Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bururi : Ubugeni bw’abantu 700 bahora babana bitazwi n’amategeko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Bururi : Ubugeni bw’abantu 700 bahora babana bitazwi n’amategeko

Bururi : Ubugeni bw’abantu 700 bahora babana bitazwi n’amategeko

lundi 27 Rusama 2013

Mu ntara ya Bururi, imiryango igera ku majana indwi yahora ibana bidaciye mu mategeko, yaragize ubugeni imbere y’abarongoye intwaro muri iyo komine nk’uko bishikirizwa na musitanteri wa komine Bururi Longin Mpabwanayo, kuri uyu wa 25 Rusama 2013.

Muri iyo miryango amajana indwi yubakanye biciye mu mategeko, benshi ni abo ku musozi Gasanda muri komine Bururi. Abakenyezi rero bo kuri uyo musozi bakaba bamenyesha ko banezerejwe n’ukuba ubu bagiye kubana n’abagabo babo biciye mu mategeko, ndetse kwirukanwa mu rugo, aho wasanga umugore aharitswe, canke bakamwirukanana n’abana, ubu bikaba bigiye kuzohera , hamwe naho bishitse bikazokurikiza amategeko.

Abakenyezi bo muri iyo komine basaba ko uyo mugambi wo guhimiriza ababanye bose bidaciye mu mategeko kuja imbere y’abaserukira Leta, ko wokwizwa mu gihugu cose maze ihohoterwa rigirirwa abagore batanditswe ndetse n’abana babavukako bikaba vyohera, maze ibintu vyose bikama bikorwa hakurikijwe inama n’ingingo.

Muri urwo rubanza rero, harimwo abavyeyi bgiriye ubugeni rimwe n’abana babo, n’abo nyene ugasanga bubatse izabo batiriwe baraca imbere y’abaserukira Leta. Inyuma y’ivyo birori kw’ikomine ya Bururi, abageni bakaba baciye baja gusangirira hamwe akarahuri, baratamba baratarika.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.