Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Akarere k’ibiyaga binini kahagurukiye amabi akorerwa abakenyezi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Akarere k’ibiyaga binini kahagurukiye amabi akorerwa abakenyezi

Akarere k’ibiyaga binini kahagurukiye amabi akorerwa abakenyezi

mardi 14 Rusama 2013

Abamenyeshamakuru bo mu karere k’ibiyaga binini, bari mu nama i Bujumbura kuva kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 13 Rusama 2013, mu ntumbero yo gukorera hamwe kugira barwanye amabi akorerwa abakenyezi.

Abo bamenyeshamakuru rero bagiye kuraba ubuhinga bushasha bokoresha mu ntumbero yo kurandurana n’imizi amabi akorerwa abapfasoni asa n’yabaye ndanse muri ibi bihugu biri mu karere k’ibiyaga binini.

Bamenyesha ko gukorera hamwe mu guhanahana amakuru canke kuja hamwe mu nyigisho, bizotuma batorera hamwe umuti wo kurandurana n’imizi ako karanda.

Nk’uko umupfasoni Mariya Makurata Ingabire yabimenyesheje muri iyo nama, avuga ko kurandurana n’imizi amabi akorerwa abakenyezi, biri mu migambi nyamukuru abakuru b’ ibihugu vyo muri aka karere biyemeje gushira mu ngiro mu nama yabahuje mu gihugu c’Ubuganda mu mwaka w’2011.

Umupfasoni Ingabire asanzwe arongoye ihwaniro ry’abakenyezi bo muri aka karere, arangiza avuga ko aravye intumbero y’abakuru b’ibihugu bo mu karere k’ibiyaga binini bafashe yo gushigikira kurwanya ugufata ku nguvu abakenyezi canke ayandi mabi bakorerwa, canke akaraba umwete aba menyeshamakuru bo mukarere bafise mu kurwanya ayo mabi, avuga ko bitebe bitebuke ayo mabi agiye gutuzwa bidatevye.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.