Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bubanza : Urwandiko rwa CNDD FDD rutavuga imigambi y’abanyagihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Bubanza : Urwandiko rwa CNDD FDD rutavuga imigambi y’abanyagihugu

Bubanza : Urwandiko rwa CNDD FDD rutavuga imigambi y’abanyagihugu

vendredi 13 Ruhuhuma 2015

Mu rwandiko ruherutswe gutegurwa n’umukuru w’umugambwe CNDD FDD mu ntara ya Bubanza, uretse y’uko rutagiramwo umugambi n’umwe wokwerekwa abanyagihugu ingene boshike kw’iterambere, ahubwo rwigisha amacakubiri.

Muri urwo rwandiko rwateguwe n’umukuru w’umugambwe CNDD FDD mu ntara ya Bubanza, umushingamateka Juvenal Havyarimana, akaba yateguye kwigisha Abagumyabanga, Imbonerakure hamwe n’Abakenyererarugamba ko abakeba babo ari amaradiyo nka RPA, Isanganiro, Bonesha, Renaissance, amashirahamwe amwe amwe ataho yegamiye muri poritike, inani z’imigambwe nka RANAC na ADC Ikibiri hamwe n’ukubamenyesha ibihuza abanyeporitike muvya poritke nka Nditije Karori, Rwasa Agathon, Sinduhije Alexis, Minani Yohani n’abandi.

Muri izo nyigisho yanditse mu rurimi rw’ikirundi, Juvenal Havyarimana akaba yakoresheje imvugo z’insaku, imvugo ziteranya, imvugo z’amoko, eka mbere imvugo zibutsa amarushwa abarundi bagiye baracamwo. Uwo mushingamateka akaba yandika ko abakeba vyabataye ku wamazi gushikira ubutegetsi biciye mu ntambara, mu ziherutse kubera mu ntara ya Cibitoke. Aha tukabibutsa ko kugeza n’ubu Reta imenyesha ko itazi umurwi wateye. Muri urwo rwandiko nyene, uwo mushingamateka yibutsa amabi avuga ko abahutu bakorewe n’abatutsi, aho avuga ko ubwoko bw’abatutsi bwiga bwonyene, abahutu bakiga ari bake, ndetse n’uwutoye ikibazo ca Reta ari umuhutu agatabwa mu mashure y’imyuga kugira ntaze ashike muri kaminuza.

Muri urwo rwandiko, umuntu akaba yokwibaza icofasha umunyagihugu azingamitswe n’ubukene butagira izina, inyigisho zimwibutsa amabi abarundi baciyemwo y’amacakubiri, ibivugwa ko abatutsi bakoreye abahutu canke abahutu bakoreye abatutsi, canke amwigisha ibihuje abanyeporitike nk’umushingamateka Nditije Karori, Rwasa Agathon, Sinduhije Alexis, umushingamateka Minani Yohani n’abandi, aho kwigisha umunyagihugu w’i Bubanza uko yoza ararya urufi arwirobeye, n’ukwikura mu buja bw’ubukene bumwugarije.

Mukamenya ko urwo rwandiko rwemerwa n’uwo mushingamateka co kimwe n’umugambwe CNDD FDD muri rusangi. Umushingamateka Juvenal Havyarimana akavuga ko uwobabazwa n’urwo rwandiko yoja kumwitwarira.


Aristide Nizigire

Messages

  • Atari gutanakwishavu n,uguhengama ,ivyubwoko yigishije biri hehe,gusa ukuri kuravuna,ahubgo murarabe ukuntu mwohindura iyo titre yiyi nkuru si non muhava mwerekana iyo muhengamiye.Reka ukuri kuvugwe nihuburundi buzokira

  • yoooooooooooh!!!!!!! yooooooooooooo! ndumiwe ntababesha. mbe uyo nu mu DD ariko avuga ivyo???? hahahahahahah! wewe araronse aho akwiza ivyo avuze. aaaaaho uwovuga amabi mwakoze muriyi cumi iheze ubona vyoba ibitabo bingahe? ???nyishura wewe nyene wavyanditse, yoooooo mbe kuki yavyanditse mu kirundi? kugira ba bandi bose ntavuze babisome ubona ko aribo benshi. ubu rero aba DD barera nta kosa, nta no gusubiranamwo?????? hahahahahah, RADJABU ari hehe? MANASE ari hehee? jewe nabaheeeeeevye ipu. igihe dushirireko utundi dusigaye tube turitwengera.

  • mu vyinshi yanditse harimwo ukuru mubisanzwe yprona yarakoze amakosa cane mugutwara igihugu ihengamiye kubwoko rero vyatumye abahutu bakurana inzigo ni nzankano mbi kuburyo bizotwara umwanya muremure ariko ubu sigihe co kwibutsa amagogwa abarundi baciyemwo ahubwo buri umugambwe ushire imbere polituque yokubaka igihugu iterambere no kugwanya ubukene bushisha buri muburundi

