Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Cankuzo : Abasitanteri 4 kuri 5 bakuwe bagirizwa kudashigikira ikiringo ca (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Cankuzo : Abasitanteri 4 kuri 5 bakuwe bagirizwa kudashigikira ikiringo ca (...)

Cankuzo : Abasitanteri 4 kuri 5 bakuwe bagirizwa kudashigikira ikiringo ca gatatu

mardi 14 Ndamukiza 2015

Abasitanteri bane kuri batanu bagize intara ya Cankuzo, babogojwe na Buramatari w’iyo ntara, aho bazira ko bashize umukono ku rwandiko rwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.

Abo basitanteri rero bakaba bagirijwe guhemukira umukuru w’igihugu mu gihe bari ijisho ryiwe mu banyagihugu. Jean Berchimas Simbakwira umukuru w’inama mpanuzwajambo ya komine Mishiha ari nawe mu bateye umukono kuri urwo rwandiko, rw’iyamiriza ico kiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, atangazwa n’ingene abo basitanteri baciye bakurwa na buramatari w’iyo ntara Desire Njiji, bagirizwa guhemukira umukuru w’igihugu mu gihe bari ijisho ryiwe.

JPEG - 217.4 ko
Desire Njiji buramatari w’intara ya Cankuzo

Simbakwira agira ati: ’’Uwatowe mu kuba ijisho ry’umukuru w’igihugu nticobuza ko amuhanura!’’ Ayo makomine rero abasitanteri bayo bakuwe akaba ari Mishiha, Gisagara, Kigamba na Cendajuru, komine ya Cankuzo, akaba ariyo gusa, musitanteri atateyeko umukono kuri urwo rwandiko rwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.

Tukabibutsa ko abo basitanteri bakuwe, baje biyongera ku bandi bagumyabanga batandukanye barimwo abari barongoye inzego zitandukanye nkuru z’igihugu bakuwe mu mabanga yabo no mu mugambwe, harimwo Leonidas Hatungimana yahoze ari umuvugizi w’umukuru w’igihugu hamwe na Severino Buzingo yahoze ari umushikiranganji w’amashure, bose bavuka muri iyo ntara ya Cankuzo kandi bakaba bateye umukono ku rwandiko rwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza mu bambere.

Muri abo, yaba abari basinyuye canke abagumye bananye ku mikono yabo, abatari bake birukanywe mu buzi no mu mugambwe, mu guhabwa ibihano bitandukanye.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ariko turagowe, None bulamatari arashobora gukura ba Musitanteri?
    Abasitanteri jewe nzi ko ari abatowe n’abanygihugu! Bulamatari nawe akaba umukozi wa president kuko yagiyeho par decret. Nugutandukanya ibintu n’ibindi. Mandat du peuple itegerezwa kwubahirizwa. N’uko ndabibona, sinshaka kuba musitanteri kuko ndabirengeye gatoyi ntanyungu ndabishakamwo.

    Bulamatari rero niwe mutoyi kuri Musitanteri!

  • None birabatangaje? Bari bazi ko bica bigenda gt? Ntibaziko mu burundi uje kwigira umushingantahe utoroherwa? Barabafyeta nyene mwishwanje!

  • @Kibwa ca Ntare
    Uti: "N’uko ndabibona, sinshaka kuba musitanteri kuko ndabirengeye gatoyi ntanyungu ndabishakamwo." ?
    Urabirengeye canke birakurengeye? Ivyo uvuze kugukurwa kw’abasitanteri mugabo nanje nivyo nibaza: imbere ko baba abasitanteri babanza kuba abajenama ba komine, bikavugwa ko baba batowe. Sinzi ingene bitegekanijwe mu mategeko, mugabo nibaza ko Bulamatari kugira abakure birinda guca mu nzira itoroshe! Nayo ahandi ho itegeko rigenga ama communes ryoba ririmwo agasorobo!

  • ukwaka amabanga umunntu kubera ivyiyumviro vyiwe, si inyishu nziza. Icari kwihutirwa hari kuba ibiganiro.

  • Burya demokarasi izokwama ivugwa nk’umugani I Burundi, kugeza aka kagwi katuvuye imbere. None nkuwobaza uyu mu buramatari umengo yoga iyo agiye guhonyanga uburenganzira bw’abarundi gusa ati nsobanurira demokarasi ic’arico, yoca yishura ngo n’ukubera ijisho umukuru w’igihugu? Aba bose ni ba niryo. Mugihe uburundi bukiriko butwagwa n’abantu binzara nkaba, Tuzoguma turi mubukene muri vyose ukunyene. Igihe kiratevye ngo NKURUNZIZA rimukorokane hanyuma niho bazomenya uwukunda igihugu kurusha uwundi.

  • Uwuramvye azobona!!! Nanje narinzi ko musitanteri akurwa n’inama mpanuzwajambo ya commune iyo nayo ikaba yaratowe nabanyagihugu. Aba bagabo baba CNDD bakwiye kwiyumvira kabiri imbere yokugira ico bakora.

  • Arabanza agure ikoti yisoneye ,,,ou bibuze agure OMO yo kumesura iyo koti hanyuma abone gukora amafuti yo gukura ba musitanteri,

  • Uta inkoko ntuta ico ibitse nibareke kumaramirira kuri abo basitanteri "hakunirwa n’ijambo wonirwa n’uwo uribwiye "abo bayoboke ba peter batamuhanuye ni abansi biwe ndakurahiye

  • komera buramatari we.ahubwo iyo uhera kubatwara imitumba bose.hama nawe ukagitwara uri wenyene.Mesesha iryo shati nikoti mutama.

  • Ico tuz coco ibwirizw shingr rigum rihonyangw nta ruhush burmatar afis rwo gukur musitanter ahubw abo bagabo umeng ntibiz ic bomeny ntawuhora kungoma bazovah kd baravy nabi naho baveh nka zamujer bivugiy turakej cankuzo irimw abashingantahe nay njiji we atinya kubgozw nubund yarahatsw kk basinye atavyo azi

  • niyoyitungiye victor. umugabo apfa nkumugabo imvugakuri mwese ahomuri nimwemere babakure kuko iki nigihe cabo iciwanyu kiragari uko babakura bankaguhanurwa niko nabo bizogenda kuko ingero ugeramwa ariyo nawe uzogererwamwo kuko intabwirwa ibwirwa nuko amaso atukuye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.