Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi: Abakenyezi bariko baratahura akamaro ko kuvyara abo bashoboye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Burundi: Abakenyezi bariko baratahura akamaro ko kuvyara abo bashoboye (...)

Burundi: Abakenyezi bariko baratahura akamaro ko kuvyara abo bashoboye kurera

vendredi 29 Munyonyo 2013

Abanyagihugu bo mu ntara zimwe zimwe zo mu Burundi baratanguye gutahura akamaro ko kuvyara ku rugero n’ako gutandukanya imvyaro, ivyo bigakorwa kugira amagara y’umuvyeyi n’ay’ibibondo abe meza.

Jacqueline Ndayisaba wo ku musozi wa Nyabigabiro muri komine ya Gisuru mu ntara ya Ruyigi, avuga ko hakwiye gutunganywa inyigisho ku bagabo n’abakenyezi kugira bose hamwe bijukire kuvyara abo bashoboye kurera, na cane cane ko ubukene ari bwinshi mu gihugu, imiryango imwe imwe ikaba itagishobora kuronka ukwo igaburira abana bayo, bivanye n’ubukene bwayirayemwo.

Umupfasoni Ndacayisaba Jacqueline afise abana batatu, babiri baja kw’ishure, umwe nawe akaba yonka, avuga ko kugira ashobore kuvyara ku rugero ukwo, yagiye inama n’umushingantahe wiwe, baraheza bumvikana ko bovyara ku rugero, bakavyara kandi abo boshobora kurera. Uyo mupfasoni akavuga ko hari imiryango itumva icarico gutandukanya imvyaro, n’ukuvyara abo bashoboye kurera, ari naco gituma hakwiye abahanuzi bo mu gisata c’amagara y’abantu boshobora guhamagarira abanyagihugu bose akamaro ko kuvyara abana bashoboye kurera. Ndayisaba akaba abandanya avuga ko, kuvyara abana umuntu yoshobora kurera bizanira iterambere urugo n’igihugu cose muri rusangi.

Ku bijanye n’ugukoresha uburyo bwo kwirinda gusama imbanyi umuntu atipfuje canke gutandukanya imvyaro, umupfasoni Faraziya Ntirampeba avuga ko ivyo bida shobo kera bose. Avuga ko amaze kuvyara abana batatu, yakoresheje ubwo buryo, ariko munyuma aca aguma arwaragurika, aca afata ingingo yo guheba ubwo buryo, ubu avuga ko ageze ku bana batanu, ariko akaba avuga kandi ko atipfuza gusubira kuvyara abandi bana, kuko atunzwe n’uburimyi n’ubworozi.

Natoriya Nyamuhweba umupfasoni w’umwakirizi w’aho i Nyabigabiro, avuga ko ubu ashimishwa n’intambwe abakenyezi bo kuri uyo mutumba bagezeko mu kwijukira kuvyara ku rugero, n’ugutahura akamaro ko gutandukanya imvyaro. Uyo mwakirizi akavuga ko we, yavyaye abana icumi, ariko atawe yokwipfuriza kuvyara abana nk’abo bose, kuko ubu hari ubukene budasanzwe, nayo aho hambere hahise, umuntu akaba yarashobora kubavyara kuko hari ivyo kubagaburira.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.