Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bururi: Ubumenyi mu mashure bwarasubiye inyuma - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Bururi: Ubumenyi mu mashure bwarasubiye inyuma

Bururi: Ubumenyi mu mashure bwarasubiye inyuma

samedi 16 Ruhuhuma 2013

Abarongoye amashengero atandukanye bamenyesha ko indero n’inyigisho mu mashure iriko iratituka kubera ico gisata kiriko kiratunganywa canke abakirongora bagenwa hisunzwe imvo za politike. Ivyo kandi birashimangirwa n’amashiraharahamwe yigenga cane cane mu ntara ya Bururi.

Vyavugiwe mu nama yabereye muri ino ndwi i Bururi ku vyerekeye gutwara neza no guteza imbere uburongozi nyakuri. Abarongoye amashengero n’abaserukira amashirahamwe yigenga muri iyo ntara bamenyesheje ko cane cane igisata c’inyigisho kiriko kirasubira inyuma bukebuke.

Bavuze ko bitumwa n’uko abarongoye ico gisata basigaye bahabwa akazi harabwe imigambwe bavamwo aho gushirwa imbere ubumenyi n’ubukerebutsi. Ngo hakunda gushirwa imbere abari mu migambwe iri ku butegetsi cane cane umugambwe CNDD-FDD n’iyindi birikumwe. Abo ni nk’abarongoye amashure, abarongoye igisata c’indero mu ntara gushika mu makomine.

Baratanze uburorero aho usanga hagenwa abayobozi ata bumenyi bafise buhagije, bigatuma badakarira abigisha batifata neza mukwigisha. Ngo biraheza bikabagora no kugenzura ingene ubumenyi butera imbere mu banyeshure.

Ngo hari aho mbere bituma abanyeshure bunguruzwa batamenye mw’ishure ahubwo batanze igiturire canke bakoresheje ubundi bwenge nk’ubusambanyi n’ibindi gutyo ngo ugasanga hariho gukingiranira ikibaba hagati y’abarimu basangiye ivyiyumviro vya politike n’umuyobozi.

Bashikirije ko hasigaye mbere haronka ibhibanza vyo kwigamwo mu mashure matomato n’ayisumbuye harabwe imigambwe y’abavyeyi babo aho gushira imbere amanota baba bafise.

Abo barongoye amashengero n’amashirahamwe yigenga bavanye bapfunditse ko botera akamo abarongoye igihugu cane cane ubushikiranganji bw’indero guhagurukira ikibazo c’inyigisho mu mashure kuko ariho hari ishingiro ry’iterambere ry’igihugu.

Basavye ko ubuzi mu gisata c’indero butosubira gutangwa hisunzwe imigambwe gushika mubayobozi b’amashure kuko ngo bituma akanovera k’inyigisho gatituka.

Abarongoye amasendika y’abigisha nabo basavye ko boja baragishwa inama canke bakabazwa iyo hageze guha akazi uyu canke uriha mu gisata c’indero. Basavye ko igisata c’indero cohabwa ikibanza ciza hanyuma uwufise ico


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.