Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bimwe mu buryo bwotuma mugumana n’uwo mukundana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Bimwe mu buryo bwotuma mugumana n’uwo mukundana

Bimwe mu buryo bwotuma mugumana n’uwo mukundana

jeudi 18 Ndamukiza 2013

Urukundo n’ikintu kigoye muri ino misi ya none, kenshi na kenshi uzosanga urukundo arirwo gwifatiye ikibanza, uravye mu ndirimbo ziririmbwa.
Mu rukundo uje ukora ivyiza vyose bituma uwo mukundanye yiyumvira ko afise agaciro. Ivyo ubikora wifashishije ubu buryo:

1. Mufate neza

Burya umukobwa yiyumva nk’umwamikazi iyo umwugururira umuryango canke iyo ashatse kwicara ukamuha agatebe, ivyo bimuha umunezero, bigatuma urukundo agufitiye rwiyongera.

2. Mwubahe

Muhe icubahiro ntumufate nk’uko ari igikoresho cawe kandi wame wiyumvira ko utamufashe neza canke umwubahe ko umwanya n’umwanya ashobora kuguheba.

3. Mutwenze

Ugutwenza umukunzi mukundanye birafise akamaro, Iyo rero ugerageza kumutwenza ubudasiba, bituma anezerwa kandi ashaka ko muba muri kumwe kugira ube uramutwenza.

4.Muhe impano zitandukanye

Muganirire impano rimwe na rimwe. Bimuha icizere ko n’igihe muzobana, utazokwigera umwibagira, ko muzosangira utwo mufise twose, Kumuha impano bifise akamaro kanini, kandi ntiwibagire imisi mikuru nka Noel, Pasika, canke itariki mwakundaniyeko, canke igihe yavukiyeko, ntuze wibagire kumuha impano kuri iyo misi, uko yobairi kwose. Iyo mpano ntitegerezwa kuba ari iy’amahera menshi. Ni karya kantu gasanzwe keza cane akantu ashobora kwambara canke kugendana.

5. Umuhamagare ku gaterefone kandi umuyagishe neza wirinda kwihariza ijambo

Ntihahere umusi wose utavuganye canke ngo umurungikire ubutumwa bugufi kandi uje umwitaba umwubashe.

Ikindi nyamukuru, uramubera umwizigirwa muri vyose ivyo uzobikora ubimwereka gutya:
Muserure imbere y’abantu
nk’iyo muri mu mugwi w’abantu muganira, muhamagare nawe aze musangire ikiyago.
Ntumunyegeze(mwishimire)
Ntuze wigere umunyegeza. Ufise agaterefone shiramwo ifoto ziwe.
Ukoresha facebook ntutinye kubivuga. Mumenyekanishe ku bavyeyi bawe n’abagenzi bawe.
Nturenge akarimbi
Mu bintu uterenga akarimbi ni iyo uriko uramubwira ivy’abakunzi mwakundanye, wirinde ntumurutishe canke ngo umugereranye nabo muvyo uvuga, ahubwo umubwire ko ico arico cose abaruta.
Canke nk’iyo uriko uravuga abandi bakobwa, canke abakobwa b’abagenzi biwe, wirinde ntuvuge ko bamurusha ubwiza canke ikindi icarico cose.

Uze uramwereka ko no kuba womwitangira ari ibintu bitoyi: Gerageza kumenya canke kwumvikana n’abagenzi biwe canke abavyeyi kugira ngo ubone ingene wisanzura iwabo.

Arwaye canke yahuye n’iyindi ngorane mu buzima, mwiteho birushirije, bizotuma abona ko no mu ngorane utamutererana, bimutere kutazokwiyumvira uwundi.
Muri rusangi umukobwa wese aba ashaka kwitabwaho cane n’umukunzi wiwe kandi ivyavuzwentibibwirwa abasore gusa n’abakobwa birabaraba kuko igikorwa co gukundana gisaba ko impande zompi zivyerekana.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.