Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CNDD FDD:’’Abari mu myiyerekano bipfuza Reta y’imfatakibanza’’ - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > CNDD FDD:’’Abari mu myiyerekano bipfuza Reta y’imfatakibanza’’

CNDD FDD:’’Abari mu myiyerekano bipfuza Reta y’imfatakibanza’’

vendredi 1er Rusama 2015

Umugambwe CNDD FDD wagiriza abari mu myiyerekano ko bipfuza Reta y’imfatakibanza.

Mw’itangazo uyo mugambwe wahaye ikinymakuru IGIHE.bi , uvuga ko guhera igenekerezo rya 26 Ndamukiza akarwi k’abanyeporitike bafatanije na bagenzi babo bo mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, bagumuye abanywanyi babo, bihereza amabarabara, badasavye n’uruhusha kuko ku bwabo batabona uwo bosaba uruhusha, bisigura nk’uko bivugwa na CNDD FDD ko atabutegetsi buhari.
Uwo mugambwe uvuga ko abari mu myiyerekano batoteza bamwe mu batavuga rumwe n’uguteranya inzego z’umutekano n’igiporisi.

Uwo mugambwe kandi ukaba ushimira izo nzego kubona zarashoboye gucungera neza iyo myiyerekano hakurikijwe amategeko, ariko ugasaba ko abateguye iyo myiyerekano bokwiyamirizwa n’abarundi n’amakungu. Muri CNDD FDD bavuga ko abari mu myiyerekano ari nka Ngagara, Cibitoke, Musaga , Nyakabiga na Mutakura, abarundi bazi kahise batipfuza kugarukako.

Tukabamenyesha ko uwo mugambwe ushikirije iryo tangazo mu gihe imigambwe itavuga rumwe na CNDD FDD hamwe n’amwe mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, ari mu myiyerekano, ndetse abo bayiteguye, bagasaba umugambwe CNDD FDD n’abo bacuditse ko batohirahira bagashira ivy’amoko muri abo bari mu myiyerekano. Bavuga ko imyiyerekano irimwo bose, abahutu, abatutsi n’abatwa, kandi bose bagashaka gusubiza iteka amasezerano y’i Arusha, n’ibwirizwa nshingiro.


Aristide Nizigire

Messages

  • None abo uvuga bahohotewe babasanze iwabo ko mbona benshi bafatanwa ibirwanisho. Imyiyerekano ntibayisabira uruhusha barayimenyesha gusa. Inzego z’umutekano nazo ntabazicanishijemwo. Nibaza ahubwo ko arimwe mwashatse ko zokora nabi zose ariko siko vyagenze. Ntawushaka Reta mfatakibanza. None mwebwe mwari mwabuze uwundi mwoshira imbere aho mwazana uwutabirekurirwa n’amategeko? Ahubwo nimwe vyananiye. Guhohotera abantu naho, urya Joe Dassin yoba yari yatumwe na nde? Menya neza. Police ntiyigeze icungera imyiyerekano ahubwo yagumye iyihungabanya kiretse iyanyu gusa. Uravuze uti abarundi n’abanyamahanga bayiyamirize. Abo bari muriyo si abarundi? Abanyamahanga nabo baramaze kwerekana aho bahagaze.

  • Iryo tangazo tuba dukeneye kuribona integralement. Keretse niba ari rirerire ritakwirwa kuri page cyangwa babasabye kubakorera resume yaryo akaba ariyo muduha

