Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bubanza : Umusirikare w’igihugu yakubiswe arashaya n’Imbonerakure - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Bubanza : Umusirikare w’igihugu yakubiswe arashaya n’Imbonerakure

Bubanza : Umusirikare w’igihugu yakubiswe arashaya n’Imbonerakure

lundi 13 Nzero 2014

Mu gihe abarongoye urwaruka rw’imbonerakure baherutse kubarira ikinyamakuru IGIHE ko urwaruka barongoye ruri mu bikorwa vyo kwubaka igihugu no gutsimbataza amahoro mu gihugu, ukwagirizwa ko bivanga mu bikorwa vy’’umutekano canke gukubagura abanyagihugu n’abajejwe umutekano ntibagerwe umutwe, vyasubiye kuvugwa.

Mu ntara ya Bubanza muri komine ya Gihanga ku musozi wa Buringa, igisongerezi mu gisirikare c’Uburundi afise ipete rya Adjudent Major yarakubiswe arashaya, n’urwaruka rw’imbonerakure zo mu mugambwe CNDD FDD. Abo bakubise uwo musirikare zikaba zari imbonerakure zitatu, imwe yitwa Jean Paul Nsavyimana. Uwo nyene akaba yarafashwe n’abakorana n’uwo yakubiswe, ariko nahonyene afatwa ari ukwo habanje kuba impari ndende, ubu ari mu minwe y’ubutungane, abandi nabo babiri, baciye banyika, n’ubu ntawurasubira kubakuta ijisho.

Urwaruka rw'Imbonerakure za CNDD FDD

Ivyo rero bikaba bishitse mu gihe abatari bake, y’aba abari mu migambwe itavuga rumwe na Reta yagiriza imbonerakure za CNDD FDD kwama zihohotera abantu, eka n’abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike bakama basaba abarongoye umugambwe uri ku butegetsi guha intumbero urwaruka barongoye, kuko bigaragara ko mu minsi bazotandukira inzego z’umutekano nk’uko vyaraye vyiobonekeje i Buringa.

Ivyo abari mu mashirahamwe ataho yegamiye bakaba babisaba mu gihe gutoteza abanyagihugu batavuga rumwe n’abari muri CNDD FDD vyasa n’aho imbonerakure zari zababigize ubuhizi, maze ababarongoye nabo bakigira sindabibazwa nk’uko babandanya kuvyagirizwa n’abavuga ko bakubagurwa canke n’abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi.


IGIHE

Messages

  • Mana none ivyo bisore ko mbona navyo umenga nivyicanyi ntaco kazima vyakubise umusirikare hee buriya arabazi none ko batamwishe rwaruka reka kwika gukubagura no gusahura kuko ini ivyaha imbere y’imana uzi kwankiriza umubiri wa mugenzawe kandi nawe uwawe ukomeye mama fasha uburundi n’urwaruka.

  • Biragoye kumva ingene mu gihugu kirimwo amategeko abantu bashobora kwiyadukiza bagakubita bakongera bagahohotera ikiremwa muntu,ubu hoho biragoye ko n’abajejwe umutekano babatandukiriye ntaco bashigaje.Ariko bategerezwa bobo kubafata hama bakabashengeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.