Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bubanza : Ishirahamwe rihuza urwaruka mu bikorwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Bubanza : Ishirahamwe rihuza urwaruka mu bikorwa

Bubanza : Ishirahamwe rihuza urwaruka mu bikorwa

samedi 14 Nyakanga 2013

Muri iki gihugu cacu c’Uburundi, ibura ry ‘akazi risa niryatse indaro mu rwaruka rutari ruke. Abatari bake rero bakaba bahunga iryo bura ry’ubuzi risasagaye mu gihugu hagati, bagaca bahitamwo kwimanukira mu gisagara caBujumbura, aho bibaza ko bagiye gutorera ikibazo cabo inyishu.

Kuja mu gisagara wibaza ko uhunze ibura ry’ubuzi mu ntara hagati, n’indoto kuko ibura ry’akazi riri hose mu gihugu, ndetse hagera mu gisagara ca Bujumbura naho, bikaba urudubi. Abaje mu gisagara ca Bujumbura kurondera ubuzi, mu nyuma bakabubura, kenshi baca baja mu busambanyi, abandi bakaja kwihebera ibiyayura mutwe, abandi mu bubeshi, mu busuma, n’izindi ngeso mbi zitandukanye.
Mu ntara ya Bubanza, urwaruka rutashoboye kubandanya amashure yarwo, rwaciye ruja hamwe, rugira ishirahamwe ryitwa : « Unissons-nous pour le développement ». Intumbero nyamukuru y’iryo shirahamwe ikaba, ari ugukingira urwaruka ibirusamaza, rukijukira iterambere.

Ku bwa Gloriose Mureranyama afise imyaka 29, akaba ari nawe arongoye iryo shirahamwe, avuga ko abanyeshure bo mu ntara ya Bubanza bakunda irigala cane, iryo naryo rikaba riri mu bituma bikuru, abana baja mu buhumbu butandukanye. Ubu rero urwo rwaruka ruja hamwe, rukajisha imikeka, rugakora amasabuni, umutobe wo mu nanasi. Abo basore n’inkumi bakaba kandi baja hamwe mu kurima amashu, itomati n’inanasi. Ubu rero abari muri iryo shirahamwe bakaba bariko barayimvira ukwo botangura gukora amavuta y’ibihoke, ndetse bakaba biteguriye n’ukuronka abafasha muri iyo migambi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.