ Uburundi Gaston Hakiza.

Muri urwo rwandiko,abo banyeshure bagira bati nyakubahwa, ntitwigeze duhengeshanya kubibutsa haba mu makete canke mu mibonano twagiye tugirana ivyo tubasaba ahanini bituraje ishinga. Ica mbere n’uko abanyeshure biga mu wa mbere, muri uno mwaka w’ishure bategerezwa kuronka amasezerano yo kuronka imfashanyo iva mu bushikiranganji bubijejwe gushika baheze amashure yabo. Ikigira kabiri basaba n’uko abahejeje uwa kabiri, bari bakwiye kuronka agafashanyo kabo kugira bashobore kuja kubandanya inyigisho zabo mu mahanga, nk’uko babandanya babishikiriza.

Abo banyeshure babandanya bagira bati :’’ Twashaka kubibutsa nyakubahwa muyobozi wa kaminuza y’ Uburundi , ko mu rwandiko uwurongoye igisata c’ubuvuzi muri kaminuza y’ Uburundi yari yabandikiye kuwa 30 Gitugutu, yari yasavye ko mwosabira abo banyeshure bo mu mwaka wa mbere, nabo kugira bashobora gutunganirizwa bakaronka agafashanyo kabo guhera mu ntango z’umwaka w’ishure 2013-2014.

Abo banyeshure bavuga ko vyihutirwa mbere na cane cane ku banyeshure biga mu mwaka wa kabiri kugira baronke imfashanyo kugira bashobore kuja kubandanya amashure yabo hanze , na cane cane ko umwaka wa gatatu atawuhari hano mu Burundi.

Bivanye n’ivyo vyose basaba abo banyeshure bakaba bamenyesha ko bahisemwo gutangura yegereyegere guhera kuri uno wa kabiri, igenekerezo rya 18 Munyonyo. Mbere guhera ubu umunsi ku munsi wa kabiri bazokwama bahagarika ibikorwa vyose gushika ibibazo vyabo bitorewe inyishu nk’uko babandanya babishikiriza muri iryo kete ryo kuwa 12 munyonyo uno mwaka.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.