Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Cibitoke : Agaseke "Sigariza Lazaro" ko gufasha abagowe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Cibitoke : Agaseke "Sigariza Lazaro" ko gufasha abagowe

Cibitoke : Agaseke "Sigariza Lazaro" ko gufasha abagowe

lundi 17 Ruheshi 2013

Mu ntara ya Cibitoke, kuri uyu w’Imana w’igenekerezo rya 16 Ruheshi 2013, mu ntumbero yo kwugurura igikorwa c’iterambere c’inyubako nshasha yuzuye aho mu gisagara c’iyo ntara, iyo nyubako ikaba yitwa Bethrehem Guest House, haratangujwe igikorwa gikomeye c’agase ko gufasha abatishoboye kitwa “ Sigariza Lazaro”.

Abafashe amajambo bose bashimye ico gikorwa c’iterambere ciyongereye mu bindi bisanzwe borerwa muri iyo ntara. Ako gaseke kakaba kazoja gashirwamo amahera yo gufasha impfuvyi, abapfakazi n’abatishoboye muri rusangi.

Nk’uko nyene iyo nyubakwa yabimenyesheje, imvo zatumye yiyumvira gushiraho ako gaseke aho hantu, yabikuye mu bihugu vyo hanze aho usanga ahantu hahurira abantu benshi haba hari agaseke nk’ako ko gufasha abatishoboye. Ku kibazo c’izina yakise, yamenyesheje ko yabikuye ku mugani wa Lazaro nawa mugwizatunga ku bemera Bibiriya ari nayo mvo yatumye akita ngo Sigariza Lazaro .


Joel Sengurebe

Messages

  • MUBIKORE ATA BURYARYA KUGIRA MUZE MUHABWE GUHIRWA NKAWE MU GIKIRIZA CA ABUHAMU YESU NA AZOBIBUKIRAKO AHO OZOZIZA GUHEMBA ABAKOZE NEZA MUKWITAHO IMPFUVYI N’ABAPFAKAZI.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.