Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Denise Nkurunziza ahamagarira impfuvyi n’abapfakazi kuguma bagororokeye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Abakristo > Denise Nkurunziza ahamagarira impfuvyi n’abapfakazi kuguma bagororokeye (...)

Denise Nkurunziza ahamagarira impfuvyi n’abapfakazi kuguma bagororokeye Imana

jeudi 22 Myandagaro 2013

Mu gikorane c’ivugabutumwa cari categuwe na Sister Connection, ishirahamwe rifasha impfuvyi n’abapfakazi, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu, Denise Nkurunziza, yaribukije abari baje mu gikorane ko bokwama bahanze amaso Imana kandi bayizeye n’umutima wabo wose, kuko ariyo yonyene ishobora gutabarana urukundo abari mu ngorane. Aho hari kuri uyu wa gatatu wa 21 Myangadaro, mw’ishengero rya Methoditse Libre ry’i Mweya, mu ntara ya Gitega.

Yavuze ati : « Ibihugu bikomakomeye kw’isi birashobora gufasha no gushigikira abantu babo mu bijanye n’ubutunzi, ariko hari ivyo bidashobora gutanga, nk’amahoro yo mu mutima, gutekanirwa, agakiza, ubuzima budashira, n’ibindi bitaboneaka n’aho igihugu coba giteye imbere cane mu bijanye n’ubutunzi ».
Denise Nkurunziza yabandanije ahamagarira abari ngaho bose kwama barondera akanya ko gusoma ijambo ry’Imana, kuririmbura, kurondera kwitunganya no kugira amasengesho n’ukwizera kwinshi muri Yesu Kristo.

Yaranashimitse cane mu kuvuga ku bijanye no gusenga, gusengera igihugu, impfuvyi n’abapfakazi bari mu ngorane, kuko Imana yama iteze amatwi amasengesho y’abapfakazi n’impfuvyi. Yabivuze ashimira Denise Patch, umukuru w’iryo shirahamwe Sister Connection kw’isi, na Buconyori Joy, umuboyozi waryo ku rwego rw’igihugu, ku bikorwa bishimishije badahengeshanya gukora, n’ivyo bamaze gufasha abatishoboye bose.

Patch Denise yamenyesheje ko ishirahamwe Sister Connection ryatanguye ibikorwa vyayo mu Burundi mu mwaka w’2004, ariko ko ryari ryatanguye mu mwaka w’1976, i Mweya, igihe abavyeyi biwe b’abanyamerika bari abamisiyonari mu Burundi. Patch ati : « No mu mwaka w’i 1993, igihe igihugu c’Uburundi cari mu bihe bigoye kandi bitoroshe, n’ubwo nari nagiye kubandanya ivyigwa vyanje mu gihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika, nababaranye namwe. Barundi, barundikazi, muri abavukanyi banje ». Mu kwicisha bugufi n’icubahiro yari afise imbere y’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu, yabandanije avuga ati : « Ndashimira Imana mu buntu bwayo, ku kungene idahengeshanya kwitaho impfuvyi n’abapfakazi ».

Ubu, ishirahamwe Sister Connection rimaze kwubaka amazu agera ku 1158, rifasha mu gisata c’amagara y’abantu, c’indero n’ibijanye no gufungura ku bantu barenga 650 hamwe n’ibindi bikorwa vy’iterambere no kwiyungunganya.

Patch na Buconyori barongoye ishirahamwe Sister Connection barashimiye Denise Nkurunziza, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi, kw’iteka ridasanzwe yabateye mu kwishikira kuraba izo mpfuvyi n’abapfakazi mu bikorwa vy’ivugabutumwa barimwo.

Igikorane carangiye mu munezero ntangere, mu ndirimbo zo guhimbaza Imana, intahe z’ab’ingene ubuzima bwabo bwahindutse, hamwe n’ivyese vyateguwe n’impfuvyi n’abapfakazi basanzwe bafashwa na Sister Connection.

Mwokwibuka ko ico gikorane c’ivugabutumwa categuwe kubw’abapfakazi n’impfuvyi, catanguye igenekerezo rya 20 Myandagaro, gihere kuwa 23 Myandagaro umwaka w’2013.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.