Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Itangazo rya CNDD FDD inyuma y’ingingo za sentare yubahiriza ibwirizwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Itangazo rya CNDD FDD inyuma y’ingingo za sentare yubahiriza ibwirizwa (...)

Itangazo rya CNDD FDD inyuma y’ingingo za sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro

mardi 5 Rusama 2015, par Jean De Dieu

Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’umugambwe CNDD FDD, inyuma y’ingingo ya sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro, uwo mugambwe uvuga ko Abagumyabanga batihenze, babanje gushishoza mu gushira imbere uwo bashaka.

Muri iryo tangazo rya CNDD FDD, bagiriza abanyeporitike hamwe n’abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, ko bashatse guhahamura Abagumyabanga, mu kubajuragiza kugira bibaviremwo guhitamwo nabi, no kwihakana uwobazanira intsinzi yo mu mwaka w’2015. Uwo mugambwe ukavugako imyiyeyerekano, yahavuye ihinduka imigumuko, aho bavuga ko yahavuye ifata isura mbi y’amacakubiri, yibutsa ivyabaye mu myaka y’1994 n’1995.

Umugambwe CNDD FDD uvuga ko ibiriko biraba ubu, ari ikurikirana ry’ibikorwa vyo kwanka amatora. Umugambwe CNDD-FDD urashima inyifato yaranze inzego z’umutekano muri ibi bihe bidasanzwe; zarerekanye ko zidatinya kwitanga mu kurangura akazi zijejwe ko gukingira abenegihugu.

Tukabamenyesha ko abari mu myiyerekano biyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza nabo, bavuga ko vyama vyashitse ko inzego za Reta zihenda mu ngingo zifata. Uwahoze ari umuvugizi w’umukuru w’igihugu Leonidas Hatungimana umugumyabanga wa CNDD FDD aterekwa ico kiringo ca gatatu, abivuga, ati :’’ Abanyagihugu nabo, barafise ububasha bwo kwanka ingingo mbi ziba zafashwe.’’ Asaba ahubwo abari mu myiyerekano, kubandanya banka ko Petero Nkurunziza yokwitoza ubwa gatatu, binyuranye n’amategeko y’Uburundi.

Ku kibazo c’amacakubiri umugambwe CNDD FDD uvuga ko kiranga imyiyerekano, abahoze barongoye Uburundi nka Sylvestre Ntibantunganya, Domitient Ndayizeye eka na bamwe mu barongoye imigambwe nka Agathon Rwasa arongoye FNL wigenga, bavuga ko imyiyerekano irimwo bose, abahutu, abatutsi, abatwa, abakuze n’abato. Bakemeza ko iyo myiyerekano itoraba namba ubwoko, kuko amasezerano y’i Arusha n’ibwirizwa nshingiro,vyegamiye abarundi bose atagucagura.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.