Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bafashwe bagiye guhimbaza umweranda batashoboye kuvuga izina - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Abakristo > Bafashwe bagiye guhimbaza umweranda batashoboye kuvuga izina

Bafashwe bagiye guhimbaza umweranda batashoboye kuvuga izina

lundi 29 Ndamukiza 2013

Igipolisi co mu ntara ya Ngozi carasubiriye gufata kw’igenekerezo rya 27 Ndamukiza 2013 abandi bayoboke ba Zebiya bagera ku majana abiri bari bagiye mu kibanza c’i Businde, guhimbaza umweranda batashoboye kuvuga izina.

Abo bayoboke bose baciye basubizwa mu bibanza baje bavamwo, kiretse abagera kuri bane bafashwe nk’indongozi z’abo bayoboke. Harimwo umucamanza umwe, abigisha babiri bo mu mashure yisumbuye, n’intwazangabo yo mu gisirikare c’Uburundi. Uwo mucamanza ari mu bafashwe azwi kw’izina rya Karori Ntagwarara, yahoze ari icariho c’umushikirizamanza mukuru wa Repubulika.

Abo bane basigaye mu minwe y’igipolisi bagirizwa kuba aribo barongoye abiyita abayoboke ba Zebiya, baja gusengera mu kibanza c’i Businde mu ntara ya Kayanza. Ico kibanza c’i Businde umwigeme Zebiya Ngendakumana akaba agifata nka ceranda.

Tubibutse ko abagera ku majana abiri aribo bamaze gucibwa imanza z’umunyororo na sentare yo mu ntara ya Kayanza, umunyororo uva ku mezi atandatu gushika ku myaka itanu, bagirizwa kugarariza ingingo y’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ibabuza gusubira kuja gusengera mu kibanza kiri i Businde.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.