Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CNDD : Amacakubiri mu Burundi ari hagati y’abasuma, abicanyi n’abanyagihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > CNDD : Amacakubiri mu Burundi ari hagati y’abasuma, abicanyi n’abanyagihugu

CNDD : Amacakubiri mu Burundi ari hagati y’abasuma, abicanyi n’abanyagihugu

mercredi 4 Ntwarante 2015

Leonard Nyangoma umukuru w’umugambwe CNDD amenyesha ko atamacakubiri akiri mu Burundi, ayasigaye nayo ari ayari hagati y’abasuma, abicanyi n’abanyagihugu.

Ivyo, Leonard Nyangoma akaba yabimenyesheje, abicishije ku rubuga ngurukanabumenyi rw’umugambwe arongoye CNDD. Ku bwiwe rero, arizeye ko ayo macakubiri ari hagati y’abasuma, abicanyi n’abanyagihugu bazoyarwanya, kandi bayatsinde. Muri urwo rwandiko, umukuru w’umugambwe CNDD, aributsa indwano barwanye kugira Uburundi bwikure mu vyara vy’ababutwaza umukazo, yaba abakoronije Uburundi, abavuguruje abanyagihugu mu kugandagura umukuru w’igihugu yari yitorewe n’abanyagihugu mu mwaka w’1993, ariko aho hose, akavuga ko abipfuje kuzingamika intwaro rusangi, babarwanije, barabagondoza, mpaka baraja mu biganiro vyo kugarukana amahoro vyatanguriye i Roma mu Butariyano, hanyuma bibandaniriza i Arusha.

Leonard Nyangoma umukuru w’umugambwe CNDD

Ariko rero naho barwanye kugira bashikire ukubaho neza kw’umunyagihugu, n’ugutuza amacakubiri y’ubwoko bwose, Nyangoma avuga ko ubukene, inzara n’inyota vyasinzikaje abanyagihugu, hamwe n’ubusuma n’ubwicanyi vyigize ndanse mu gihugu bikaba bisigaye umengo ni ubuhizi nk’uko abandanya abivuga. Ayo mahano yose rero nk’uko bivugwa n’umukuru wa CNDD, akaba atumwa cane cane n’uko intwaro ya Nkurunziza Petero ititaho ineza n’iterambere vy’igihugu n’abanyagihugu.

Muri urwo rwandiko nyene, Leonard Nyangoma, akaba yashimiye abanyagihugu isinzi, bagiye gusanganira umuyobozi wa RPA ijwi ry’abanyagihugu, aho yari avuye mw’ibohero rya Muramvya. Muri ivyo birori vyo kwakira Bob Rugurika, bikaba vyari vyitabwe n’abarundi batandukanye, bari mu migambwe n’amoko atandukanye.


Aristide Nizigire

Messages

  • Mbre uyo mumuzuye he ko atari akivugwa? Na Francois Bizimana yarabonye ko ataco yanze aca aramuta.

  • Umushingantahe wijabo nijuja komera Nyagoma .iyataba wewe uburundi ntitwopfye tusubiriye kuronka democratie’ikitacuzwe nabahutu gusubira kuronka ijambo wewe wemeye ukakura ikaruvati ukaja mikibira (urumwe!!!!!!!!!

