Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bamvuginyumvira: Imbonerakure zikwiye guhabwa inyigisho zo kwiteza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Bamvuginyumvira: Imbonerakure zikwiye guhabwa inyigisho zo kwiteza (...)

Bamvuginyumvira: Imbonerakure zikwiye guhabwa inyigisho zo kwiteza imbere

vendredi 10 Rusama 2013

Imisore y’imbonerakure isanzwe ihurikiye mu mugambwe CNDD-FDD, iridogerwa n’abanyagihugu bo mu ntara za Kayanza, Ruyigi, Kirundo na Ngozi ko bahohoterwa n’urwo rwaruka na cane cane ko iyo misore hari aho yigenza nk’aho ariyo isigaye yarasubiriye inzego z’igipolisi n’abasirikare, kuko hari naho zitemberana inkoho nk’uko aba banyagihugu muri izo ntara bavyivugira.

Muri komine Gahombo, umunyagihugu yitwa Nsabimana Alexandre yarahohotewe n’imbonerakure mu gihe yariko arigishiriza umugambwe w’Abadasigana Uprona, yarakubiswe, arasahurwa n’utwo yari afise n’urwo rwaruka, akaba yatabawe n’abantu.

Muri komine Muhanga naho umusoda wa Leta yarakubiswe n’imbonerakure gushika naho zitanga itegeko ko ata n’umwe arekuriwe kumutabara. Abanyagihugu baho bamenyesha ko batinye n’ukuhegera kuko n’uwuvukana na nya musirikare yaraje ngo amujane kwa muganga vyanse uko yomubakura mu mu ntoke.

Izo mbonerakure rero ngo zaciye zimujana mu ruzi zimutayo, ariko Imana irakinga ntiyahasize ubuzima. Uwo musoda yarituye ubutungane ngaho mu Kayanza ariko ngo ntacavuyemwo.

Mu ntara ya Ngozi naho, umunyagihugu yitwa Nyabenda Yozefu yarakubiswe na nya rwaruka ruhurikiye mu mugambwe CNDD-FDD yagirizwa ko yoba ari umusuma w’inkoko gushika y’aho yitaba Imana. Igihe izo mbonerakure zakora ivyo, uwurongoye umutumba Omeri Miburo niho yari, ariko ntaco yakoze kugira aziteshe gusinzikariza ubuzima uwo munyagihugu.

JPEG - 10.6 ko

Musitanteri wa komine Nyamurenza avuga ko uwo munyagihugu yisetse ku giti maze aca aritaba Imana.

Mu ntara ya Ruyigi naho havurwa ko ukutumvikana kw’imbonerakure n’abari mu mugambwe wa FNL kwibonekeza mu gihe hari umutama waho mu Ruyigi amaze iminsi yitura ubutungane ko umwana wiwe yahunze atinya gukubagurwa n’imbonerakure, mu gihe hari umunyagihugu yatemwe n’urwo rwaruka araheza avurwa n’ishirahamwe ACAT.

Mu ntara ya Kirundo naho muri komine ya Ntega, umwigisha asanzwe ava muri CNDD-FDD yarakubiswe n’imbonerakure yagirizwa ko yavuze amabi akorwa n’urwo rwaruka. Uyo mwigisha yarituye ubutungane yibaza ko izo mbonerakure ziza guhanwa ariko zamaze mu gasho umwanya urume rumara nk’uko bimenyeshwa n’iradiyo y’abanyagihugu RPA.

Kubera ivyo rero imigambwe imwe imwe yagize ico ibivugako.

Mu mugambwe MRC Rurenzangemero, basaba ko imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD n’umugambwe muri rusangi ko bosubiza amaso inyuma bakaraba ivyakozwe n’aba JRR bahurikiye mu mugambwe Uprona. Ivyo bakora rero ataho bitandukaniye n’ibikorwa n’imbonerakure z’ubu.

Aba JRR baratoteza abanyagihugu, bakagandagura inzirakarengane, ari navyo vyatumye uwo mugambwe Uprona utakaza icizere mu matora yose yagiye araba mu Burundi.

JPEG - 3.5 ko

Mu mwaka w’1993, urwaruka rwa JDBU rwo mu mugambwe Sahwanya Frodebu, narwo nyene rwashaka kwigenza nk’uko kw’imbonerakure z’ubu mu gutera ubwoba abanyagihugu, mu gukubagura abantu.

JPEG - 5.8 ko

Bahanura rero ko izo mbonerakure zitosambura umugambwe wabo mu gutoteza abanyagihugu, ko mu minsi iza ibiriko biraba bazobibazwa muma sentare atandukanye.

Mu mugambwe Sahwanya Frodebu naho bagize ico bavuga kuri ivyo bivurwa ku mbonerakure. Ferederiko Bamvuginyumvira amenyesha ko ibikorwa n’imbonerakure bishobora gukwegera igihugu kuko mu gihugu c’Urwanda vyatanguye ukwo nyene, aho urwaruka rwaho rwategeka abakuru b’imitumba, ba musitanteri, ba buramatari, akagereranya ivyo no mu Burundi ko naho nyene urwo rwaruka rukora ivyo rwishakiye mu gushaka gutegeka inzego zose, bibajijwe abategetsi bakarahira ko urwo rwaruka ata kibi rukora, ndetse ugasanga ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati ataco bubivugako.

Bamvuginyumvira asaba ko ahubwo urwo rwaruka rworonswa imfashanyo n’abategetsi bo mu mugambwe CNDD-FDD, mu nzira yo kurufasha mu migambi yoruteza imbere, hako rwokwama ruriko rurahohotera abantu, ati nibigishwe imigambi y’iterambere y’igihugu kuko arirwo Burundi bw’ejo.

Amakuru dukura ku radiyo y’abanyagihugu RPA, amenyesha ko umukuru w’imbonerakure mu bihugu c’Uburundi Denis Karera atashoboye kuboneka ngo agire ico abivuzeko, ariko mu minsi iri imbere hakaba hari ikiganiro kiriko kirategurwa n’abarongoye imbonerakure ku bamenyeshamakuru mu nzira yo gushira ahabona ibikorwa vyabo.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.