Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Cibitoke : Abadasigana bariyamiriza ikurwa ry’ababaserukira mu ntwaro zo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Cibitoke : Abadasigana bariyamiriza ikurwa ry’ababaserukira mu ntwaro zo (...)

Cibitoke : Abadasigana bariyamiriza ikurwa ry’ababaserukira mu ntwaro zo hasi

mercredi 25 Kigarama 2013

Abadasigana b’umugambwe Uprona mu ntara ya Cibitoke bagiriza abajejwe intwaro baturuka mu mugambwe CNDD FDD kuba bakora ibishoboka vyose kugira abadasigana batowe bari mu nzego bakurwe mu buzi bwabo atacamira.

Etienne Simbarakiye umushingamateka yatowe mu ntara ya Cibitoke, avuga ko iyo ngeso yogukura abadasigana bari mu mabanga amwe amwe yo mu ntwaro zo hasi aho mu ntara ya Cibitoke atari agaseseshwa rumuri, aho hari abandi bari bamaze kwirukanwa, kandi bari batowe n’abanyagihugu. Uyo mu shingamateka, akaba atanga akarorero k’umudasigana Yuvinari Nibizi yakuwe aho yahora ari umukuru w’umutumba, kandi ndetse yari yatowe n’abanyagihugu. Abari baratowe rero bakaba basa n’abariko barahera muri iyo ntara, mu gihe atabandi basigaye baserukira Uprona mu nzego zo hasi, bari bagiye baritorerwa n’abanyagihugu nk’uko uyo mushingamateka abimenyesha.

Buramatari w’intara ya Cibitoke Anselme Nyandwi, akaba avuga ko uwo mudasigana yakuwe n’inama mpanuzajambo ya komine, imwagiriza kuba yonona amatungo y’ikomine. Buramatari rero, akaba yamirira kure ibivugwa ko yazize imvo za poritike.

Umushingamateka Etienne Simbarakiye akaba asaba abarongoye abandi muri iyo ntara ya Cibitoke kutaza baritwaza ubushobozi bafise, mu gucinyiza abandi, canke ndetse mu gutoteza ababa batowe n’abanyagihugu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.