IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Question G > "Dance with me" y’umurwi Question-G irashira ibirenge hasi

"Dance with me" y’umurwi Question-G irashira ibirenge hasi

jeudi 27 Ruhuhuma 2014

Umurwi wa Question-G uriko uratigita bidasanzwe mu gukora indirimbo bafadikanije n’abandi baririmvyi.

Kuri uyu munsi wa kane igenekerezo rya 27 Ruhuhuma, harasohoka amajwi y’ururirimbo Dance with me. Ururirimbo rwitiranwa n’ururirimbo rwa Jiji Seven, ariko nta "beef" kuko ntizivuga bimwe.

Abarundi barayamaze bati:"abagabo barara kubiri bakarota kumwe", abaririmvyi bo mu murwi wa Question-G bari kumwe na Patient Matabaro yatahukanye agashimwe ka Primusic mu ci riheze, bakoranye ururirimbo barwita "Dance with me". Iryo zina barihuriyeko n’umuririmvyi Jiji Seven. Ariko rero naho bayihuriyeko, nta bimwe vy’ama "beef" kuko ntaco bopfa, ntibahuriza ku majambo kandi Jiji Seven, aririmba indirimbo mpimbazamana. Ibi tubivuze kugira ntihagire abibazako batwaranye amajambo.

"Dance with me" ya Question-G na Patient Matabaro ishira amaguru mu mwanya muto, iri mu ndimi 3. Ivyo rero Josdy Prince Yossi ari muri Question-G, abisigurako barushize mu Kirundi, Icongereza n’Igiswahili kugira ubutumwa buri mu ruririmbo benshi bashoboka.

Ku muhinyanyuzi Adomix, barahakoreye n’urundi ruririmbo Question-G wakoranye n’abaririmvyi Perhaps na Lick Dog rwitwa "Noma sana". Eka na rwonyene ruzosohoka vuba cane.

JPEG - 55.5 ko
Josdy Prince Yossi wo muri Question-G

Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.