Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sahwanya Frodebu: Abanywanyi b’umugambwe ntiborohewe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Sahwanya Frodebu: Abanywanyi b’umugambwe ntiborohewe

Sahwanya Frodebu: Abanywanyi b’umugambwe ntiborohewe

mercredi 24 Ndamukiza 2013

Icegera c’umukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu Ferederiko Bamvuginyumvira, avuga ko kubona abatavuga rumwe n’umugambwe uri k’ubutegetsi batihanganirwa aho baciye hose,banka ko bahinyura rusansuma ruriko rurakorwa mu ntara zimwe zimwe z’igihugu.

Mu kiganiro yagiranye nabagenzi bacu bo kuri radiyo Isanganiro ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 23 Ndamukiza 2103,avuga ko mu ntara ya Cibitoke ivyo bintu ariho vyeze haraheze iminsi ine,akamenyesha iyo ngendo inyuranye n’ibwirizwa nshingiro ry’u Burundi.

Nkuko Ferederiko Bamvuginyumvira abanndanya abishikiriza,ivyo bije mu gihe ibendera ry’uyo mugambwe ryibwe muri komine ya Buganda ku musozi Kaburantwa mu ntara ya Cibitoke.Eka mu ntara ya Kirundo,komine Ntega aho ngo abanywanyi ba Frodebu barakubiswe barashaya,abandanya avuga ko no mu Kayanza,abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi bakubise aba Frodebu.

Mundwi iheze naho,mu ntara ya Bururi,abadandaza ivyamwa barabujijwe kudandaza ngo kuko batanze inkuru yavuga ko hari hari urwaruka rw’imbonerakure yahohoteye umunyagihugu muri ako karere..

Mu ntaraya Kirundo ngo abantu batatu barakomeretse mugihe abanywanyi b’umugambwe wa Melchior Ndadaye bipfuza kumanika ama bendera y’umugamgwe wabo ku musozi Kiruhura.

Ku bwa Bamvuginyumvira Ferederiko yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu avuga ivyo vyose biza kwonona ivy’abanyepolitike baherutse kumvikana kubijanye n’integuro nziza y’amatora yo mu 2015.


Aristide Nizigire

Messages

  • Gerageza murabe ariko ugomba ukavyara ugaheka shigikira CNDD ataruko hunga igihugu,kuko muburundi ntakwishira nukwizana kuharangwa.

  • Oya nawe Ndayi!!! muburundi hari amahoro!

  • komera ba FRODEBU dukunda mwarerekanye ko muri n’incabwenge iyo muhanganye mu biganiro usanga kenshi abo ba DData n’ivyiyumviro bagira tari ukwiba ubwenge na analyse ntubabaze . turi inyuma yanyu kandi ukuri kuzotsinda .

  • Twipfuza intwaro yitorewe nabanyagihugu muburundi.atagitsure atagahato.amatora ya 2015 tuyitegurire mumahoro.kandi ibwirizwa nshingiro ry,uburundi ribe ariryo ryisungwa.

  • abafrodebu kera mwari imvuga kuri kandi nubu harigihe umengo muriko muvuga ukuri ariko poritike yanyu kubahunze igihugu nyuma bagatahuka ntihumuriza namba cdd fdd nibo batuma itsinda ivyo babwira abobasanze kumitumba barabifata nkankama ndabarahiye mudahinduye poritike aba DD ntimuzopfa mubakuye kubutegetsi naho ikibiri muziyegeranya ntimuzotsinda

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.