Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bamwe mu bashingamateka ba UPRONA basabirwa kwirukanwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Bamwe mu bashingamateka ba UPRONA basabirwa kwirukanwa

Bamwe mu bashingamateka ba UPRONA basabirwa kwirukanwa

jeudi 4 Ruheshi 2015

Mu mugambwe UPRONA ishami rya Concilie Nibigira, bamenyesha ko bagiye gusaba inama nshingamateka ibirukanire bamwe mu bashingamateka.

Ku va indyane mu mugambwe wa Rwagasore zitanguye ndetse n’imanza zigasasa, eka n’izaciwe bikanka ko zishirwa mu ngiro, amashami abiri yaciye avuka, rimwe ryemewe n’ubutegetsi n’irindi ryemewe n’abagize inama nkuru y’uwo mugambwe yatowe mu mwaka w’2009.

Umukuru w’abashingamateka b’umugambwe UPRONA Gasutwa Bonaventure

Igice kinini c’abashingamateka bashigikiye inama nkuru y’uwo mugambwe yo mu mwaka w’2009 mbere bakanashigikira umushingamateka Karori Nditije ko ariwe mukuru w’umugambwe, bakaba batasubiye kuronka uburenganzira bwo gukandagiza ikirenge ku Mugumya, ingoro y’uwo mugambwe.

Abo bashingamateka barongowe n’ukuru w’abashingamateka b’umugambwe UPRONA Gasutwa Bonaventure bakaba batahengeshanije kwagiriza umugambwe CNDD FDD ufashijwe na Edouard Nduwimana umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, ko aribo bafashije Concilie Nibigira mu kubasamburira umugambwe, no mukubagena indongozi z’umugambwe kandi zidatowe n’ikoraniro ryemewe n’amategeko.

JPEG - 60.3 ko
Edouard Nduwimana umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Yaba mu mugambwe uri ku butegetsi canke umushikiranganji w’intwaro yo hagati, bose bakaba bariyamirije ivyo bagirizwa n’abo bashingamateka, ahubwo bakavuga ko ari ingorane uyo mugambwe wamanye ku va kera.

Amatora yo mu mwaka w’2015 yegereje, abo bashingamateka bari kumwe n’umukuru w’umugambwe UPRONA ishami rya Karori Nditije hamwe n’abandi badasigana batandukanye, bakaba baciye bitegurira amatora, mu kugira urunani hamwe n’umugambwe FNL wigenga, urongowe na Rwasa Agathon. Kuva ico gihe amakuru ikinyamakuru IGIHE cagiye kiraronka, akaba ari uko amakete mu nama nshingamateka yoba yaranyuragiranywe, yo gusaba Piyo Ntavyohanyuma umukuru w’inama nshingamateka ko yobakurira abo bashingamateka, bagasubirizwa n’abandi, ariko uwo nawe akaba yaranse.

Umwe mu bashingamateka b’umugambwe UPRONA akaba yatumenyesheje ko abashigikiye umupfasoni Concilie Nibigira ivyo babisavye kuva kera, ko ariko bitabakundiye, ku bwiwe akavuga ko ari indoto.

JPEG - 49.3 ko
Gaston Sindimwo, umunyamabanga mukuru wa UPRONA ishami rya Concilie Nibigira

Twobamenyesha ko umunyamabanga wa UPRONA ishami rya Concilie Nibigira, yabariye abamenyeshamakuru ba television y’Uburundi ko bagiye gusaba inama nshingamateka ikirukana abo muri uyo mugambwe bose bari ku ntonde z’urunani amizero y’abarundi bagasubirizwa n’Abadasigana. Gaston Sindimwo, umunyamabanga mukuru wa UPRONA ishami rya Concilie Nibigira, akaba yavuze mbere ko hari n’abashingamateka muri abo basabira kwirukanwa baburagije Abadasigana mu bikorwa vyo kwiyamamaza nk’i Muramvya n’i Mukike.


IGIHE

Messages

  • Mbega Ko Bagir’ubwoba.Consiliya Niyemere Bahiganwe Na Yves Tuzorabe UWufise Ico Yamaze I Muramvya.Mbega NTAVYOHANYUMA Niwe Bagomba Kugira Ikiraro?Urunani Ruzir’amoko Mizero Y’abarundi Nibakure Ivyo Birwanisho Mw’izo Mbonerakure Ducange Ikarita Uwufise Bwana Ayikine.

  • Iyo TV avugirako hari igihe ejo izoba ivugirako uruhande rwa Nditije na Ngayimpenda kuko mubihe vya politique turimwo ubu nibo bafise inguvu z.amategeko (15 parl sur 17) ninaba ntihenze. Ibisigaye ni indoto.CNDDFDD aho igeze ubu iramaze kubona amakosa yakoze muguha ijambo abantu ata bashingamateka bafise.Inyungu yashaka kiriya gihe ubu zaheze kuko hagezweho imikenyuro ya serieux.Nta erreur borwamwo nivyubu batarabona neza iyo bija.
    Ibi je ndavyita akaborerwe kubutegetsi canke urwenge rwa politique.
    Reka amatora azoba turabe nubwo harivyo twamaze kubona kumasanamu aca kuri tv. Uwufise abantu ntanduru atera!!Ko CNDDFDD itidoga??! je nabonye n’i bujumbura bariyamamaje!?? Eeh erega hariho abari bishimye ngo bagiye kuronk ibibanza mu myaka itanu izoza kubera babona umenga amatora azoshoboka abandi batarimwo!!!Mbe basha n’ubu ntibaratora ubwenge ngo babone ukuri!!! Simba imanga

  • Uyu mugore afite ubwenge bwinshi. Kuko ntabwo ari intagondwa nka Nditije

  • Ico kirogorye Sindano Gaston arasubiriye kuvuga??!! Ninde yamubwiye ko ari umudasigana wa UPRONA? uwo ni umu CNDD/FDD aile Nibigira Concilie.

  • Urumugabo nibakureke

  • naho mwoshaka mukareka gupfa ubusa uprona ntawuzoyitora sauf cndd.fdd ibahayeko dukeyi nayahandi porona warafuditse .

  • komera gaston mwebwe muri abatutsi biyemera nimwe muziahigihugu kigeze. abifatanije na rwasa nibihuna njawe!

  • GASTO TENYENYA GATO AKARI INYUMA KARAHINDA MWEBWE MWAGIZE INDA NDENDE KANDI MUZIKO IHUMIRA INDYA NTAKINTU KIBABAJ KUBA URUMUNTU WIJUNJA NIJAMBO UKABA UGISEGEREZA IVYO TUGIYE KUVYURUKANA NTAKIBANZA TWOBIHA MUGIGU CACU DYA IVYO UHAMBIJE!

  • NDABONAKO ABOBASHINGAMATEKABATOKWIRUKANWA AHUBWOHOBINAMAYOGUSHIRAHAMWE

  • Umugambwe wabadasigana UPRONA washinzwe na RUDOVIKO RWAGASORE urazwi aho uri nayo uyo urongowe na Consilie nico kivagundu Gaston nuwabafyeta mu kibuno Peter Nkurumbi ntabadasigana barimwo

  • mwarafyese amavyi y’inkona muyasomeza amaraso y’abenewanyu muhemutse!!rindira gato mubone

  • Mbeyemw umuntu arahez ikiringo ntabimenye?concilie nabiw mandat yahez kuwa 26 rusama.

  • iyo ni ipro dd twarayihinyuyee hiihhiiihhii upro dd oyeeeeee

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.