Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura: Abadandaza umubiri ntibakigira isaganirizo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Bujumbura: Abadandaza umubiri ntibakigira isaganirizo

Bujumbura: Abadandaza umubiri ntibakigira isaganirizo

lundi 4 Munyonyo 2013

Abasanzwe badandaza umubiri mu gisagara ca Bujumbura bavuga ko muri iyi minsi bageze aho umwansi ashaka, kuko ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bwabaviriye hasi, bakaba ndetse batakigira n’isaganirizo.

Abo bigeme bakaba basa nabari barigaruriye amabarabara amwe amwe y’igisagara ca Bujumbura, aha twovuga nk’ibarabara ryitwa boulevard de l’Uprona aho wasanga ibarabara ryose rinyagara abo badandaza umubiri co kimwe n’iruhande y’ihoteri yahoze yitwa Novotel gushika iruhandi y’inyubakwa y’ishirahamwe Leo, abandi nabo bakaja guhagarara kw’ibarabara rija mu Kabondo, iruhande y’iradiyo CCIB FM+.

JPEG - 42.5 ko
Abasanzwe badandaza umubiri mu gisagara ca Bujumbura

Kuva ku munsi wa gatatu w’iyindwi iheze rero, umukuru w’igisagara ca Bujumbura akaba yararahiye ararengwa, ko atagiye kwihanganira izo ngeso mbi zabo bigeme, ndetse, anamenyesha ko agiye kuvira hasi aho hose bakorera uyo mwuga wabo, haba mu kwugara inyubakwa bari barigaruriye uhereye mu Buyenzi aho benshi bita kwa Mukono kw’ibarabara rya 25 muri iyo komine, canke mu zindi nyubakwa ziri mu makomine ya Kamenge, Kinama, n’ahandi. Ndetse abishikiye kwa Mukono kuri uyo munsi wa gatatu igenekerezo rya 30 Gitugutu, bakaba basanze abo bigeme batanguye kwitegura kugira bakire abaza kubashorera. Uretse umunuko rero usanga wuzuye iyo nyubakwa, eka inuzuye uruja n’uruza rw’abantu batandukanye, yaba abakobwa bakiri bato, eka ndetse n’abagabo baza kurondera abadandaza umubiri.

Ikinyamakuru IGIHE rero kikaba carashoboye gutembera ku munsi w’ejo mw’ijoro, mu mabarabara amwe amwe y’igisagara ca Bujumbura, akaba atamukobwa n’umwe washobora kubona ahagaze mw’ibarabara arindiriye abaza kumushorera. Abo bigeme rero bakaba bavuga ko bagiye kwicwa na kigoyi kuko atamafaranga bazosubira kuronka yo kuriha amazu, mu gihe bavuga ko uyo mwuga ariwo wari ubatunze. Icatumye rero ejo basa nabatinye, bavuga ko ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 2 Munyonyo, umwe muri abo bigeme yoba yarakubaguwe n’umupolisi, ndetse aranamutaburirako impuzu, uyo mwigeme qsigara ukwo yaremwe n’Imana nk’uko bivurwa n’ababibonye.

Twobamenyesha ko abatari bake mu badandaza umubiri, usanga ari abahora bakora ubuzi bwo mu mazu hanyuma bagatwara inda, bagaca babura iyo baja n’iyo bava. Ubu rero bakaba bari barinjiye muri uyo mwuga. Ikindi abo bavuga, ni ukwo bo bataragera ku rwego abandi badadaza uùubiri bagezeko, kuko bemeza ko abamaze gutera imbere, ubasanga mu butambiro bukomakomeye bw’igisagara ca Bujumbura, canke bakaja kurindirira mu bunywero bundi bukomakomeye.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.