Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CNDD FDD : Umunsi mukuru w’umurwanyi wibutsa abaguye ku rugamba - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > CNDD FDD : Umunsi mukuru w’umurwanyi wibutsa abaguye ku rugamba

CNDD FDD : Umunsi mukuru w’umurwanyi wibutsa abaguye ku rugamba

mercredi 13 Munyonyo 2013

Umugambwe CNDD FDD watanguje indwi yitiriwe umurwanyi, mu birori vyahimbajwe mu ntara 17 zose zigize igihugu c’Uburundi. Umunsi mukuru nyenizina witiriwe umurwanyi uzohimbazwa ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 16 Munyonyo 2013, muma komine yose agize igihugu c’Uburundi.

Pascal Nyabenda, umukuru w’umugambwe CNDD FDD, mu birori vyabereye i Bujumbura mu ngoro y’umugambwe CNDD FDD ku rwego rw’igihugu, yamenyesheje ko iryo genekerezo rya 16 Munyonyo ribibutsa umunsi haterwa umukono ku masezerano yo guhagarika intambara kuri iryo genekerezo nyene mu mwaka w’2003 mu gisagara ca Dar Es Salaam kiri mu gihugu ca Tanzaniya. Uwo munsi nyene, amasezerano y’amahoro ahejeje guterwako umukono, abarwanyi b’umuhari CNDD ico gihe bitwa "Intagoheka" barubahirije ako kamo, basubiza ibirwanisho hasi.

Umukuru w’umugambwe CNDD FDD yamenyesheje ko uguhimbaza umunsi mukuru w’umurwanyi mu mugambwe CNDD FDD, ari ugufata umwanya wo kwibuka abasize ubuzima bwabo ku rugamba bariko bahabuza intwaro rusangi. Mu mugambwe CNDD FDD basigura ko bibuka uwo munsi kugira abarwanye n’abinjiye mu mugambwe inyuma y’intambara bame baha agaciro abasheshe amaraso yabo, kandi bame bibuka aho umugambwe wavuye n’abawiguze.

JPEG - 45 ko
Pascal Nyabenda, umukuru w’umugambwe CNDD - FDD

Kubwa Pascal Nyabenda, umuhari CNDD wavutse bivanye n’akarenganyo n’agacinyizo ubutegetsi bwari buhari bwerekanye mu gukumira abandi barundi, ari navyo vyatumye hari abafata inzira y’intambara.
"Ibihugu vyose vyama bifise abarongozi, mu bihugu bigengwa n’intwaro rusangi, abarongozi baba batowe n’abanyagihugu. Mu Burundi, abo barongozi bitorewe n’abanyagihugu nta n’umwe yatwara amezi arenga atatu kuva igihugu cikukira. Abanyagihugu baguma bicwa n’abajejwe kubakingira."

Nk’uko Nyabenda Pascal, umukuru w’umugambwe CNDD FDD yabandanije abimenyesha, mu mwaka w’1993, abarundi baratoye umukuru w’igihugu, Nyenicubahiro Melchior Ndadaye, aca aragandagurwa kw’igenekerezo rya 21 Gitugutu 1993, abanyagihugu baragira ubwoba babonye n’abafasha biwe n’abandi bene gihugu bagandaguwe, umwe wese aho ari aca atangura kurondera uko yokwikingira, ari naho bamwe baciye bafata inzira y’intambara, mu ntumbero yo guhabuza intwaro rusangi.


Egide Nduwimana

Messages

  • Kwibuka abaguye ku rugamba rw’amahoro, sinibaza ko abo bategetsi ba CNDD-FDD bagize neza kutavuga igandagurwa rya President Ntaryamira Cyprien. Ngo politique ou diplomatie si ukuvugira hejuru canke kugira imvugo nkumenera inda ku rukumu, none Umukuru wa CNDD-FDD avuze ko Ndadaye kimwe na Cyprien Ntaryamira bagandaguwe n’abansi, yoba abaye iki? Canke yokwihoza kuvug’abansi ariko akagira ko Leta CNDD-FDD igiye gutohoza no gukurikiranira hafi igandagurwa rya Cyprien Ntaryamira, hari ingorane? Kandi bizwi ko yishwe n’abanyarwanda.....!!! Mbe nyene, SAHWANYA-FRODEBU boba bafise ico ciyumviro? Atari uko, reka Kagame agume abifatira

  • Wewe wiyise Coldman kubera iki uhandwa ku rurimi abandi bahandwa mu kirenge? Mbega KAGAME uvuga yifatiye ba nde? Ba muvuga ibintu mwotanga insiguro. Ahubwo kuvuga gusa birutwa n,uko woshinga urubanza ukarega abo wita abanyamakosa, ukabashikiriza ubutungane. ubundi naho kubera ko uzi abishe NTARYAMIRA ubwo nawe urimwo mubamwishe ufatwe, canke uri complice.

