Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Butaganzwa : Abanyagihugu bamenyesha ko bagira urugendo rurerure baja kwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > AMASHENGERO > Butaganzwa : Abanyagihugu bamenyesha ko bagira urugendo rurerure baja kwa (...)

Butaganzwa : Abanyagihugu bamenyesha ko bagira urugendo rurerure baja kwa muganga

jeudi 13 Ntwarante 2014

Abanyagihugu ba komine ya Butaganzwa mu ntara ya Ruyigi, bamenyesha ko bagira urugendo rurerure cane, kugira bashobore gushika kwa muganga, ndetse bikabagora n’uko bashikana abaremvye aho bivuriza.

Abo banyagihugu rero bakamenyesha ko, bafise ingorane z’ingene abarwayi barungikwa kwivuriza mu bitaro bikuru vy’i Butezi navyo biri ku birometero 90 uvuye i Butaganzwa, mu gihe hari ibitaro biri hafi y’aho, ku birometero 20 gusa, ivyo navyo, bikaba ari ibitaro vyo ku mugwa mukuru w’intara ya Ruyigi. Abo banyagihugu bo mu ntara ya Ruyigi rero, bakavuga ko nk’umurwayi yamaze kuremba, akajanwa urugendo rungana n’ibirometero 90, atakibuza ko yonacikanira mu nzira.

Abo banyagihugu bo mu ntara ya Ruyigi muri komine ya Butaganzwa, basaba abajejwe igisata c’amagara y’abantu, gukurikirana ico kibazo kuko kiri mu biraje ishinga abamagara y’abo. Bavuga ko bogabanirizwa urugendo bakaza bararungikwa kwivuriza ku mugwa mukuru w’iyo ntara , aho gusubira kurungikwa i Butezi ku birometero 90.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.