Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi : Vyifashe gute mu mihana y’abagendana umugera wa SIDA? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Burundi : Vyifashe gute mu mihana y’abagendana umugera wa SIDA?

Burundi : Vyifashe gute mu mihana y’abagendana umugera wa SIDA?

jeudi 10 Ndamukiza 2014

Abakenyezi bagendana umugera wa Sida mu Burundi barabangamiwe n’ikumirwa bakorerwa mu kibano, rimwe na rimwe n’abo bubakanye bagasongera isibe mu kubahohotera.

Umugera wa SIDA ni imwe mu ndwara zandukira biciye mu bibonano mpuzabitsina, biciye mu gutobora uruhu n’urushinge rwakoreshejwe ku wamaze kuwandura umugera, biciye mu maberebere igihe umuvyeyi ariko aronsa afise umugera canke biciye mu kwibaruka hakaba uguhura kw’amaraso y’umuvyeyi asanzwe afise umugera n’umwana.
Indwara ya SIDA ni indwara itaraba ubwoko bw’umuntu, intara avamwo canke umuryango akomokamwo. Ntitoranya ubuto canke ubukuru bw’umuntu, abatari bake bakayita "agakoko" gatema kagatongora atawe gatoranije.
Iyo umuntu yanduye umugera wa SIDA, ntivyoroshe kubandanya abaho nk’uko vyahora atarawandura, kuko inyuma yo kumwononera amagara yiwe haduka n’ikumirwa mu kibano. Abakenyezi bakaba bari mu ba mbere bitorohera kubandanya babaho nk’uko vyahora iyo banduye umugera wa Sida, kuko haca hiyongeramwo n’ugohohoterwa kw’ubuzima bwabo, kenshi bakabikorerwa n’abo bubakanye.

JPEG - 1.1 Mo
Nshimirimana Esperance

Nshimirimana Esperance, ni umwe mu bakenyezi b’abarundikazi bagendana umugera wa SIDA, abayeho mu buzima butoroshe mu kibano.
Arigana ingene vyifashe mu muhana iwe : "Nubatse urwanje mu mwaka w’2003, nubakana n’umugabo agendana umugera wa SIDA atavyonzi inyuma yo kumfata ku nguvu, nza kubimenya ko nanduye umugera mfise imbanyi. Nikwo kubibarira umugabo ko nanduye ariko aca anyamirira kure, ambwira ko arije nazanye umugera wa SIDA mu rugo iwe. Ndamusaba nje kwa muganga kugira basi nkingire umwana ariko biba ivyubusa ntiyanyemereye."
Nshimirimana Esperance abandanya agira ati : "Mu bana nibarutse, nasanze harimwo abamaze kwandura."

Inyuma yo kwanduzwa umugera n’uwo twubakanye yaciye atako arahohoterwa ubuzima, akavuga ko yakubitwa nk’inka uko iminsi yakabaye. "Ndibuka n’ikibi yankoreye ntazibagira, yafashe igihimba canje c’irondoka agicomeka ku muyaga nkuba, ambwira ko agire akizibire, kuko atakigikeneye, atako arancumitagura imbugita mfise uruyoya rw’amezi atandatu navyaye barinze kumbaga."

Mu muhana wa Nshimirimana Esperance ntivyari vyoroshe, kuko avuga ko atari gushobora kwahukana ata n’umuryango afise woshobora kumwakira.
Umukenyezi Esperance Nshimirimana ahamagarira abagendana umugera wa SIDA kudatinya kwemanga ko bagendana umugera, kuko mukwatura ikiri ku mutima bishobora gufasha kubohoka.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.