  • Hahahahaaa, wewe wiyise coldman naza nabona ko ufise ikibazo k’Urwanda, kuko si ubwa mbere mbonye wikomye Urwanda na Nyakubahwa Kagame, kabone naho inkuru yanditwe ataho iba ihuriye n’Urwanda. Ndakugiriye inama wovavanura n’iciswe ivyiyumviro bishaje ufise kuko nta wundi bizogirako ingaruka kiretse wewe ubwawe.

  • Mbegahoho niryari hazibukwa abarundi n’abarundikazi baguye murizo ntambara zabo guhera kera narindi canke hobahariko hategugwiki kurabobose bagwanye kugira babashikane aho bari ubu? mbega abagwanye naba dd gusa?
    canke niryari hazoba umunsi mukuru wabagwanyi bose?
    yemwe bangwe nibanga murantunga mumburanye
    abazanye amahoro saba dd gusa

  • CNDD FDD shirira wongere uzigire!!!! tuzogutora

  • hahhaaa..muratwenza, UPRONA yanje naho mwogir ute ntimuzoyinkurako

  • Oh la la la la.., sorry Rwasa Cyprien na Che!!
    C’est bon ko musoma kandi mugerageza gukurikiranira hafi inkuru z’igihugu cacu n’izo aka karere nk’uwiswe Lydia. Ese abarundi bose bopfuma babigenza uko minsi yose. Hanyuma nkibaza ko iciyumviro natanze kidahushanye cane na article ya Egide Nduwimana. Ahubwo mbona ari mwe mwashimye kugira des critiques gusa au lieu de donner votre point de vue. Mugabo ntaco, menye ko un président assassiné, quelque soit son status, aza imbere y’abo bandi basoda barwa ku rugamba. Hama nkaba ndi umurwanyi ariko yirinda gukor’amaraso, surtout ya kiremwamuntu. Kumbure ko mutantegereye. Mu bisanzwe, abantu bagenda bahirika ibintu canke baca ku masong’inkuru zikeneye umuco kugire tuve mu kaga, malheureusement sinkunze kwemetta sur leurs ondes. Pour moi, Kagame ne veut rien dire par rapport àun Président de mon propre pays, le Burundi. Mbe un Président atubahirijwe mu gihugu aramutswa, ni nde yoza asonera nyarucari? Nimwabiraba neza, ni mwe na je (ordinary people) dutum’amategeko ahinyanyurwa ku neza yacu n’iteka ry’igihugu cacu. Usangwa rero CNDD-FDD yibutse abasoda babo gusa baguye ku rugamba rw’amahoro, harageze ko bikubit’agashi bagarukire n’abandi biyindi Migambwe badasubiye kwiyobagiza cane cane Rwagasore, Paul Mirerekano, Pierre Ngendandumwe, Ndadaye Melchior na Cyprien Ntaryamira. Erega bitagenze uko, umuntu wese azoza arobora kamwe kamwe atacamira.

  • nagomba gukeza abagumyabanga bose ba cndd-fdd kubutwari n’ubwira vyabaranze igihe bari ku rugamba mbere bikaba arivyo vyatumye bashika kumasezerano yo guhagarika ingwano hanyuma uburundi nabarundi bakiruhutsa nkaba nagomba gukeza nyenicubahiro Petero nkurunziza nongera ndamushimira kuko igihugu agishikanye kuntambwe ishimishije mw’iterambere, nti nakomere kandi yirambire.

  • Kagame yalifatiye uburundi muga ntamvuridahita bizojahabona uwomukuru wigihugu nawe hagera kwidosiye yu mukuruwigihugu yagandaguriwe mu Rwanda agaca acereza arabe neza ntabariko atigihugu mumanga mbega abo bapfiriye kurugamba nibo bokwibukwa imbere ahumengo nibo bagandaguwe bonyene !!canke abaguyekurugamba naba CNDD bonyene ?? Imigwi yagwanye muburundi ni CNDD yonyene ?? Abarundi nidukanure bavuga intaro zagacinyizo niyo yabo niyagacinyizo muga bamenyeko abarundi tubonakura twarakanuye

  • Jewe uko ndavyumva icihutirwa sugukora iminsi mikuru mpimbano itazwi ahubwo tukishira mukibanza c’umurundi nyarucari arara rubunda atagira icepfo caruguru yishwe ninzara. Numva ico arico coba kiruta ivyo vyitwa umunsi w’umurwanyi kuko nugusesagura itunga ry’igihugu kubera ejo umwe wese azohava yitiranya umunsi w’igihugu n’uwumuntu kugiti ciwe. Hanyuma Rwanda ya Paul Kagame ifise aho ishitse ntimukitiranye ibintu bibiri bidasa. M

  • Uriya mutwe wa Marcel gatsinzi uzabavugisha isi.! umvakomwanze kwiha amakungu nabyabindi 1972. 1993. bizashyirwa ahabona

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.