Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ijambo "ihangane" rirashavuza abagore - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Ijambo "ihangane" rirashavuza abagore

Ijambo "ihangane" rirashavuza abagore

jeudi 11 Ndamukiza 2013

Ntanarimwe vyoroha kushobora guhagarika ugushwana hagati yawe n’umukenyezi iyo yagize ishavu ryinshi.Mugabo iyo mudashaka kwunyura ibintu mu gatuma umukenyezi wanyu yumva amerewe nabi ntuze wigere uvuga ngo ihangane.

Nimba hari amajambo abakenyezi bakunda kwumva hari n’ayandi atuma baba abandi bantu bagashavura iyo uyababwiye.Iryo jambo ni ihangane’’umubwiye gurtyo urashobora kurara nabi iryo joro.’’IHANGANE ‘’ako kantu ukabwiye umukenyezi wawe wibaza ngo niko kagomba kagufashe kugira ishavu riturure ,ahubwo usanga rifise izindi ngabire zose havuyemwo iyo guhoyahoya.\

Ukudatahurana kwa mwese

Umuganga paul Hokemeyer ,umuhinga mu vyerekeye kuvura abubakanye ari I New York arasigura ;Abagabo bama bashaka kwumva ari bo bokora ibishoboka vyose kugira baheze ayo matati baba bagiranye uwo mwanya.Iyo rero umukenyezi yashavuye abagabo barakunda guca bababwira ngo ihangane mu kigoro ko kugira bareke gushavura bakibagira ahubwo ko bunyuye ibintu.

Ariko ijambo ihangane umenga ryari rikwiye muri ico gihe kandi kenshi usanga ariryo rica riza ubwo nyene mu mutwe iyo hari ukutumvikana mu rugo nk’iyo uwo mwubakanye yagushavuriye cane kuko wibagiye isabukuru y’umusi w’amavuka yiwe kubwo impamvu kanaka ,kenshi wama usanga haje rya jambo nyene ihangane canke mbabarira,azoca yumva ko utabitahuye.Kubwa Hokemeyer ,abagore bama bafata iryo jambo kenshi ko uwo bubakanye yafashe ko ishavu ryiwe ataho ryari rifatiye.Aho rero umukenyezi arababara cane .

Aho rero kwakutumvikana guca gucika kunini

(...) Ijambo ihangane ryerekana ko uba umweretse ko yashavuye cane.Uba wamaze kubona ko yashavuye ntibiba bikenewe ko umutuma agatoke ko wabibonye ishavu ryiwe bituma ashavura gose kandi. Nta muntu numwe kw’isi akunda ko bamubwira ivyo ariko ariyumvamwo canke ngo bamubwire ibigumbagumba yarakwiye kugira muri uwo mwanya.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.