Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Berlin : Igisata c’ingenzi casubiriye gutera iteka Uburundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > Berlin : Igisata c’ingenzi casubiriye gutera iteka Uburundi

Berlin : Igisata c’ingenzi casubiriye gutera iteka Uburundi

mardi 11 Ntwarante 2014

Uburundi bwafashe ikibanza ca kabiri mw’ihayanishwa mpuzamakungu ry’ivyerekeye igisata c’ingenzi, ryabereye i Berlin mu Budagi (foire internationale de Berlin ITB).

Uburundi bwatwaye ikibanza ca kabiri muri Afrika mw’ihayanishwa ryabereye mu gihugu c’Ubudagi i Berlin, nk’uko intumwa z’Uburundi zari zirongowe n’umsuhikiranganji Marie Rose Nizigiyimana, umushikiranganji w’ubudandanji w’ amahinguriro n’ingenzi zabimenyesheje.

Ibisata vyinshi hamwe n’amashirahamwe, bikaba vyari yitavye iryo hayanishwa. Aha twovuga igisata c’amahoteri hamwe n’ingenzi, ARFIC, OTB (office du the du Burundi ,API ,Tour Operators n’ayandi. Igisata c’ingenzi cinjiza amafaranga atari make mu gihugu c’Uburundi, akaba ari naco gituma igisata c’abikorera utwabo gitegerezwa gukora cane, kugira kigume gisahiriza Uburundi muri ivyo bikorwa vyo gufasha kwakira ingenzi, no gutegura ibibanza vy’ukuruhukiramwo bimeze neza, kandi bijanye n’ibihe tugezemwo.

Ivyahayanishijwe ku rwego rw’Uburundi muri iryo hayanishwa, vyarashimwe cane kuko bifise ivyo vyisangije, uko bakirana mu Burundi , ingoma z’Uburundi hamwe n’intambo kavukire vyaranezereje abantu. Ikindi naco, ni uko abagendera ibibanza abarundi bariko barerekana ivyo bahingura banezerwa cane, na cane cane iyo bahonjeje akayi ko mu Burundi hamwe n’inyobwa z’abarundi na cane cane akuki.

Ibikoresho vyerekana akaranga k’Uburundi vyarerekanywe muri iryo hayanishwa bimwe vyaratangwa ku buntu, ibindi navyo bikadandazwa, abarundi bakaba bari bagiye bitwaje amazi ava mw’isoko rya Nil.

Tukabamenyesha ko Uburundi bwari kuba bwatahanye ikibanza ca mbere, iyo ataba utugorane tw’integuro bagiye bagira. Abarongoye ubushikiranganji bw’ubudandaji, amahinguriro n’ingenzi, bakaba bijeje ko muri kazoza bazogenda bafashanya n’abo mu buserukizi bw’Uburundi baho i Berlin, kugira bashobore gutunganya ico gikorwa neza.


Floxella Karire

Messages

  • Iyi ni inkuru nziza ku Burundi, tubandanye gukeza abaserukiye igihugu cacu muri iryo higanwa kuko berekanye ko umwizero ugihari naho hari abarazwa ishinga no gucafuza isura y’igihugu batitayeho na gato icoza giteza imbere igihagararo c’Uburundi mu makungu. Tuzoguma dutera imbere, Burundi terimbere

  • Ni byiza ko mwabaye abakabiri hanyuma Bashingantahe mwe ko mutavuga ko uwabaye uwambere, kandi ari igihugu cyi gituranyi u Rwanda.

  • Bavuga ayamuhe dukora ibibahesha iteka;bazoteba bikubite agashi bakwirikire abandi mu bikorwa bihesha iteka igihugu.
    Ndibazako Leonce yoba yumvise iyonkuru n`ikibiri ciwe

  • Iyo Mme NDIKUMANA Victoire yari kuba akiri Ministre twari kuba aba mbere kuko nivyo twari tumenyereye muri iyi myaka iheze.

  • Uburundi ni igihugu kiriko gitera imbere cane mu vyingenzi n’akaranga kandi benshi bazohava bagifatirako akarorero!!! Ndakej caane iyo ntambwe nziza igezweho. Ndakebuye n’abaguma bashaka gutoba gusa ngo dusubire inyuma ko n’Imana Itovyihanganira URETSE TWEHO BANTU BAGENZI BABO!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.