Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi : Abanyarwanda bibutse imyaka 20 iheze ihonyabwoko ry’abatutsi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > Burundi : Abanyarwanda bibutse imyaka 20 iheze ihonyabwoko ry’abatutsi (...)

Burundi : Abanyarwanda bibutse imyaka 20 iheze ihonyabwoko ry’abatutsi ribaye

mardi 8 Ndamukiza 2014

Abanyarwanda baba mu gihugu c’Uburundi bibutse imyaka 20 iheze habaye ihonyabwoko ryakorewe abatutsi mu mwaka w’1994 rigahitana abantu barenga ibihumbi amajana umunani.

Ivyo birori vyo kwibuka ihonyabwoko ryakorewe abatutsi vyatangujwe n’umunota w’agacerere bibuka inganda zatikiriye muri iryo honyabwoko.
Abagiye barafata amajambo bose, yaba icegera c’umunyamabanga mukuru wa ONU mu Burundi, uwuserukira ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika mu Burundi, uwaserukiye ishirahamwe ry’akarere k’ibiyaga binini, bose barahojeje Urwanda n’abanyarwanda, bongera barakeza intambwe Urwanda rugezeko mu kubumbatira amahoro n’umutekano.

Désiré Nyaruhirira asanzwe aserukira Urwanda mu Burundi, mw’ijambo yashikirije, yamenyesheje ko ihonyabwoko ryabaye mu gihugu c’Urwanda ritaje giturumbuka, ahubwo ko vyari ibintu vyateguwe neza, kandi ko n’amakungu vyayananiye kurihagarika. Désiré Nyaruharira yasavye abanyarwanda kwongera gufatana mu nda bose kugira ntibizosubire kuba yaba mu Rwanda, muri Afrika, canke n’ahandi kw’isi yose.

JPEG - 2.2 Mo
Désiré Nyaruhirira

Muri ivyo birori vyo kwibuka vyari vyitabwe n’abanyacubahiro batandukanye harimwo abaserukira amadini yabo mu Burundi, abaserukira ibihugu vyabo, abaserukira amashirahamwe mpuzamakungu atandukanye hamwe n’abandi banyecubahiro nk’uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi Sylvestre Ntibantunganya.


Floxella Karire

Messages

  • Ihonyabwoko ku batutsi nibazako ukuri kutabagushizwe ahabona!!Akarorero:Ni ikwaburwa bavanishizeko n’iyicwa rubozo ryakorewe ABAHUTU BO MU BUGESERA ryakozwe na Kagame aho afatiye ubutegetsi mu 1994-1995 aho hatikijwe inganda z’abahutu benshi abandi bajanwa kwicirwa muma prison!!!Benedata barundi ntimukongere kwemera IMITWE Y’UBUGESERA YA Kagame!!Iburundi turamuzi azobeshe abazungu!!

  • Ngo muy burundi murazi kagame hanyuma se ko umuzi wa koziki Twe turamwemera raba peter wanyu uwundi umwihoze turazi ahora atugejeje hezap

  • Uyu Murundi ibi yabikuye he mwo kabbaho mwe?? Ubwo nturi muri bamwe bamaze abantu mu Rwanda ukaba uriho uravugishwa n’ ibyo waba warakoze. Kagame ni umugabo ukunda uRwanda iyo aza kuba undi abo bahutu nta n’ uba ukibibuka ku isi. Ntimukabure icyo mutuka inka ngo dore icyo gicebe!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.