Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura: Leta iriko yibikira ikara mu mpuzu atagikozwe ku bana bo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Bujumbura: Leta iriko yibikira ikara mu mpuzu atagikozwe ku bana bo (...)

Bujumbura: Leta iriko yibikira ikara mu mpuzu atagikozwe ku bana bo mw’ibarabara

vendredi 8 Munyonyo 2013

Abatari bake baremeza ko urudandazwa rw’abana atari kubajana mu bihugu vyo hanze gusa, ko mu mabarabara yo mu gisagara ca Bujumbura urwo rudandazwa ruriho, kandi n’abategetsi baruzi ariko ataco baruvugako canke, ngo barutuze. Ivyo ni ibivurwa na bamwe mu banyagihugu, aho bariko barayaga n’ikinyamakuru IGIHE, ku bana batumwa n’abavyeyi babo gusabiririza.

Haraheze imyaka itari mike, abavyeyi bazana abana bakiri bato canke abafise ubumuga kugira babasabire amafaranga. Abanyagihugu twashoboye kuyaga bo mu gisagara ca Bujumbura, bavuga ko abavyeyi nkabo bakwiye kuronswa inyigisho, kugira bamenye kwubahiriza agateka k ’abana, kuko urwo ari urudandazwa mu rundi, kandi Leta irufata minenengwe.

Abo banyagihugu bavuga ko nabo ari abavyeyi, basaba Leta y’Uburundi gusabira imfashanyo abazana abana mu mabarabara, bakaronswa umutahe, kugira bakure ku ruzuba abana bafise ubumuga, co kimwe n’abana bato bazanwa gusabiririza.
Bahati, umwana w’imyaka 6, avuga ko ku munsi atahana ibihumbi bitatu, na mutoya wiwe nawe nyene, akaba atwara nkayo. Uyo mwana abandanya avuga ko izuba rimuhererako, kandi niyo arwaye aza gusaba amafaranga. Umuvyeyi wiwe aba yicaye ku metero zike z’aho uyo mwana ari, bamuhaye amafaranga aca aza kuyamubikira.

Iyo ngeso ya bamwe mu bavyeyi ikaba iterwa ivyatsi, mu gihe umwana aca akurana agatima kabi ko gusegerereza, naho aba yakuze akaguma abona ko ataco yokwishoboza atari ukuguma afashwa. Eka sivyo gusa, abo bana ntibajanwa mu mashure, bakaguma mu mabarabara, ndetse hakaba hari n’ababa bari mw’ishure, abavyeyi babo bakabakurayo kugira baje kubandabnya babasabira amafaranga. Leta rero hamwe itofata ingingo zikomeye kuri mwene abo bana, abo twayaze bemeza ko iriko yibikira agakara mu mpuzu kuko mu minsi atamuntu azobabikana ikintu, kuko bariko bakurana imitima yo kutagira ico batinya na kimwe.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.