Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CNDD FDD yagiriza abatavuga rumwe na Reta gushigikira itembagazwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > CNDD FDD yagiriza abatavuga rumwe na Reta gushigikira itembagazwa (...)

CNDD FDD yagiriza abatavuga rumwe na Reta gushigikira itembagazwa ry’ubutegetsi

lundi 20 Mukakaro 2015

Umugambwe CNDD FDD umenyesha ko abatavuga rumwe na Reta babandanya umugambi batanguye wo gutembagaza ubutegetsi.

Mw ‘itangazo ry’umugambwe CNDD FDD ryo kuwa 20 Mukakro ryateweko umukono n’umukuru w’umugambwe Pascal Nyabenda,uwo mugambwe umenyesha ko ivyo vyerekanwa n’urwandiko bateyeko umukono rumemyesha ishingwa ry’ Inama Nkuru yo kwubahiriza Amasezerano y’i Arusha be no gushinga Reta yubahiriza amategeko mu Burundi.

Iryo tangazo rimenyesha ko iciyumviro c’abanyepolitike batavuga rumwe na Reta ari uburyo bwo kubandanya baganira ariko umugambi wo gusenyura inzego zirongoye igihugu baturutse mu gihugu c’Urwanda.

Umugambwe CNDD FDD umenyesha ko ikibazo co gutembagaza ubutegetsi mu bihugu vyose vyo kw’Isi cagumye ari ingorane idasanzwe ku mutekano w’ibihugu,kandi ari ikibazo kiraje ishinga, gitegerezwa kwihwezwa ku buryo budasanzwe.

Iryo tangazo ry’umugambwe CNDD FDD rirangiza ryagiriza abatavuga rumwe na Reta ko bafise imyifato yo gushaka guke kwa politike.

Kubw’iryo tangazo,ico nico catumye umuhuza yemera guhagarika ibikorwa kugira abanze aje kubimenyesha uwamutumye, imbere yo kubandanya ibikorwa vyo guhuza Abanyepolitike b ‘Abarundi kandi ashobore gukoresha ubundi buhinga.

Van Naris Mugisha

Messages

  • n’Imana gusa izobahuza ntamwana wumunt azobishobora.

  • CNDDFDD VYONTANGAZA NIMBA UTARIBWAMENYEKO BARYAMUTAVUGARUMWE TURETSE BARYAMUTAVUGARUMWE ARIKOBARI MURI RETA IRIHO UBUBU ABANDIBOSE BARIBASHIGIKIYE IRIYA KUDETA YAGERAGEJWE BIKANKA 13/05/15 ARIKO ABATARIBAKE KUGEZUBU BARATANGUYE KUBONAKO BARIBASHIGIKIYE IBITOBAGIRIYE IKIMAZI.

  • Mbe ko numva mutinya? Nagira ngo muripanze. Iyaba muzi ingene abanyagihugu twipfuza icodukurako izonda zanyu. Arega muraremereye igihugu n’abakibamwo. Kuko urukundo gwanyu mufitiye igihugu gwatumye abanyagihugu bagihunga. Abandi nabo muja kubicira mumashamba. TEMBA MUGENDE HARAGEZE!!!

  • mbe aho uvuga ngo intwaro ya cndd fdd yarambiye abarundi,bagutumy ngo ubavugire?kudeta nayo uvuga yoba haraho nawe yoguhitana kuko ubu si muri 1993 aho mwatamba mwirorera.baraya babahenda ndazi ko bazopfa inyuma yanyu mugabo ntakibazo uwo rukarisha gomumwa

  • GEZE AHO MWA BANYE POLITIQ KUKO MWESE MWANANIWE NO GUTORA UMWANZURO KU KIBAZO CUBURUNDI.IMANA NIYO IZOHUZA ABARUNDI

  • NIMUREKE KUBESHERA ABO KUKO IZO NGORANE TUGIRA TUZITEGWA NAMWEBWE ABATURONGOYE

  • Ntamvura idahita kuko ntawuzi ko namwe mwobona ko ivyo mukora ari amanyanga mugume hamwe babadunuze, babanyweshe y buki

  • Mbe mushingantahe Nyabenda hari uwabarwaje indwara yitwa Rwanda,kuki mushaka kwikuraho ingorane zose mwateje u Burundi mukazishira kuRwanda,mbe URwanda nirwo rwatumye impunzi hafi 70.000 zihungirayo harimo nabanyapolitike?

  • Murashaka mureke kwumvikana igihe kigez bizikora kk turazko cndd fdd muribisambo 10ans murya mudahaga?muzohagk none?mbe amaraso yabntu ntabanukira?mbwire uwo wese yitwaza ivya1993 sic gih co kwihora rindir Imana izobahorera ataruk naho muzokwihora nanyu Imana yongere ibashreko ivyago kuk ukugirabandi niko uzogirwa naw

  • Aba ba type ba nkuru wagirango uwabaroze yabaroze u rwanda. Rwanda rwabaye iturufu ya politique bakinisha kugirango abarundi bumve ko umwansi wabo ari urwanda. Mworondera uburyo mwokemura ibibazo mukareka kwikoma urwanda ntanyungu n imwe urwanda rufise mundyane z abarundi. Ikindi abarundi bagomba gufungura amaso bakareka guhendwa babona bakamenya ko abarundi ni abaturanyi . Bimaze imisi muhendwa ngaho ababikira bo mukamenge, ngaho ibiziga vyo murweru n ibindi bibi.Gezaho ntawubesha kabiri. Ikindi iyo turufu yo kubeshyera urwanda izobahumira akataretse kaba gasema

  • Uyu mugabo Nyabenda ngira azi ko ariko arabwira za mbonerakure ziwe. Yaduke abeshe izuba ryaka!!!! Mana!!! Erega ivyo umuhuza twese twaravyumvise. Yababajwe n´uko Leta yikuye mu biganiro ikigira mu matora ya Président kandi atumvikanyeko.

    Murihenda, ivyo vyo kwitwaza urwanda muze mubibwire imbonerakure zanyu gusa zidakoresha ubwenge. Le 26/08/2015 Nkurunziza azoba ahejeje mandat yiwe ya nyuma kandi amatora nti araba. Ibiriko biraba ni ukwidigadiga.

  • Tsindwa mwemere,nahomurintashima,kuko iyoNkurunziza abanka buyoya nta mu protestor contre 3eme yasigara.Yacazanindege aghanagura nka 1988 ukoyabikoze,ariko mubandanye umuti wimbwa bawaha kurugo,kandi ngwinyanka kubwirwa yabwiwe nukwamaso atukuye,nimuje irwanda mwige icogisilikare canyu numva hanyuma muze mumare twebwe banyarucari,ariko Imanaharaho yodukiza ubwicanyibwanyu.Mwaratanguye ngwimbonerakure,ngwinterahamwe iburundi yemama ngo murahunze kumbe mwigiriye guforma iki rebelle ?

  • ivyo ntibigishoboka umuheto uri nabawurondeye,tuzobiraba umwe wese azomenya aho yabatirijwe ntanzego zizigra zitembagazwa,CNDD-FDD KOMERA RAMBA,naho hazoba hasigaye umwe gusa mubo wareze azogwanira iteka waduhaye.

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.