Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Businde : Abayoboka Zebiya basubiriye gufatwa n’igipolisi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Abakristo > Businde : Abayoboka Zebiya basubiriye gufatwa n’igipolisi

Businde : Abayoboka Zebiya basubiriye gufatwa n’igipolisi

vendredi 5 Mukakaro 2013

Mu mutwenzi wo kuri uyu wa gatanu abandi bayoboke ba Zebiya bagera ku majana atandatu basubiriye gufatwa n’abajejwe umutekano mu gihe bariko bagana ikibanza c’i Businde bita ko ari ceranda, kiri muri komine Gahombo mu ntara ya Kayanza.

N’aho abagera kuri bane n’umupolisi umwe bahakomerekeye mu mishamirano, ibikorwa vy’igipolisi kuri uno munsi vyagaragaye ko harimwo ubwitonzi kuko bagerageje kubasubiza inyuma ata nguvu zikoreshejwe. Muri abo bakomeretse twobabwira umwigeme umwe muribo yari yakomeretse gose ariko aravirirana ku munwa.

Abo bantu isinzi bari bazindutse kare cane mu gaturuturu, aho mbere vyaboneka ko bashashaye gushika i Businde gushikaho n’imbeho yari ihari mu gatondo k’uno munsi ataco yababwiye. Bose bari baje bitwaje imisaraba yanditseko amajambo agira ati : “Twiyemeje kuba incungu z’i Businde” , “Turemeye kuba abera b’ikibanza ceranda c’i Businde”, mukamenya ko umwe wese yari afise umusaraba, bakaba bagenda bayidugije hejuru.

Hari n’abandi kandi bagera ku majana abiri muri abo bayoboke b’umwigeme Zebiya mw’ijoro ry’ejo buca bafata urugendo bari bashaka ko rubashikana i Businde ahasengera abo bayoboke ba Zebiya.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.