Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura : Abahuza bo muri Afrika bagiye guhagurukira imirwi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > AMASHENGERO > Bujumbura : Abahuza bo muri Afrika bagiye guhagurukira imirwi (...)

Bujumbura : Abahuza bo muri Afrika bagiye guhagurukira imirwi y’iterabwoba

mardi 25 Ntwarante 2014

Bamwe mu bahuza bo mu bihugu vya Afrika bitavye inama yabahurije mu Burundi. Iyo nama ikaba iraba cane cane zimwe mu ndyane zikunze kwibonekeza mu bihugu vya Afrika, zivuye ku kudahuza muvy’amadini.

Indwano zitandukanye rero zikaba zibonekeza muri bimwe mu bihugu vya Afrika, aho abakristu bakunze gushamirana n’abari mu madini ya islam, canke imirwi yiyitirira amadini, igahungabanya amahoro mu bihugu bitandukanye. Iyo nama rero, kakaza kuba akaryo keza, ko kuvugana ingene urwego rw’abahuza bo muri Afrika rwokora, kugira izo ndyane zirangire mu bihugu vya Afrika.

Ukutumvikana mu madini gushika naho abanyagihugu bayahurikiyemwo bakozanyako, bikaba biriko biravugwa cane mu bihugu vya Centrafrika, Nigeriya, Mali, Somaliya n’ahandi. Imirwi nayo ya Boko Haram muri Nigeriya, canke ya Al Shabaab hamwe na Al qaida ivuga ko yegukira idini rya Islam, ikaba iri mu yitungwa agatoke, mu guhungabanya umutekano muri Afrika canke mu bindi bihugu bitandukanye vyo kw’isi, aho bamwe mu bayoboke b’iyo mirwi, bagira ibitero vy’ubwiyahuzi.

Nayo mu gihugu ca Centrafrika, abakristu n’abari mw’idini rya Islam bakaba bamaze igihe barabana ayingwe. Iyo mirwi yose, bikavugwa ko igiye guhagurukirwa, kugira amabi ikora atuzwe muri Afrika hamwe no kw’isi.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.