Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amabanga mato mato yo m’urukundo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Amabanga mato mato yo m’urukundo

Amabanga mato mato yo m’urukundo

samedi 19 Nzero 2013

Umuntu yogira gute kugira agume yiyumvamwo uwo akunda? Umuntu yoguma akunda umukunzi wiwe gute naho hoba haheze igihe kinini batari kumwe?Ibi ni ibibazo abantu bakunda kwibaza ariko bigoye kuronkera inyishu.

Kubwa Richard E.Lucas na bagenziwe bo mw’ishuri kaminuza y’i Michigan umunezero umuntu agira inyuma yo kwubaka urugo umara imyaka itarenga ibiri. Inyuma y’amezi 24 rero abantu baca bagaruka ku rugero rwabo rwa mbere ari urwo umunezero canke umubabaro.

Kubwa Docteur Sonya Lyubormisky umwigisha w’ivyigwa vy’inyifato kw’ishuri kaminuza ry’i Californie,yemeza ko kwiyumvamwo umuntu bimara akanya gato. Mu gitabo ciwe gishasha "Les mytes du bonheur" asigura ko umuntu yama yisunga ibintu vyiza gusa.

Twama rero twisunga ibintu bituma twumva tumerewe neza ivyo rero kandi ngo bikaba bituma ubuzima hagati y’abantu babiri buhagarara.Abize ivyigwa vy’inyifato ivyo bavyita "l’adaptation hedonique" bisigura ko ibintu bitanga umunezero ntibimara umwanya munini.Kugira rero ibintu bitanga umunezero bimare umwanya munini Sonya aratanga ivyo umuntu yocako:

Kwama umuntu yibuka igituma akunda umukunzi wiwe

Ibi bituma umuntu adafata uwundi nk’igikinisho ariko bigatuma agomba kwama agendera kuri ca kintu catuma amukunda.

Gukorera ikintu cose umukunzi wawe ubanje kuciyumviriyako

Iyo ukoze ikintu ukagikorera umukunzi wawe utiyumviriye ushobora gusanga ukoze ikintu kimubabaza bigatuma umunezero umara umwanya muto.

Gukorakora umukunzi wawe igihe cose uburyo bubonetse

Urashobora kumukorakora mu mugongo,ukamusunika n’ikiganza ugashira ukuboko ku bitugu vyiwe.Kubwa Docteur Lyubormisky ngo iyo ukorakora umuntu bituma ubumwe bwari bugiye gutakara bugaruka,rero ngo birakwiye ko wokorakora uwo ukunda ku neza y’urukundo.

Gushigikira agaciro,intumbero n’indoto y’umukunzi wawe

Nezerwa kubwo umukunzi wawe ubishizemwo inyungu n’umunezero.Ku baba bakundanye bari mu munezero avuga ko hari imvugo zitanu nziza n’imiburiburi kw’ijambo rimwe rivuzwe nabi bisigura ko uvuze ijambo rimwe ribabaza umukunzi wawe uca uvuga atanu amuryohera. Ku baba batanezerewe ijambo rimwe ryiza rijana na rimwe ribi.

Ubwa nyuma muganga Lyubormisky avuga ko umuntu yoza arandika ahantu uko igitondo kije ivyo vyose. naho vyoba bito vyotuma umukunzi wawe anezerwa

Aho rero ni udukorwa duto nko gusangira ijambo ry’Imana,kumutwengera ibi bikaba vyotuma abakundanye bibera mu munezero.


Mugisha Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.