Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Butihinda : Imbonerakure zagirizwa gutera ubwoba abo batavuga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Butihinda : Imbonerakure zagirizwa gutera ubwoba abo batavuga (...)

Butihinda : Imbonerakure zagirizwa gutera ubwoba abo batavuga rumwe

samedi 21 Ntwarante 2015

Bamwe mu banyagihugu bo ku misozi ya Butihinda, Mugongo, Rwamfu barara ntibuca batinya ko bagirwako ibitero n’Imbonerakure za CNDD FDD, nk’uko babibwiye bagenzi bacu ba radio Isanganiro.

Abari mu migambwe itavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD bo muri iyo komine ya Butihinda, bagiriza abayobozi b’uwo mugamvbwe kuba bari inyuma y’ivyo bikorwa. Izo Mbonerakure, zikaba zagirizwa kurara zirakizura, ibitera ubwoba abari mu yindi migambwe, nk’uko bivugwa na Simeon Nyandwi, wo mu mugambwe FRODEBU Nyakuri. Eka no muyindi migambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi, ikaba yagiriza izo mbonerakure ko zibasotora, aho bavuga ko urwo rwaruka rwamanuye amabendera ya CNDD FDD, ruja kuyashinga imbere y’inzu y’abari mu yindi migambwe.

Ku ruhande rw’umugambwe CNDD FDD, umukuru w’uwo mugambwe ku musozi wa Butihinga, avuga ko ivyo ari i binyoma. Ku bwiwe, namba abanyagihugu batavuga rumwe na CNDD FDD bafise ubwoba, ni amajambo y’ibihuha bumva, atazi iyo azanana. Tukabamenyesha ko kuri uyu wa 20 Ntwarante mw’isoko ya Butihinda, abanyagihugu baremeshejwe n’abajejwe intwaro muri iyo komine.


Aristide Nizigire

Messages

  • ABANYANEGIHUGUBIBITIHINDANIMWINGANE.MUSENGECANEKUKOIMANAIRATUBONA

  • Managarukiraabobantu Bibutihindabaronkeamahoro

  • None ivyobintu vyokwagiriza imbonerakure zomuriyo misozi kozitera ubwoba abandi bomuyindimigambwe komubivuzubu muriyo mitumba mwumyaka ya 2005 gushika muruyumwaka wa 2015 murukukwezi kwagatatu nihohabonetse Imbonerakure? twovugako murukukwezi kwagatatu ariho umuhari w’Imbonerakure uvutse mwiyomitumba? Nizabazarizisanzweho mwarimwakoziki kugira mubaneneza nazo? Ndabasaba imyifatire mwarimufise mumyaka yaheze bigatuma mubananeza nizo Mbonerakure bariyo mwongera kugarukako mwirinde ivyovyose bitumwe muyoberana kandi mwese muribene Burundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.