  • Pascal Nyabenda uko usa mumaso niko unasa k’umutima,sinarinjiko uri umunyabwenge bwinshi nkuko ndakubona,abanyamahanga uvuga bokwiyamiriza abari mumyiyerekano nibande basumba abiyamiriza Nkurunziza Petero ari guhonyanga amategeko.Amahanga yose ari kuvuma Nkurunziza Petero kubw’ubujuju bwiwe ariko arakoresha nkandi abihenzwe nawe Pascal Nyabenda umunyabwenge bwinshi,nagira nkebure CNDD FDDn nimuhagarike integuro yanyu ya Jenoside mwateguye muhenzwe nakagwi gatoya kari muri mwebwe nahubundi amakungu arabaza intoki.Pascal Nyabenda we reka kuryanisha abahutu n’abatutsi n’abatwa kuko dusigaye turi umwe ayo twahitiyemwo twarayabonye kandi vyose vyari vyatewe n’ibijuju vy’abategetse nka pascal nyabenda bashira ubwoko imbere.Uwovuga ay’inzuki ubuki ntibwonyobwa.Abasoda bab’abahutu mwanigaguriye mu ikibira banganiki ntibari abahutu banigwa nabandi bahutu ,mbe izo mbonerakure ntizigizwe n’abahutu sizonyene ziri kwica abahutu,aho wumva uba uriko uragomatwa iki kandi uzi amabi uriko urakorera abahutu.Abo mwirukanya muri CNDD FDD si abahutu none ko mushaka no kubagandagura mubagandagura kuko ari abatutsi,imvugo yo kuryanisha abarundi nuyireke ukomeze usabe uwimye kuko uraziko utoshobora gutwara u Burundi.Adolphe Nshimirimana ndamuzi kugusuvya ko yifitiye amashuri magufi ubona yotwara uburundi,keretse asubiye i Kigali kuri ETL i Gikondo akongereza ayo yahize canke PALIPEHUTU ikongera kumwizera ikamurungika kuminuza amashule ya gisirikale muri Congo.iyo uvuga ubanze uzengurutse ururimi incuro 7 mukanwa kawe imbere yuko usohora ijambo.Iyo muja kuba muri abanyabwenge kandi bazi no kuvuga ntimuba mwaratanze Nkurunziza Piere ngwaserukire umugambwe wanyu mu matora ahubgo mwabikoze kuko mwasanze wese muri mukwezi atanumwe afite Capacite yo mwemerera gutwara.Pascal wewe ubwawe ubona wotwara uburundi? Sigaho guteranya aba Police n’aba Silikale kuko Abasoda barazi ico bakora, bandanya uhende ivyo bijuju vy’abapoloce batazi ikiva mukanwa kinkoho nizo mbonerakure.Nsabe abari mumyiyerekano ntimucike integer,akalinyuma karahinda Nkurunziza aho mwamubonye naho ntimuzongera kumubona ukundi nikimenya menya umugore wiwe n’abana bari hehe? ntimibona ko asigaranye wawundi yahinduye ikijuju kubera imiti yamuhamuriyemwo.ububutumwa mubuhanahane.

  • Baripfuza caaaane ntavyo bazobona ,ariko ntakundi bobigira kuko mumatora ntibanabwejura nkutubwana

  • Jewe nibaza aba DD kobariye imiti kuko ivyo bavuga nivyo bakora birasa ntumenga bikora abakomeye:Urazi ukuntu buzuye akagaye?nayo akagaye munyama ni ihaha kandi umurundi w’ubu hako umugaya wosiga umwishe!Aho abari muri opposition n’amashirahamwe yigenga n’amashengero ndetse n’abandi kugatwe kabo nka Pancles Cimpaye,Pasteur,Léonard Nyangoma n’amakungu baribasemererye bati uyo mwita kabizi ikiringo ciwe cogutwara caraheze,bati agasubira kwitoza tuzoja mwibarabara ntimwumva? ntimwabona?Kuki none mugaruka kwiyamiriza imyiyerekano kandi ariyo mwashatse?Uyo Peter muvuga kugeza ubu amakungu,amashirahamwe yigenga,ibihugu bibanyi, umwana,umugabo ndetse na bababakenyezi yahenda ngo bavyarakubuntu hama bakabamarira kumbugita babasatagura mukwibaruka ntanumwe akimwerekwa atari wewe Pascal na Adolphe nakokarwi kose harimwo nicogisambo CENI !None biragenda gute ko ugutwi kw’impene kumva kwokeje kandi ntakabuza ON ibivuga ivyeruye ko uyo nyene mwitirira igisiga atikubise agashi ngo umutekano ugaruke mugihugu abantu bareke gupfa arashobora kugirirwa akantu nawe rero pascal muhendana aho murikumwe kandi uko vyogenda kwose ntacomusha mwokora kuko ON ibandanya ivugako abishw muri iyi nigumuko bose amategeko ategerezwe gukora hisunzwe ubutungane.Je nicogituma mvuganti mwararozwe ivyabaye muri Lybie na Sénégal na Misili sinziko mutabibonye?Nivyiza rro komwibonerako ukuri kukaja ahabona ingingo igakora n’abandi bafise agatima nkako bakamenya ko abarundi biga kandi bagaca ubwenge!Tegumutwe........

  • Iki gihutu kiboneka kicyamaze abantu kweri

  • None mushaka bakore iki kindi ko mutabemerera kuja mu biganiro ahubwo muguma mubatamika ibitamanuka canke ibitamirika ???

  • None ko ata gouvernement ihari hari un groupe de voyoux, none igihugu gitwarwe nande atari gouvernement y’imfatakibanza ihuza bose?

    Mwa ba DD mwe ntimuzokwitwaze abahutu, nta muhutu numwe yabatumye kwica, gusahura no guhonyanga amategeko y’Igihugu. Mwatumwe n’inda ndende yanyu none nibe ariyo mubaza, nta numwe abari inyuma atari bamwe mwirirwa muhendesha ikiro c’umuceri. Muramaramaje Abarundi n’amakungu. Gende muri igito. Nari nabahaye imyaka 30 none nta nicagatatu mushikanye. Mwamye mwibaza ko mukiri mwishamba! Amategeko y’ishamba nta twara igihugu.

  • KIMWE UMWUMVIKANO NI ICAMBERE ABO BANYEPORITIKE NIBAYAGE BASHIZIMBERE INEZA Y,IGIHUGU.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.