Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi : Urwaruka rwamye rukoreshwa n’abanyepolitike mu mabi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Burundi : Urwaruka rwamye rukoreshwa n’abanyepolitike mu mabi (...)

Burundi : Urwaruka rwamye rukoreshwa n’abanyepolitike mu mabi atandukanye

mercredi 5 Ruheshi 2013

Kuva kera ku ntwaro y’umugambwe umwe canke kuva aho haziye intwaro z’imigambwe myinshi mu nzira y’intwaro rusangi, mu majambo y’abaharanira ubutegetsi hama hazamwo imvugo yo gufasha urwaruka mu bikorwa vyo kuruteza imbere haba mu gushiraho imigambi yoruteza imbere, canke inyigisho z’imyuga kugira rushobore kwiteza imbere.

Ariko rero, turavye kuva ico gihe c’intwaro y’umugambwe umwe gushika n’ubu, abanyepolitike bakoresha urwaruka mu bikorwa vyabo kuko babona ko urwo rwaruka arirwo rufise inguvu, rugifise amaraso ashushe, ivyo bababwiye gukora bikorwa mu mwanya muto. Muri ico gihe, abanyepolitike binyegeza inyuma y’urwaruka mu gukora amabi atandukanye haba mu gutoteza agateka k’abandi, kunyaga ivy’abandi, kwica abo batavuga rumwe n’ibindi vyaha usanga bitoteza agateka ka zinamuntu.

Duhereye kuvyagiye biraba mu Burundi, abarundi benshi baribuka amabi yakozwe n’aba JRR bo mu myaka y’1972 ku ntwaro ya Misheri Micombero, aho bishe isinzi y’abantu bihetse ku ntwaro mbi yarangwa mu gihugu muri iyo myaka, abantu benshi barata barahunga. Abakoze ivyo n’ubu baracabitukwa, abategetsi bico gihe bakiriho, barabitukwa, urwaruka rwakoreye amarorerwa abandi bico gihe,nabo nyene baracabitukwa.

Inyuma yaho haciye haza intwaro y’imigambwe myinshi. Melikiyori Ndadaye agitsinda amatora y’umukuru w’igihugu mu mwaka w’1993, urwaruka rwa JDBU rwarahenzwe maze rwigishwa gutera ubwoba abanyagihugu, abo batavuga rumwe, amajambo y’iterabwoba ndetse harageze n’aho urwo rwaruka ruturira n’amatongo y’abantu, mu ntara zitandukanye.

Inyuma y’urupfu rw’umukuru w’igihugu Ndadaye Melikiyori, urwo rwaruka rurikumwe n’abantu bamwe bamwe bo mu nzego, rwarahenzwe n’arwo ruja mu bo batavuga rumwe maze rucisha ku mipanga, aha ntituvuze aba sans echec na sans défaite ivyo bakoze mu myaka yakurikiye.

Ubu naho ibikorwa vy’imbonerakure biza bisa n’ivyabo bambere. Imbonerakure ziragirizwa kwama zihohotera abantu batandukanye, ziragirizwa kwica abantu batavuga rumwe n’umugambwe CNDD-FDD. Abari mu migambwe ihurikiye mu runani ADC ikibiri n’ibo bama bidogera urwo rwaruka kuba rukoreshwa n’abantu bamwe bamwe bahurikiye muri uyo mugambwe, bagaheza bakarutuma kubaburagiza mu bikorwa baba barimwo vya politike, aho bavuga ivya bashikiye mu ntara ya Bubanza, Bujumbura rural, n’ahandi. Urwo rwaruka rero ruragirizwa gutera ubwoba abamenyeshamakuru, abari mu mashirahamwe yigenga, abatavuga rumwe na Leta, n’abandi.

Urwaruka rw’Uburundi rero rwari rukwiye gukura icirwa muri kahise, rukibuka ko barya babatuma gutoteza abandi canke gutera umudugararo mu gihugu, kwica, gusambura kenshi atari urukundo babakunda, ariko bipfuza kubakoresha birya kubw’ inyungu zabo. Bibuke ko umunsi ubutunngane bwakoze kuri ayo mabi yose, urwo rwaruka arirwo ruzohanwa, ababatumye bibereye mu buzi bwiza butandukanye.

Mu gihugu c’urwanda interahamwe zasabwe kuniga abo badasangiye ubwoko, bafata abantu umuriyoni barica, maze ababatumye benshi baciye bahungishiriza imiryango yabo muza buraya na Amerika.

Abanyagihugu batobato barimwo n’izo nterahamwe batagira uburyo bwo guhungira mu za Buraya, baciye baja mu mashamba y’igihugu ca Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, n’ubu niyo bakiri bamwe bamwe, mu gutinya ko intahe yobokera mu Rwanda.

N’imbonerakure zari zikwiye gukura icirwa aho, zikamenya ko igihugu ari ic’abarundi bose, abari mu migambwe itandukanye n’abatari muri yo, ko ata nyagupfa na nyagukira kandi ko ata murundi n’umwe akwiye kubura ijambo mu gihugu, twese ari igihugu twarazwe n’Imana. Abanyepolitike nabo, bakaraba abo bama bavuga ko babononera, bakabirukana mu mugambwe wabo, maze abagirizwa amabi bahanwe, abera bere.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.