  • IVYO YAVUZE VYOSE JEWE NDAVYEMERA KUKO GRAND PERE YISHWE 1972 AZIZWA NGO ACIYE UBWENGE,IBINTU YARI AFISE VYACIYE BISAHUGWA URUKOMBA AMAZI HARIMWO N`IMODOKA. MON PERE YIGA MU W` 11 ACA AHEBERA AHO ISHURE KUKO ABASODA BABASANZE MW’ISHURE KUBICA AGIRA IMANA WE ARATOTOROKA...PERE AVYARA MAMA YAHUNZE 1965 BAGOMBA BAMWICE, ONCLE N`ABANDI...IMIGANI YIKIRUNDI IRARYOSHE ARIKO JEWE NAKUZE NTAZI UMUGANI KUKO NTARONSE UWUNYIGISHA. ABATUTSI BOSE SIBO BANGIZE IMPFUVYI ARIKO RETA YICO GIHE YATWAGWA N`UMUTUTSI NIYO YABIKOZE. RETA YUBU HARIMWO ABARYA IBITURIRE BITEYE UBWOBA, AKAZI GAHABWA NKUNZI ARIKO HOBA UBU. UBUKENE BWO NAHO HOKWIMA TON FRERE WOTANGARA. NIHABE AMAHORO IVYO KURYA TUZOVYIRONDERERA. NDIMUBURUNDI NDAHAKUNDA. ABAGWANA BAGWANISHE POLITIKE NAYO ABAZOZANA INTAMBARA YEMWE NTACO UMUNTU ACERA TUZOKWEMERA TUGWEYO KUKO NABACU BARISHWE ATACO BAZIRA. MURAKOZE KUMPA UMURONGO

  • Mbe igihe.bi ko mutandukanye cane na igihe maison mere ariyo igihe.com? Ndagomba kubona umusi igihe.com igira critique kuri fpr canke ibikorwa vyayo. Mu burundi ni ikirimbiro rya bose, ibidashoboka iwabo baza kubikorera mu burundi ho rwitaha!

  • Murakoze
    nagira ngo nkebure Aristide, nasanze utegerezwa kuba ukiri umu stagiaire muri kino kinyamakuru.Analyse politique ntazo aramenya.Mbega ico ukemye kuri iyi nyandiko nikihe?Abanyamauru bakiri bato baca biga gucira amate kuri CNDD FDD, kuko arivyo babonyebakuru baabo bagira ahandi, kandi atarivyo biyumvira. Mbe mwene ma, Petit frere, mbe hoba hari ikinyoma iri kete ryoba ryavuze i? None amajambere wifuza, ntava mu kuja nama, hanyuma inyuma y’ihanahana ry’ivyiyumvira abantu ntibiipanga bagashira mu ngiro impanuro baronse mu nama??..Ngaha,biraboneka ko wewe ata exerience uragira muri developement...

  • igihe.bi mera nka maison mere igihe.com ureke kurwa mu mutego wa ba politiciens burundais

  • nivyo abatutsi baribafise umugambi woguhonya abahutu kubw’Imana bibatakuwamazi,iriko rero nicotuma abatutsi baronka nabo ivyo bokwibeshuza bavuga,konubu muguma mupfa bahutu nabatutsi bakiriko barabica.umuhutu nawe akabona kwataho yobihera.murantunga.

  • sory none umuhutu siwe atwara?ko kugera ubu ari umuhutu apfa ahubwo umuhutu nu mwuzukuru wa kahini kuko afise ishari inzingo ya kazikira ninaco gituma imana ya vumye kahini kuko yumviy ishari aberi rero umututsi numwuzukuru wa abeli ubwoko bwimana

  • Igihe.bi mera nka maison-mere yawe igihe.com; sindigera mbona igihe.com ivuga ibitagenda neza ku rwanda, fpr canke guverinoma. kubera iki ibidakorwa/bitavurwa mu rwanda mu burundi ariho mubivuga/mubikora? Ni kubera mu burundi rwitaha?

  • Uyumushingamateka ntamacakubiri yigishije ndabivuze nejonzobisubiramwo, ivyoyavuze vyarabaye cane cane kuvyabaye kubahutu babikorewe nabatutsi bahohambere, ariko ntacoyavuze kubatutsi bunomusi ngoduheze tukite amacakubiri icoyavuze kiriho mwinomisi nikijanye na polike ahoyavuze amazina yabantu barimwo amokoyose, avugama radio asanzwe akorwamwo namokoyose, aguga nabashirahamwe asanzwe arimwo amokoyose, mucamwumvako abavugakoyigishije amacakubiri babeshe ntabwotuyabona muribiyanditse ngaha mberembonye muteye ikigongwegose . Abobantunabo nashirahamwe yadondaguye nabasibakomeye buburundi nabarundi sinziko babizi kukonibazako nabobabizi kuko urareba ivyobakora nivyobavuga ukabona arakamaramaza! Umvanamwe abantubabona igihugucabo giterwa abasirikare bakivunimwasi maze abobantu umushingamateka yavuze bakarandamukabavuga ngo abasirikare bigihugu cabo ngontibaribakwiye kwivunumwansi!? Mbere bakacababandanya kurondeza amashirahamwe mpuzamakungu nayabwirango nyabuna nimushirigitutu kugihugucacu ngokuko nticifasheneza kubaribagiteye!? Abobantu nibo uwomushingamateka yavuze ntabwoyigishije ivyamoko kuko ayomoko muvuga abeshi barikumwe nawe bagowerumwe muzotangara ahubwomusanze urworwete amokoyose yariruzi koruzokwandikwa nuwomushingamateka!.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.