IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Amwe mu majambo wokoresha mu gihe uriko uraganira n’umukunzi (...)

Amwe mu majambo wokoresha mu gihe uriko uraganira n’umukunzi wawe

mardi 2 Mukakaro 2013

Ikiganiro kigizwe n’amajambo yuzuye urukundo (utujambo dusosa ni bumwe mu buryo bwifashishwa kugira ngo ushobore kunezereza uwukunda mu gihe muyaga kuko umutima ukunda uba ukeneye cane bene ayo majambo meza .Aha rero hari amwe mu majambo wobwira umukunzi wawe akanezerwa ariko ukoresheje umunwa wawe udakoresheje telefone canke inyandiko, kuko iyo wivugiye ijambo n’akanwa kawe bituma uwo uribwiye aryakirana umwizero.

Mu gihe ukoresha amajambo asosa, ubikore umutima uri hamwe, udatinya kuko utavyitondeye wosanga vyotuma uwo uyabwira abona ko uriko urabesha canke harico umuronderako.

Hano hari amajambo amwe amwe yogufasha kuryohereza uwo ukunda, ukamunyurwisha ko umwemera kandi nawe bikamukomeza mu rukundo.

Mu gihe muriko murayaga rimwe na rimwe umubwire uti:

Ivyo nkora vyose ni ukugira nzobane nawe ubuzima bwanje bwose,

Inzahabu zose na diyama ziri kw,isi ntivyogura urukundo umutima wanje ugufitiye.

Ni jewe navukiye kuzokumara amosozi nkakuryohera ukagubwa neza nkakuzungurutsa mu murima wanje w’urukundo

Urukundo rwawe rwarantwaye umutima.

Nabaye nk’umusazi kubera wewe

Sinshobora guhagarika ku kwiyumvira

Sinshobora na rimwe gutera agahinda umutima wawe canke mu maso hawe ngo hareke gutemba ibitwenge bisubirira amosozi.

Sinshaka kuvyuka kubera indoto nziza mbamwo hamwe nawe :

Iyo turi kumwe numva ntekanye.

Namaze kubona ibanga rikomeye muri wewe

Ndakunda cane kuyaga nawe

Ndakunda uburyo unkunda

Nshimira Imana yo yakunzaniye mu buzima bwanje

Ndipfuza kumarana nawe ubuzima bwanje bwose

Ico ari co cose nzosabwa ngo mbandanye kugumana nawe nzogitanga.

Naguhaye umutima wanje wose, umubiri wanje, n’ivyiyumviro vyanje vyose

Nzojana nawe ku mpera z’isi mu gihe uzoba ukinkunda

Sinshobora kukurutisha uyundi muntu uwariwe wese, amafaranga canke inzahabu.

Nzopfuma nca mu bikomeye vyose ariko mbane nawe.

Ndasaba Imana kugira ngo ikunzanire vuba hashoboka

Nzokwitangira muri vyose nihagira igishaka kukubabaza

Namba kugukunda ari icaha nzemera mbe umunyavyaha

Nimba urukundo ari ubuhumyi sinipfuza kwongera kubona umuco w’umunsi

Ubuzima ntagufise ni nko kuja kuryama warangiza ukarota nabi canke nturote neza

Kugukunda ni nko kwibera muri paradizo canke mw’ijuru

Kugukunda bindyohereza ubuzima

Gukundana nawe vyatumye umutima wanje wuzura ivyishimo n’umunezero

Umutima wanje uratemba amosozi iyo utari hafi yawo

Ni wewe rukundo rwanje, uri umutima wanje ni nawe buzima bwanje

Nta wundi muntu yonkunda nk’uko unkunda.

Nta kintu na kimwe cohagarika urukundo rwanje

Ooh rukundo rwanje uri mwiza kuri jewe

Uburyo unyambira n’uburyo unsoma (kisses) ni ivy’agaciro kurusha inzahabu

Kuyaga nawe ni nko kunywa ku muzabibu (Wine) uryohereye, ibi kandi nivyo nipfuza ibihe vyose

Igihe tumarana ni nk’urukino rwiza amahera adashobora kugura

Iyo turi kumwe ivyago vyanje vyose bica bihunga

Iyo nkwitegereje nkubonamwo umuntu w’agaciro

Amajambo ntabwo ahagije ngo ngusigurire ingene ndagukunda

Ni wewe muganwakazi canke umuganwa w’umutima (prince) wanje.

Uri indirimbo ituma umutima wanje uririmba

Ni wewe nari naripfuje mu buzima bwanje

Uri igice c’ubuzima bwanje gituma numva mbaye umuntu yuzuye

Ni wewe mugabo canke mugore w’indoto zanje

Ni wewe muntu anezereza cane namenye

Nta kindi nkwipfuzako kitari urukundo, amahoro n’ivyishimo

Watumye nuzura amahoro muri jewe

Watumye niyumva nk’umuntu w’agaciro

Ndumva nipfuza kugusoma kuva ku mutwe kugeza kw’ino

Umfata nk’umuganwa canke umuganwakazi bigaca bituma ngukunda n’umutima wanje wose.

Ni wewe muntu ugira imico n’imigenzo myiza nabonye kuva nabaho.

Urukundo rwawe rumeze nk’ibuye rinini ridashobora kumeneka

Urukundo rwawe ni rwiza sinshobora kwiyumvira kuja ahandi

Iyo untwengeye utuma amosozi yanza mu maso asubira iyo avuye.

Iyo unkojejeko intoke zawe numva ninjiye mu yindi si

Bene aya majambo y’urukundo ni menshi ku buryo uwoyadondora atayaheza, ikindi kandi buri muntu wese agira ayiwe abwira umukunzi wiwe kuko buri wese agira uburyo bwiwe bwo gukundana.

Urukundo rutagira amajambo meza barugereranya n’amata n’umurima w’amashurwe atavomereye kuko amajambo y’urukundo atuma umuntu ashobora kuvuga ikiri ku mutima, bigatuma kandi ubuzima buryoha bukamera neza

Gerageza kubwira uwo ukunda amwe muri aya majambo kandi ntihazogire uguhenda ngo yanka kubwirwa amajambo meza kiretse iyo uvuga ibitandukanye kure n’uko umeze kandi uze ugerageze ubwire umukunzi wawe amajambo akuvuye ku mutima, ivyo bizotuma uwo ukunda yumva akunzwe kurusha abandi bose.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.