Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Cankuzo : Ingeso yo guharika iriko iratuzwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Cankuzo : Ingeso yo guharika iriko iratuzwa

Cankuzo : Ingeso yo guharika iriko iratuzwa

mardi 9 Mukakaro 2013

Ingeso y’uguharika n’aho abanyagihugu bagerageza kuyituza bafashanije n’intwaro, n’ubu ntibarahera burundu ahubwo abanyagihugu bo mu ntara zimwe zimwe bakavuga ko ubu hadutse izindi ngeso z’abantu bava mu ntara z’ahandi, bagaheza bakiyita abasore kugira bashobore kurongora uwundi mugore.

Mu ntara ya Camkuzo, abakenyezi bamenyesha ko banezerezwa n’umugambi wo gutuza abashaka kurongora abagore benshi, ivyo bigatuma bavyara bake kandi bashoboye kurera. Abanyagihugu rero bo mu ntara ya Cankuzo, bavuga ko bafashijwe na Diyoseze ya Ruyigi, maze bituma mu nyigisho bagiye bararonswa, co kimwe na komite bonyene bashinze iri mu kibano, iyo komite nayo igafasha kuraba ahoba hari umugore mushasha, aba yarongowe mu mpisho. Iyo bigenze ukwo, uwo mugore araheza akirukanwa, uyo mugabo nawe agaheza agasubira ku rugo rukuru.

Iyo komite abanyagihugu bavuga ko ifasha cane kuko ituma ubu ibijanye n’uguharika bigabanuka. Ariko rero abantu bava mu ntara za Ruyigi, Kayanza n’izindi bagirizwa ko baza kurondera amatongo mu gihe ayo bari bafise aba yaga, hahera iminsi mike bagaca barongora uwundi mugore. Ivyo rero biragora iyo komite kuko uyo muntu ataba azwi neza ko ari umusore canke yubatse, ariko rero kenshi iyo babimenye ko aharitse baraheza bakamushikiriza inyamiramabi, agahanwa.

Abarongoye intwaro rero, bahanura abakenyezi kutajana nyabahururu ngo barongorwe n’umugabo mu gihe afise uwundi mugore kuko mu mategeko y’Uburundi hemewe umugore umwe, n’umugabo umwe. Abapfasoni rero bagasabwa kwubakana n’abagabo mu gihe babanje kumenya neza ko batabahenze ngo babe bafise abandi bagore.

Ibi rero bikaba vyatumye ibijanye n’uguharika bigabanuka, ndetse n’imanza zijanye n’izo ngorane z’uguharika zigabanuka. Uguharika rero ngo biri mu bituma itunga ry’umuryango rihaherera kuko umugabo ataba agishobora gusumira urugo rumwe. Eka no ku mugore mukuru, haraboneka ingorane mu gihe haba haharawe umugore mushasha, we n’abana biwe ubukene nabwo bugaheza bugatema bugatongora kandi ugasanga n’ibikorwa biragabanutse kuko utwo umugabo yahora amufasha ataba akimufasha kuko aca afata umwanya akawugaburira abo bose. Eka n’indero y’abana muri ico gihe ntiheza ngo yifate neza, kuko abana baba barezwe n’umuvyeyi umwe.

Abakenyezi bo mu ntara ya Cankuzo, bakaba bashima cane impanuro za Diyoseze yabo, ndetse n’ingingo zifatwa na komite yo mu kibano, ituma iyo ngeso igabanuka, ingeso abakenyezi bo muri iyo ntara bavuga ko ari irwira mu gise c’isarura ry’umwimbu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.