Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi : Ukwiba amabendera y’imigambwe kwavyaye ukwihorana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Burundi : Ukwiba amabendera y’imigambwe kwavyaye ukwihorana

Burundi : Ukwiba amabendera y’imigambwe kwavyaye ukwihorana

samedi 7 Nyakanga 2013

Amabendera y’imigambwe abandanya kwibwa mu ntara zitandukanye z’igihugu, mu gihe ivyo biri mu bitera icuka kibi hagati y’abanyamigambwe mu gihugu hagati, aho usanga ivyo vyagirizwa bamwe n’abandi, ndetse bigatuma hari n’abaca bumva bokwihora, iyo bibwe ibendera ryabo.

Inyuma y’amabendera y’umugambwe w’Abadasigana Uprona mu ntara ya Muyinga, imigambwe iri mu yitavuga rumwe na Leta nayo ikavuga ko yoyo ubwanwa bwapfutse umunwa,aho mu gihugu nka hose, amabendera y’imigambwe yabo amanurwa ku mugaragaro izuba riva ayandi nayo agapfungwa n’abarongoye amakomine atacamira. Mu ntara ya Makamba ho, ku munsi wa kane w’iyi ndwi amabendera indwi y’imigambwe itandukanye niyo yibwe. Aha twovuga nk’ibendera ry’umugambwe wa UPD Zigamibanga, amabendera abiri y’umugambwe CNDD-FDD, hamwe n’amabendera ane y’umugambwe Sahwanya Frodebu. Abivye ayo mabendera rero n’ubu ntibaramenyekana. Muri iyo komine ya Makamba bikavurwa ko iyo ngeso mbi igayitse y’ukumanura amabendera y’imigambwe, akaja kunyegezwa ahatazwi itarihari. Ivyo bivurwa na musitanteri wa komine ya Makamba.

Twobibutsa ko ivyo vyukumanura amabendera y’iyindi migambwe bimaze iminsi bitera icuka kibi mu banyepolitike, aho ndetse bamwe mu bakuru b’imigambwe bahamagarira abayoboke babo kugira ingere kuyindi. Akarorero n’akumukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu Leonce Ngendakumana, aherutse gusaba abayoboke biwe ko batosubira kwemera ko Imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD zisubira kumanura amabendera yabo, ati : « Bamanuye, natwe tumanura, batabuye natwe dutabura ». Ndetse aca yemeza ko muri komine ya Kinama iri mu gisagara ca Bujumbura, ibendera ryabo ryibwe, nabo baca bamanura iry’umugambwe uri kubutegetsi izuba riva, avuga ko inyuma y’akanya gato, ibendera ryabo ryaciye riboneka. Ngendakumana akaba avuga ko bihanganiye kuva kera agasomborotso k’Imbonerakure za CNDD-FDD, ariko ubu bageze aho bananirwa.

Kuri ivyo rero vyagirizwa Imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD, Paul Nndimubandi, umwe mu barongozi b’urwo rwaruka rusanzwe rutungwa agatoki mu bikorwa bitandukanye nk’ivyo, ndetse harimwo n’ugutoteza abatavuga rumwe na Leta, ko Imbonerakure yofatwa, ko ikwiye gushikirizwa ubutungane, igahanwa, ariko bakareka kuzifatira mu kivunga. Avuga ko uwukoze ikibi yogitukwa ariko ntigitukwe umuryango wose.

Abatari bake rero haba abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike, n’abandi bakurikiranira fafi ibibazo vya politike mu Burundi, bavuga ko hamwe inzego zijejwe kurongora igihugu zitokwitondera ikibazo c’imigambwe, ko gishobora gusubiza igihugu inyuma na cane cane mu bijanye n’ukwidegemvya kw’abanyagihugu, mu gihe abakubagurwa badasiba kuvurwa aha na hariya, kandi kenshi bakagirizwa urwaruka rw’Imbonerakure zihurikiye muri CNDD-FDD, umugambwe urongoye igihugu kuva mu mwaka w’2005.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.