  • Mukomerechane abatakuzi bapfa batakumenyenyene kuko naboba ddd bavugwa bananiwe nukurongorigihugu twebwe turazinezako ariwe wabahumuyamaso munyuma batwibumugabwe ariyompavu babuze nizina bita umugambwe kuko kubatabizi sendede warumugambwe ariryo zina nyakubahwa yangoma ayagumanye ariryo CNDD iryo niryo original abadedero bamazekuburizina bitumugambwe bakubisekudeta nyangoma bachiye bafata izina umugambwewitwa. Ariyo CNDD bongerakwizina igisirikare chanyangomachitwa EFUDD bacha bateranya ayomazinayose bawitango ni CNND EFDD ntakintu nakimwe bigeze bahindura muvyo nyakubahwa nyangoma yariyakoze rero muvyumva mutavyumva aba dd ntakintu nakimwe bashoboye nichogituma nogutwara vyabataye kuwamazi ikintuchose chichibano ntikiramba iyaba bativyumugambwe iyobareka ayomanyangayabo yamakudeta iyontwro yoremye noneho vyabayamazi nahusseni rajabu yaraye yitorokeye ntavyasongambere man komeranyangoma umugabo wijuja nijambo ibisigaye abindandende ureke bavemwo bagende nakare abonibamwe bakunda kuvurugimigabwe kuko bababaronderizindinyungu abantu isinzi turinyumayawe ntuze wigeruhemukira abarundi nkuko bamwebamwe barikobaragaragara iyobashikiriyubutegetsi ntibabenyeko utwayenabi abanyagihugu bababakubonye mukomerechane muteremujimbere nkumuzinga tuzichowamaze kaanatsinango umuhinimushasha uteraamabavu uwomuhinimushasha ni CNDD EFDD

  • Wewe wiyise CNDD, ivyo uvuze udambikanya urazombaza nzobigusigurideneza kukondabona atavyuzi ukovyatanguye nimpamvuyabiteye iyabibizirero wirikwirinda kuzana ivyakahise nka Nyangoma, wewe ntunsumvya ivyo Nyangomayakoze vyizantazigera nibagira, kandintunsumvya amanyanganga yakoze kiriyagihe kubera ibibi yadukoreye bidashobora guhanagura ivyiza yadukoreye sinshaka umuntu azana ivyakahise ka Nyangoma kuko ntacobimaze gukuranako agahuzu rekadukurikirane ibigezweho nawe abandanye akwakwanye turebeko yozosubira mugihuguciwe ubonako nimyakayiwe imugezekure, icishe abarundi nuko ahoguhanura umutamankurya rwareke vukomantaza umutima ahubwo mumushuhiriza icarimwe umutwe ngokomera mutama urashoboye uzofata igihugu bagutesheje nawe akemerivyo forever and ever.

  • Abagutyoza nibagutyoze ariko umurundi w’umutima quel que soit ubwoko arimwo arazi ico wakorey igihugu.abaguciy mu mbavu bitwaj amacakubiri ayariyo yose bagaskira ubutegetsi turabona iyo bagejej igihugu ikomerere uri incabwenge kand ADC tukwitezeko vyinshi

  • ((mbega ikikirogoryo nuwera))) nta Nyagoma uzi ugara iyo cabine yawe na Nkuruziza uwo mubaza kwazi nyagoma ntawe azi ehe ndakubwire abamuzi wakigugu we ’ ’ urabaza ((bagaza ’buyoya’)))kugira atahane abahutu mugihugu kwari ukugwana kwanyagoma wakigugu we ex :ndadaye’ntibantuganya’kabushemeye, etc munyama bashiga umugabwe’munyuma bica ndadaye’munyuma umuhutu abara iyaja niyaja’nyagoma ati::simpuga aja mukibira arumwe ashiga CNDD munyuma yongera ko ikisoda FDD wakirogorye we uruva kuhemukira umuntu nkuwo ubu mukamurekera inyuma yigihugu mwabamejamwe (arusha) iryo jambo mwirigwa urigina abahutu abatutsi ,nikubwa mutama Nyagoma nyakugira imana nabantu naho ataha

  • MBEGA HAGATI YUWITWA NWARI NA NUWERA NINDE AKWIYE KWITWA IRYOZINA NWARI AHAYE UWITWA NUWERA?
    IKINDI HAGATI YA NUWERA NA NWARI YISE NUWERA IKIGUGU/IKIROGORYO NINDE ABEREYE KUBA IKIGUGU CANKE IKIROGORYO?

    IBIBIBAZO VYOKWOROHA KWISHURA USANZWE UKURIKIRANA IVYANDIKWA NABABANTU BABIRI NDABABWIYE ARIBO : NWARI NA NUWERA.

  • MBEHAMWE PEREJINDABOMUTORA IKIKIRINGOCATATU IKIRINGOKIGIRAKANE NTITUZOMWONGERA?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.